Union Des Jeunes Engages Pour l'Auto-développement

Union Des Jeunes Engages Pour l'Auto-développement Union des Jeunes Engages pour l'Auto-Développement UJEAD-Burundi Bw'ejo en sigle est une associatio

Tubamenyeshe ko twongeye gutangura kwigisha umwuga wo gukora amasabune. GIFURA canke IYAMAZI. Vyose turiko turavyigisha ...
31/10/2024

Tubamenyeshe ko twongeye gutangura kwigisha umwuga wo gukora amasabune. GIFURA canke IYAMAZI. Vyose turiko turavyigisha mumwanya atari munini ariko ukagenda wuzuye ubumenyi. No kubipfiza kumenya gukora amavuta namwe biriho.
Iyandikishe ntucikwe Naya mahirwe. Kuriha ntibivunye kiretse ko utanga Ayo kugira ivyo wigirako. Vyinshi twandikore kuri 68682121/ 71420617

Inyuma y'imisi ine (4) gusa bigishwa gukora isabune bamaze gutangura kuzikoresha mumihana yabo no mukibana. Abo ni abige...
09/08/2024

Inyuma y'imisi ine (4) gusa bigishwa gukora isabune bamaze gutangura kuzikoresha mumihana yabo no mukibana. Abo ni abigeme bafashwe mumugongo n'ishirahamwe ryo muntara ya commune umutumba . Uwurirongoye yarituye Ujead Akeza kugira ngo rimwigishirize Abo bakenyezi. Vyagenze neza cane kuko nkuwurongoye narabikoze nkuko nsanzwe ndabikorera nabandi.
Nawe ntutinye kutwitura kuko tubikorana umutima mwiza n'urukundo rwumwuga utubeshejeho.

  nkuko twabemereye kubazanira amavuta   mwicupa kinini, twabishikije. Twazanye SALTA UMWAKAKA mwicupa rya 250g kandi ni...
11/07/2024

nkuko twabemereye kubazanira amavuta mwicupa kinini, twabishikije. Twazanye SALTA UMWAKAKA mwicupa rya 250g kandi niyayandi nyene. Aratagatisha, akafasha kurukoba kandi nikama.

Inyuma ya bakenyezi twigishije umwuga iyindwi twari twayihariye abakenyezi bo mu ntara ya Bubanza muri zone   hasanzwe h...
04/05/2024

Inyuma ya bakenyezi twigishije umwuga iyindwi twari twayihariye abakenyezi bo mu ntara ya Bubanza muri zone hasanzwe hari icicaro gikuru ca . Mumisi itarenze ine b**a nivyo ivyo bagezeko. nti twigisha ivyokwandika ahubwo twigisha gukora. Abobakenyezi ntamashure bizet ariko ivyo bakora nivyabize. Ushobora kuba wibaza ko harivyabize bakorora ariko wewe utoshobora, ubuhinga burigwa bukamenyekana. Twikoreko tugufashe kndi mumwanya muto.

Wari umunezero ntangere igihe abakenyezi bo muri Buterere Bari bahejeje inyigisho zo guhingura isabune nari maze indwi y...
02/05/2024

Wari umunezero ntangere igihe abakenyezi bo muri Buterere Bari bahejeje inyigisho zo guhingura isabune nari maze indwi yose ndabigisha. Baramenye nanje biranshimisha kuko berekanye ubushobozi buri muribo. Nari natumweko n'ishirahamwe mumugambi waryo SHE RISES FOR CHANGE ufashwe mumugongo na . Inyigisha zagenze neza cane kndi twagisha abatize amashure harimwo nabamwe bo mubwoko bw'abatwa ariko Bose barashoboye gutahura neza. Isabune ntanumwe zonanira gukora kandi akabikora kamwuga.

Inyuma y'imisi twiyumvira kukintu kijanye na   de normes zivyo duhingungura uko ruzoboneka,   ifadikanije n'a   Bari ban...
18/03/2024

Inyuma y'imisi twiyumvira kukintu kijanye na de normes zivyo duhingungura uko ruzoboneka, ifadikanije n'a Bari bangendeye kumusi wa Kane igenekerezo rya 14/3/2024 kugira ngo birabire ivyo nkora nuko ndabikora, aho ndabikorera nababikora muntumbero nukuntu nokwiza ibisabwa ngo mpabwe urwo ruhusha. Nkuko babisanze basanze KO ivyo guhinduri ari bike ugereranije nibisabwa kandi bakabona ko bitobuza ko ndabikosora mumwanya muto. Muvyo bansavye harimwo gutanga imitahe Mike kubandi banyamitahe kugira ngo amahera akenewe aboneke. Kubwivyo turiko turakora cane kugira ngo certificat de normes tuyihawe. Abatugirira ni mubandanye mudushorera kuko vyiza biri inyuma.

N'ejo aho bukera kuri Radio Voix d'Espoir Ijwi Riremesha aho twatumiwe mukiganiro kijanye nivyo dukora. Tuzoba turikumwe...
11/03/2024

N'ejo aho bukera kuri Radio Voix d'Espoir Ijwi Riremesha aho twatumiwe mukiganiro kijanye nivyo dukora. Tuzoba turikumwe n'abandi rero uratumiwe kuzocumviriza ushobora kuhakura iryogufasha.

