Thierry Nzisabira

Thierry Nzisabira I am a bachelor.

I am an Evangelist of the Gospel of The Finished Work of Christ ( His Death-Burial-and-Resurrection),
I am a journalist ( a reporter and Presenter of cultural program) for 9 years and a Chargé of Program at Radio Colombe FM for 4 years.

12/03/2025
10/03/2025

Uyu n'umudandaza w'impuzu avandereza mw'ibarabara twahuriye muri quartier Gikizi kw'ibarabara ry'indwi muri Zone ya Kamenge mu Gisagara ca Bujumbura, Aho amenyeshako yahevye kudandaza mw'ibotike aja muvy'impuzu kuko niho yaronkeye igisumbije ikindi.

Intambamyi bahura nazo n'uko akazi kabo katemerwa n'amategeko Nico gituma abajejwe umutekano baguma babirukako.

Kimwe muvyo abadandaza ibidandazwa babitembereza mw'ibarabara basaba n'uko bokwemerwa n'amategeko ariko bakarihishwa ikori ritavuna kuko Niko kazi kababeshejeho.

Mwomenya ko Urudandanzwa rw'abatembereza ibidandazwa mw'ibarabara ni kimwe mu bibeshejeho abenegihugu benshi mu bisagara bashika Ku bice 85 kw'ijana nko mu gisagara ca Bujumbura nkuko bimenyeshwa n'icigwa cakozwe n'urwego ISTEBU mu mwaka wa 2013.

Celui-ci est l'un des vendeurs d'habit rencontré à Kamenge dans le quartier Gikizi en ville de Bujumbura faisant du commerce ambulant, où il déclare avoir abandonné son commerce de boutique alimentaire pour se lancer dans la vente des habits dans la rue pour améliorer sa vie.

Le problème qu'il rencontre dans son travail, c'est que la police l'arrête souvent car disant que son commerce est illégal.

Ce commerçant ambulant demande que leur commerce soit légalisé mais qu'ils puissent payer une taxe moins chère par rapport à ceux travaillent dans les magasins ou dans les marchés.

Le commerce ambulant fait vivre beaucoup de gens, car 85% des commerçants sont le commerce informel dans la ville de Bujumbura d'après une étude de l'ISTEBU de 2013.

08/02/2025
11/11/2024
24/10/2024
21/10/2024
* *Igikorwa ciza uwizeye Kristo Yesu akora ntawutogishima, ariko sico catumye ukizwa kandi sico kigumiza mu gakiza k'Ima...
20/10/2024

* *

Igikorwa ciza uwizeye Kristo Yesu akora ntawutogishima, ariko sico catumye ukizwa kandi sico kigumiza mu gakiza k'Imana. Ntawutoshima ivyamwa vya mpwemu uwizeye Kristo agaragaza ariko sivyo vyatumye akizwa kandi sivyo bimugumiza mu gakiza katanzwe n'Imana muri Kristo Yesu !

Mbega abizeye Kristo bakijijwe gute?!

Intumwa Paulo yandikiye gurtya Abanyefeso, si Kubw'ibikorwa ahubwo ni kubw'ubuntu mwakijijwe mu Kwizera kuko ari ingabire y'Imana, kubw'ivyo ntihagire uwirarira canke uwuvyishimira.

*Abanyefeso 2:4-6*
*Arikw Imana, kukw ar' umutunzi w'ikigongwe, kubg' urukundo rwayo rwinshi yadukunze, hamwe twari tugipfuye, twishwe n'ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo- ubuntu nibgo bgabakijije- yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw ijuru, turi muri Kristo Yesu,*

*Abanyefeso 2:8-10*
*Ubuntu ni bgo bgabakijije kubg' ukwizera: na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebge, n'ingabire y'Imana; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo hoye kugira uwirarira. K*ko tur' ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.*

Niba ari ibikorwa vyiza umuntu akora kugira akizwe kandi abandanye akizwa canke aharurweko Ukugororoka mu nyonga h'Imana bisigura ko Igikorwa c'Ubuntu bw'Imana yadukoreye igihe yatangako Yesu Kristo nk'ikimazi ngo aducungure maze adutsindanishirize cabaye impfagusa, kuko bisigura ko bitari bikenewe ko Kristo apfira ivyaha vyacu kuko dushoboye kwikiza no kwicungura no gutsindanishirizwa Kubw'ibikorwa vyacu vyiza!

