16/08/2024
🤔 Ese kuvuka atawe wasavye ngo akuvyare, wakura ugasanga uwakuvyaye ntiyakwiyanditseko !
💔 Biragoye gutahura ikiba kiri mu mutima w'umuvyeyi asama canke atera imbanyi, bigahera ayihakanye, uwutayihakanye nawe ntiyandikishe umwana amaze kuvuka, maze uno akazokura ata bavyeyi bazwi n'amategeko afise 😔 Ibi bintu birazana ingorane mu buzima bw'abatari bake babibayemwo. Nivyo tugira tuganire 👇🏽
🔢 Duhere ku biharuro. Ishirahamwe UNICEF Burundi ritubwira ko kw'isi yose, abana batanditswe muri Reta bagera ku miriyoni 164. Muri abo, abagera ku miriyoni 91, bari muri Afrika.
🇧🇮 Mu Burundi, UNICEF nyene ivuga ko mu bana bahari, abagera ku bice 84% bari munsi y'imyaka itanu aribo banditswe mu bitabo, hamwe n'ibice 74% vy'abari munsi y'umwaka.
🗾 Intara ya Kirundo ngo niyo ifise ibiharuro biri hasi cane. Ibice 54% vy'abana bari munsi y'imyaka itanu baranditswe. Nayo ibice 66% gusa nibo bafise impapuro z'amavuko.
🚧 Intambamyi zitatu nizo zituma izo mpapuro ziteba : ikiringo gito, imisi 15 ntarengwa niyo itegekanijwe kwandikisha umwana; ikiguzi co kwandisha abana kiba kinini ku miryango y'amikoro make ; hamwe rero n'ingendo ndende abavyeyi bafata bagiye kwandikisha abana.
🙋🏾♀️ Naho biri uko, "Umwana wese arafise uburenganzira bwo kwandikwa akivuka. Iyo abwatswe, kazoza kiwe gashobora guhura n'ingorane. Nko kugira ubugeni hataragera, kumukoresha ibikorwa biruhisha akiri muto, n'ibindi". Bivugwa na France Bégin, aserukira Unecef mu Burundi.
🛟 Mu ntumbero yo gutorera inyishu izo ngorane, iryo shirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y'abana, kuva mu 2023 rirafasha abavyeyi kwandikisha abana mu ntara ya Kirundo.
Hakoreshwa ubuhinga butuma abakorera mu gisata co kwandika bakorera hafi y'amavuriro, kugira ngo abana bavuka canke bazanye abana ku rucanco rwa mbere, bace bagirako babandika. Ivyo rero vyaratumye abo vyahora bigora kuja kwandikisha abana bisa n'ivyoroha.
👏🏾 Biciye muri ico gikorwa, abana barenga ibihumbi 264 baranditswe. Muri abo, abarenga gato ibihumbi 83 ni abahungutse. Muri UNICEF bipfuza ko kuva ubu gushika mu 2030, ata mwana n'umwe yoba atanditswe mu bitabo vy'amakomine. Inkomoko : https://bit.ly/3SMrVVw.
⏮️ Tukibuka ko haciye imisi 5 isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe kwandikwa mu bitabo vy'intwaro. Ni buri wa 10 Myandagaro.
✍🏾 Muri "commentaire ya mbere", murahasanga "link" ibugururira inkuru ya Anita*, umwigeme yakuze atazi se, ata n'aho vyanditse n'ingorane ivyo vyamuzaniye.