16/01/2024
Mwari muzi ko gucana ibiti bifise ingaruka mbi kubuzima bw’abantu n’ibidukikije ?
Ibice 97 vy’abarundi bacana igiti. Aha twovuga nk’amakara n’inkwi nk’ukwo tubikesha urwego rw’igihugu rwegeranya ibiharuro ISTEEBU. Ariko rero igiti kirarekura imyotsi. Nko mu gihe c’imvura hoho, gucana usanga ari urugamba rukomeye cane. Inkwi zumye aba ari umuzi w’ibuye n’ayo amakara akenshi aba yanyagiwe. Iyo vyatse n’aho birekura imyotsi myinshi.
Iyo upfukamye imbere y’iziko ucana rero, nk’ukwo tubimenyeshwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS mu rurimi rw’ikinyamazuru, umuriro uronona akabiribiri gateyeko ingohe. Iyo bibaye kenshi rero, biraheza bikagabanya kubona. Ivyo kandi ngo biratera n’ingwara z’amaso nk’uruhumyi.
Mu Burundi, akenshi hacana abagore n’abana nk’ukwo tuvyiganirwa n’umuhinga mu vy’inyifato. Abana bama hafi ya ba nyina b’abo,iyo bariko baracana bivanganye n’ugufungura nabi, biratuma baba ibikuri.
OMS yerekana ko iyo turiko turahuha umuriro hariho umunyota winjira mu mahaha no mu maraso harya dukweze impwemu.
Rero ngo kubana n’imyotsi biragabanya ubushobozi bwo guhema bigatuma dushobora kwandura nk’ingwara bita mu kinofunofu AVC, Kanseri y’amahaha....
Mu 2020, OMS yekerekana ko imiriyoni 3,2 z’abantu bapfuye kw’isi yose kubera imyotsi. Mu Burundi hoho ni ibice bitanu kw’ijana.
Kubera gucana igiti, imisozi isigaye iri gusa. Mu ntara zegereye igisagara ca Bujumbura ngo bisa n’ivyaheze, nkukwo vyemezwa n’umuhinga mu bidukikije Frederic Bangirinama.
Kugira dukingire amagara yacu n’ibidukikije, Léonidas Nzigimpa, wo mw’ishirahamwe riharanira ibidukikije 3C amenyesha ko abarundi bokwijukira gukoresha gaz hamwe n’umuyagankuba. Ariko ngo Reta yobigiramwo uruhara runini.
Mbega ko mu Burundi abantu benshi bagwaye amaso vyoba bifitaniye isano no gucana igiti ?
Fyonda hano kugira wisomere inkuru yose:
Difficile de faire du feu en saison de pluie. Genoux à terre, accroupi devant son foyer ouvert, Claudine allume le feu avec les bois de chauffage ce mardi 02 Janvier à Ruvumvu, en zone, commune et province Bubanza, au Nord-ouest du Burundi. Néanmoins, le feu ne s’allume pas. A défaut du feu se...