16/07/2026
🥲 : Umukenyezi yaratowe ikiziga ku ruzi inyuma y'iminsi itarenga itatu agize ubugeni...
----------------------------
📍Uwo mukenyezi yari yagize ubugeni ku munsi wa gatandatu uheze w'igenekerezo rya 11 2026, aca atorwa ikiziga ku nkengera z'uruzi ku wa 14 Mukakaro 2026 inyuma y'iminsi 3 agize ubugeni ku mutumba wa zone na komine intara ya
🥹 Nk'uko vyiganwa n'ababanyi co kimwe n'abagenzi, ngo uwo munsi uwo mukenyezi yitaba Imana yari yaraye afashwe n'ingwara idasiguritse baca baramusengera arakira. Bukeye mu gatongo igihe c'isaha zibiri z'agatondo (8h) uwo mukenyezi yajanye n'umushingantahe wiwe kw'isoko bagiye kugura amakara. Bugingo bagomba bashikeyo , niho nyamukenyezi yasubira muhira ngo agiye kuzana akantu bayatwaramwo, ariko ngo ntiyatumbereye muhira yaciye afata iyindi nzira
🤔 Umugabo wiwe, ngo yararindiriye ko wa mugeni wiwe agaruka arabura, niho yasubira muhira naho nyene aramubura, aca atabaza ababanyi bararondera iyo yagiye barabura baca bamutora ikiziga ku nkengera z'uruzi igihe c'isaha 10 z'umugoroba (16h)
❌ Nk'uko babandanya babitwiganira, ngo nta kimenyetso na kimwe cerekana ko uyo mukenyezi yoba yaguye mu ruzi agasoma nturi kuko n'inda yiwe itari yuzuye nk'umuntu yoba yanyoye amazi. Eka ngo nta n'icerekana neza ikintu yoba yarabaye catumye yitaba Imana , bagasaba ko hoba amatohoza
📞 Girukwishaka Isaac arongoye zone Muhanga aremeza ayo makuru, ariko avuga ko uyo mukenyezi yari afise ikibazo c'indwara igomba kumera nk'iyo mu mutwe yatanguye kumufata hasigaye nk'iminsi 3 kugira ngo agire ubugeni
✍🏽 Ku bivurwa ko uyo mukenyezi yoba yariyahuye, uwo mutware avuga ko bigoye kwemeza kuko ata kimenyetso na kimwe kivyerekana, ariko aremeza ko muri iyo zone hakunda kuba ivyo kwikekana mu gukoresha amangetengete y'uburozi , ku bijanye n'urwo rupfu naho nyene hariho abavyikeka ariko ngo nta woca avyemeza neza kuko ata wikekwa canke avyagirizwa
source:Jimbere Magazine