Umviriza ingene intumwa Paulo yakosoye intumwa Petero igihe yaragishira imbere ibikorwa vyo kwumvira ivyagezwe canke ibikorwa vyiza!

*Ab'i Galatiya 2:13-17*
*"Kandi n'abandi Bayuda bahumbana na we, bitayeko na Barunaba atwarwa n'ubgo buhumvyi bgabo. Ariko mbonye badaca mu nzira igororotse, nk'uk' ukuri kw'ubutumwa bgiza kuri, mbaririra Kefa imbere ya bose, nti Ko wewe witondera ingeso z'abanyamahanga, zitar' iz' Abayuda, kand' ur' Umuyuda, ugobera ute abanyamahanga kuba nk'Abayuda?
Twebge mu kameremere kacu tur' Abayuda, ntitur' abanyavyaha bo mu banyamahanga. **Ariko tuzi yuk' umuntu adatsindanishirizwa n'ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe, arikw atsindanishirizwa no kwizera Yesu Kristo.** ***Natwe twizeye Kristo Yesu, ngo kwizera Kristo kube ari kwo kudutsindanishiriza, atar' ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe; kukw ata muntu atsindanishirizwa n'ibikorwa bishinzwe n'ivyagezwe***. Ariko namba twabonetse ko tur' abanyavyaha, hamwe twarondera gutsindanishirizwa no kuba muri Kristo, mbega Kristo n'umukozi agabura icaha? Eka na mba!"*

Umva, kuvuga ko umuntu akizwa kubw'ubuntu mu Kwizera Kristo Yesu tutarinze guharura ibikorwa vyiwe bibi canke vyiza akora, si kubw'ibigumbagumba tubivugira ariko biva Ku kumenya neza Ubuntu bw'Imana bishingiye kuco intumwa za Kristo Yesu zadusigiye nkuko ukuri kw'inyigisho za Kristo Yesu zidashobora guhindagurika ngo kuko umuntu yeretswe canke yarose canke akekeranya!

Paulo yabariye Petero ngo kuko *turazi* ko umuntu adakizwa Kubw'ibikorwa bishingiye kukwumvira ivyagezwe arivyo abenshi bita vyiza mbere bakavuga ko bavyishimira kuko uwutabifise atabasha kuja mw'ijuru, iryo jambo ngo Turazi ni Kumenya udakekeranya gushingiye kuco ivyanditswe vyo mw'isezerano rya kera bihishura kuri Kristo, mbere intumwa Paulo yarabihishiriye n'ab'ikorinto ingene twakijijwe!!

*1 Ab'i Korinto 15:1-4*
*"Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa bgiza, ubgo nababariye, namwe mukabgakira, kandi mukabuhagararamwo, kandi mugakizwa na bgo, asangwa mukibufashe nk'uko nabubabgiye, sh*ti mwoba mwizereye ubusa.
K*ko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk'ukw ivyanditswe bivuga, agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk'ukw ivyanditswe bivuga;"*

Bisigura intahe dushingira Kristo Yesu canke ukuri twigisha kuri Kristo Yesu gutegerezwa kuba gushingiye mu vyanditswe n'abavugishwa bo mw'isezerano rya kera !! Kandi Bose bavugishijwe ivy'ugupfa no guhambwa no kuzuka kw'umwami n'Umukiza wacu Yesu Kristo, uhereye Kuri Mose ukageza kuri Malaki, Niko Yesu Kristo yavuze ko bashingira intahe ivy'imibabaro ya Kristo ( Ugupfa no guhambwa kwiwe) nivy'ukwinjira mu bwiza bwiwe ( Ukuzuka no Kuduzwa mw'ijuru).

*Luka 24:25-27*
*"Arababgira, ati Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abavugishwa n'Imana bavuze vyose! Mbega Kristo ntiyar' akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe? Atangurira kuri Mose no ku bavugishwa n'Imana bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we."*

*Luka 24:44-48*
"*Arababgira, at' Aya n'amajambo yanje nababgira nkiri kumwe namwe, y'ingen' ivyanditswe kuri jewe vyose mu vyagezwe vya Mose no mu majambo y'abavugishwa n'Imana no muri Zaburi bikwiye gushika. Maz' abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe. Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu, kandi yuk' ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu. Namwe mur' ivyabona vyo kuvuga ivyo."*

Ariko Ndasubiyemwo ndabishimangira ntitwakijijwe Kubw'ibikorwa vyacu vyiza ariko twakijijwe kubw'ubuntu bw'Imana mu Kwizera Kristo Yesu gusa ico yadukoreye mu Gupfa-guhambwa-no-kuzuka kubwo kudutsindanishiriza canke kugira duharurweko Ukugororoka mu nyonga h'Imana !!

