25/05/2025
LE 18/05/2025
Avec notre Rév. Past BINAGANA Amon
Theme : IGIHE
📖 Umusiguzi 3:1,11,14 & Umusiguzi 8:5-6
Igihe niki? ⏩ Igihe ni ubushobozi bukorera mw'isi kuvyaremwe (ibifise ubuzima) vyose.
🗣️ Ibintu vyose bigenda birakurakuranwa ,bibera mu gihe.Ikintu cose kigushikira ntikiza giturumbuka kuko ntakibaho imbere canke inyuma y'igihe vyose bibera mu gihe.
🔥 Igihe kiza gihetse ibintu ,vyaba vyiza canke bibi utegerezwa kwiga kubana navyo kugirango ntibizogutirimutse.Kubwivyo umwe wese akwiye kumenya igihe ciwe n'uburyo yitwara murico gihe.
🚨 Impanuro yaduhaye nuko mubihe bigoye tudakwiye guheba Imana kuko igihe kirarengana hakaza ikindi, dukwiye kwiga uburyo tuba mugihe tugezemwo.
Yarangije atwibutsa : kikwicarika kuntebe nyuma kikayigukurako, kiraguhaza nyuma kikagusonzesha , ntikigira inyongera (prolongation) hagezeko kirangira ntawugihagarika.
Ncuti mukundwa uri mubihe bitoroshe humura bizorangira kuko igihe kimeze nka page zigitabu uzingurura mugihe gikwiye harayandi mateka (histoire) akurindiriye mugihe kirimbere,icusabwa nuko wiga kuba mu gihe ugezemwo,nawe urimubihe vyiza, iga kubana navyo kuko ikintu cose gifise igihe caco
Imana iduhane umugisha