08/08/2026
🛑 :📢💁 Tugaruke gato k'ubugizi bwa nabi twaraye tubonye bwo gutera kuri Centre Rango ya Zone .
✍️ Amakuru dukesha Société y'Abacity (🦒 Girafe City Security Company) kuri Centre Rango amenyeshako nk'igihe c'isaha zitanu n'igice (23h30) hadutse abantu 4 bihimbiye urukanwa baca batora amabuye barayazingazingira ku mu kuyashwiragiza mu bantu. Imana yakinze kuko ngo kiretse impuzu Z'Abacity zatabutse ku mipfuko bariko baracakira abo bihimbiye urukanwa ntawakomeretse canke ngo hagire icononekara.
☝️ Inyuma yo gucakirwa bose, 2 bakabwira AbaCity ko bari baje guhanura abateye kuko ngo ari abagenzi babo,2baciye barekurwa abandi bashikanwa imbere y'abajejwe umutekano kumvo z'amatohoza.
🤌 Mwomenyako muri iri joro nyene ryo ku wa 8/08/2026 hari n'umugabo yacakiranwe ibirayi mw'igunira ageze aho bita mu rya Kharfan mu gisagara ca Kayanza yitwa SINABIKEKA Yohani yemeza agifatanwa itonga ko avyivye k'umutumba Bubezi rero ko yorekurwa kuko ataribo abitwaye. Muri ako kanya nyene hafi isaha zitandatu z'ijoro abajejwe umutekano baciye bahaca bariko baraba uko umutekano wifashe baca baramwiyegereza mu mvo z'amatohoza.