Agakiza umuntu agahabwa Kubw'ubuntu mu Kwizera si Kubw'ibikorwa, rero ntihagire uwiratira ibikorwa vyiwe vyiza canke ibitangaza akora canke ivyo atanga canke ivyamwa vyiza agaragaza nkuko arivyo bituma Imana imwemera canke imushima.
Burya Imana yadushimye kuko twizeye Kristo Yesu gusa, kuko yaramushingiye intahe ngo Ng'uyu mwana wanje nkunda akampimbara, rero uwutizeye Kristo Yesu ntahimbara Imana naho yoba afise ibikorwa vyiza, ariko uwizeye Kristo Yesu naho afise ibikorwa bibi arahimbara Imana !
Mbega bisigura ko ndiko ndahamagarira abantu kuguma mu bikorwa bibi?! Oya namba, sivyo mvuze. Ahubwo mpamagarira abizeye Kristo Yesu gukora ibikorwa vyiza kuko inyuma yo kwakira agakiza kabonekera muri Kristo Yesu kubwo Kwizera, Nico buri mukristo ahamagarirwa kwama ivyamwa; mugabo ivyo vyamwa agaragaza sivyo bituma aguma muri Kristo Yesu ahubwo ni Kristo Yesu atugumiza muri we kuko bidashoboka ko aduta canke ko tumucika kubera ibikorwa vyacu bitanengeseye!

Umviriza ico ubwiwe Yesu Kristo yivugiye kubw'intama ziwe canke abamwizeye ingene badashobora gupfa rubi canke ngo batakaze agakiza!

*Yohana 10:24-28*
*Abayuda baramukikiza, baramubaza, bat' Uzogeza ryari gutera imitima yacu kujuragira? Asangw' uri Kristo bidufoborere. Yesu arabishura, ati Narababgiye, ariko ntimwizera: ibikorwa nkora mw izina rya Data, ni vyo binshingira intahe. Ariko ntimwizera, kuko mutar' abo mu ntama zanje. Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, kandi nanje mbaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gush*tsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje."*

*John 10:24-28 AMPC*
*"24 So the Jews surrounded Him and began asking Him, How long are You going to keep us in doubt and suspense? If You are really the Christ (the Messiah), tell us so plainly and openly.
25 Jesus answered them, I have told you so, yet you do not believe Me [you do not trust Me and rely on Me]. The very works that I do by the power of My Father and in My Father’s name bear witness concerning Me [they are My credentials and evidence in support of Me].
26 But you do not believe and trust and rely on Me because you do not belong to My fold [you are no sheep of Mine].
27 The sheep that are My own hear and are listening to My voice; and I know them, and they follow Me.
28 And I give them eternal life, and they shall never lose it or perish throughout the ages. [To all eternity they shall never by any means be destroyed.] And no one is able to sn**ch them out of My hand."*

Urumva ko na wewe ubwawe ntushobora kwishikura mu kuboko kwa Yesu umaze gucika intama yiwe, kuko uba uwudafise uburenganzira bwo kumucika umusi wacitse intama ya Kristo Yesu ! Ufise uguhitamwo ko kumwizera canke kutamwizera ko Yesu Kristo ariwe Mana yambaye umubiri akagufira Ku musaraba Kubw'ivyaha vyawe vyose maze agahambwa hanyuma akazuka kubwo kugutsindanishiriza !
Uhisemwo kumwizera, utakaza uburenganzira bwawe bwo kutamwizera, ariko wanse kumwizera uba uri musi y'urubanza rw'urupfu rw'ibihe bidashira kiretse uhisemwo kumwizera!!

*Yohana 3:14-18*
*"Kand' uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni k'Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa, ng' umwizera wese ahabge ubugingo budashira. K*k' urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w'ikinege, ng' umwizera wese ntaz' apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. K*kw Imana itatumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we. Umwizeye ntazotsindwa n'urubanza, arik' utamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry'Umwana w'Imana w'ikinege."*

Rero Kwizera Kristo Yesu nibwo buryo bwo nyene bwo guhimbara Imana, kandi Ukwizera ntikuva mu bikorwa ariko Ukwizera Kristo Yesu kuragushoboza gukora ibikorwa vyiza!