UKO NDABIBONAMfise ivyo mbona ariko ntatahura kumwe nabenshi. Nagiriwe amahirwe yo kwitabira inyigisho zijanye n'isoko r...
10/03/2024

UKO NDABIBONA
Mfise ivyo mbona ariko ntatahura kumwe nabenshi. Nagiriwe amahirwe yo kwitabira inyigisho zijanye n'isoko rusangi ny'Africa kuva 6-8/3/2024 Aho twahuye n'akora nkabigenga hamwe nabaserukiye Leta. Nabajije ibibazo vyinshi.
Mbega muriyo Soko twiteguye gushora yiki?
Muburundi Leta ntako idakora ngo urwaruka rwijukire entrepreneuriat eka irihuriro kugira itange ingurane kurwaruka. nayo irahari kandi iriko ibikora neza cane. yabadame nuko ariko none ivyo birakwiye.
Abantu bafise Ama faranga mugihugu nukuri sinibaza ko batemvera ibindi bihugu ngo barabe aho nageze muvyamahinguriro. Ntibaramenya ko urwaruka tudashoboye gutangura mahinguriro yohingura ibisohoka hannze. Eka subu kandi si nejo kuko imitahe dufise canke ingurane duhabwa ninto cane ntaco zofasha kiretse ko uguma hahandi utagize ikibazo ngunasubirinyuma.
Tereza amaso mubisaga amazu yubakwa, imiduga izimvye igurwa n'abantu vyoshobora kwubaka amahinguriro meza agatanga akazi,ikori akaninjiza amahera yagaciro.
Ariko harabibaza ko ivyo Leta iriko irakora biciye muri Nahandi arukugira ngo urwo rwaruka rushore hanze rwonyene ariko suko nukugira rushire ahabona imigambi Hama abafise amahera bazanemwo Hama inganda zibeho. Ariko nabagize ngo bayazane baza atarabo gukora ahubwo arabo gucinyiza uwo mujeune kugira ngo yiyomore kndi atahandi aja.
Twikebuke tumere nkibindi bihugu nukuri uburundi twokundana ntaco tutohindura ariko usanga umengo dukeneye KO uwundi aguma ateze amashi naho yoba yaragize ico akora.
Nawe urafise uko ubibona

Iyo mbariye urwaruka KO atabidashoboka muri entrepreneuriat baca bavuga ngo nuko nabikoze b**akunda. Wapi natanguye vyan...
28/02/2024

Iyo mbariye urwaruka KO atabidashoboka muri entrepreneuriat baca bavuga ngo nuko nabikoze b**akunda. Wapi natanguye vyanka ntabona nuko nzobandanya ariko nkomeza gukora. Uyumusi ndakora ntizeye kunanirwa. Ndumwe mubitavue irihuriro ry'urwaruka rufise imigambi kugira tuyidandaze mubanyamitahe. Ejo nduwabiri mubazopresenta imbere yaba bosse 12 bafise amahera. Nditeguye gukora akazi kanje neza hamaAllah ahezagire.

Kugira icizere abo murikumwe niyo ntsinzi idahusha. Dukorana turi bane muri  . Turi inkingi zidatana urusenge tugeretswe...
12/01/2024

Kugira icizere abo murikumwe niyo ntsinzi idahusha. Dukorana turi bane muri . Turi inkingi zidatana urusenge tugeretsweko. Twese twarahejeje kaminuza. Babiri muri twebwe turigisha muri kaminuza ariko tubona kumwe ibintu. Ivyo noshikira bake. Sinkihangayikishwa nokwama niyumvira jenyene nkuko umengo abandi nije ndabafitiye ubwenge. Ndabahanura bakampanura. Bose baranzi ihangiro. Ntidukora umwanya dukora akazi. Ntamushahari twibaza tuciga dufise ariko turiko twubaka kazoza kaboneka. Ugwaruka nararwizeye ruranyizera none ndabona uko bimeze. Ubu tumaze guha akazi abarenga 30 Kane benshe nabo twigishije. Marketing baraayikora neza kuko tuba turikumwe kenshi mbere ibitugora nivyo bibagora. Ico turiko twubakira hamwe muzokibona mumisi kuko imbono dufise niyo bafise. Ego abavuga menshi bariho bagatuma ihangiro baricereza ariko ntibazorisubiza inyuma. Rwaruka, turashoboye tubura abatugirira icizere nayubundi twobikora.
Paeej-Burundi , Sintuka Ramadhani , U.S. Embassy Bujumbura, Burundi

Nawe urahawe ikaze kuza gukorana n'a UJEAD AKEZA. Uyumusi twiteze impinduka ukomeye muri business na marketing kuko ejo ...
08/01/2024

Nawe urahawe ikaze kuza gukorana n'a UJEAD AKEZA. Uyumusi twiteze impinduka ukomeye muri business na marketing kuko ejo haheze twarize bikwiye. Turacakeneye Abo dukorana kuko ntawutera imbere atarikumwe nabandi.

Ndabamenyesha ko ata musi numwe ivyo uzokorana umwete, ubwenge nubukerebutsi bizonanirana kwiyerekana. Uyumusi turashima...
06/01/2024

Ndabamenyesha ko ata musi numwe ivyo uzokorana umwete, ubwenge nubukerebutsi bizonanirana kwiyerekana. Uyumusi turashima intambwe tugezeko muri UJEAD AKEZA turavye aho twahereye. Urugendo turacari rurerure ariko hamwe n'Imana n'abantu vyose bizokunda. Ukeneye produits zaca Karibu muri centre ville de Bujumbura kuri Boulevard de l'uprona numéro 5 mukigo ca Restaurant Beirut imbere ya face à face.

Address

Nyakab**a III-10th Avenue No 26
Mutanga
00257

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Union Des Jeunes Engages Pour l'Auto-développement posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Union Des Jeunes Engages Pour l'Auto-développement:

Share