12/10/2026
: Abasirikare bari mu mugwi w’10 uheruka kuva mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n'umutekano mu gihugu ca "Centrafrique" batanze imfashanyo abana barerewe mu kigo c'impfuvyi c'i Kiremba
Kuri uwu wa 10 Gitugutu 2026, abasirikare bari mu mugwi w' 10 uheruka kuva mu gihugu ca "Centrafrique" kugarukanayo amahoro n'umutekano batanze imfashanyo igizwe n’ivyankenerwa bitandukanye abana b'impfuvyi bakenera mu kigo kirerewemwo abo bana kiri muri zone Kiremba, komine Bururi mu ntara ya Burunga, mu gukengurukira Imana ko yabarinze igihe cose bamaze muri ivyo bikorwa.
Uwari arongoye uwo mugwi w’ 10, Colonel Manirakiza Théobard, yamenyesheje ko ico gikorwa baciyumviriye baravye ahari abakeneye ubufasha gusumba abandi, ngo kuko igikorwa co kurera impfuvyi gisaba uburyo bwinshi cane.
Umuyobozi w'ico kigo c'irerero kiri i Kiremba, François Ntiranyibagira, yashimye iyo mfashanyo, aca avuga ko ico kigo cakira abana babura abavyeyi babo bakivuka, bakwije imyaka itanu bagaca babarungika mu miryango baje bavamwo. Ngo kuva ico kigo gitangura, kimaze kuramura abana barenga igihumbi. Ubu ngo bafise 76, kuva uwu mwaka w’ 2026 utangura ngo bakaba bamaze kwakira abana 22.
Umuyobozi w'ico kigo yabandanije amenyesha ko bamaze igihe bariko barakira abana benshi batahora bakira ku mwaka, kandi ngo abo bana bakenera vyinshi cane vyo kubagaburira no kubambika. Ngo kubona baragize ico ciyumviro co kuja gufasha abo bana, ngo uwo mutima Imana izowubahembere.
Yaciye atera akamo n'abandi babishoboye kuja guseruka kuri abo bana, ngo kuko "Uwuguranye umworo aba aguranye Imana".