Muri make Ibikorwa vyiza sivyo vyatumye dukizwa, ariko ibikorwa vyiza biratuma abatarizera bumviriza Ubutumwa bwiza bwa Kristo Yesu tuvuga, kuko Ubutumwa bwiza bwa Kristo Yesu nibwo butuma umuntu ahabwa Kwizera Kristo Yesu bikamubasha guhabwa agakiza!!

Rero dukore ibikorwa vyiza ariko ntituvyishimire ngo ni vyo vyadukijije canke ko ari vyo bituma Imana itwemera maze ikumva ugusenga kwacu!!

Ukwizera ntikuva Ku vyagezwe, kandi ivyagezwe ntibiva Ku Kwizera,
Ivyagezwe vyazanywe no kutumvira kw'abantu, mugabo Ukwizera kwazanywe na Kristo Yesu wewe muntu wenyene yumviye Imana Data muri vyose, kandi Paulo yandikira Abaroma ko Ukwizera canke Ukwemera (canke Ivyizerwa ou convictions) kuzanwa no kwumva kandi kwumviriza Ijambo rya Kristo ( Rom 10:17) aribwo butumwa bwiza bwa Kristo Yesu ingene yadupfiriye Ku musaraba Kubw'ivyaha vyacu vyose vya kahise na kubu na Kazoza maze agahambwa hanyuma akazuka kubwo gutsindanishiriza uwizera wese !!

*Romans 10 MSG*
1. (1-3) Believe me, friends, all I want for Israel is what's best for Israel: salvation, nothing less. I want it with all my heart and pray to God for it all the time. I readily admit that the Jews are impressively energetic regarding God—but they are doing everything exactly backward. They don't seem to realize that this comprehensive setting-things-right that is salvation is God's business, and a most flourishing business it is. Right across the street they set up their own salvation shops and noisily hawk their wares. After all these years of refusing to really deal with God on his terms, insisting instead on making their own deals, they have nothing to show for it.

*Abaroma 10:1-4*
*"Bene Data, ivyohimbara umutima wanje n'ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, n'ukugira ngo bakizwe. Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry'Imana, ariko si mu buryo bg'ubgenge. Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibaganjwe n'ukuva ku Mana. K*ko Kristo ari we ivyagezwe bishikirako, kugira ngw aheshe uwizera wese ukugororoka."*

Abakristo benshi rero muri Kino gihe bigenza nk'abayuda canke abisirayeli kuko bashaka gutsindanishirizwa mu nyonga h'Imana Kubw'ibikorwa vyabo vyiza, ariko n'ukwihenda kandi sizo nyigisho z'ubuntu n'ukuri intumwa zadusigiye!

*Abanyefeso 2:18-20*
*"kuko, uko tur' amacakubiri, ari we adushikiriza Data wa twese, turi muri Mpwemu umwe. Nuko ntimukir' abash*tsi n'akavantara, ariko musangiye ubgoko n'abera, mur' abo mu ngoro y'Imana; kuko mwubatswe ku mabuye y'itanguriro, ari yo ntumwa n'abavugishwa n'Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka."*

Ico intumwa za Kristo Yesu zitadusigiye mu vyete vyanditswe nazo, ntawitwa umukozi wa Kristo wo muri kino gihe arekuriwe kuvyigisha canke no kubikora !!

Intumwa zose zadusigiye ko Abizeye Kristo Yesu bakijijwe kubw'ubuntu mu Kwizera Kristo Yesu si Kubw'ibikorwa,
ariko abigisha Ijambo ry'Imana muri kino gihe bavuga ko uwizeye Kristo Yesu kubera intege z'ivyaha atazoja mw'ijuru.
Ko tuzi ko ata muntu anengeseye Ku giti ciwe bisigura ko ata muntu yovugako ata caha akora, mbega wiyumviriye ukutariko mur'uwo mwanya nyene ugac'upfa utaronse akaryo ko kwihana mbega wumva hariho umuntu yoja mw'ijuru,

Nico gituma Agakiza Imana yaduhaye muri Kristo Yesu kadashingiye kuco uwizeye Kristo Yesu akora ahubwo ni ingabire y'Imana duhabwa kubwo Kwizera atari Kubw'ibikorwa !!

Shalom shalom !!
Mwarahezagiwe mu Mwami wacu Yesu Kristo.

*Shared by your beloved brother in Christ *

Address

Capitale Bujumbura Commune Ntahangwa, Zone Kamenge Q. Songa
Kamenge

Telephone

+25779939632

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Thierry Nzisabira posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Thierry Nzisabira:

Share