Mr Chicken Poultry Farm

Mr Chicken Poultry Farm Iyi Page iragufasha kumenya vyinshi kubijanye n'ubworozi bw'inkoko za kijambere

NI KANGAHE UMWOROZI AKWIYE GUSUKURA INZU Y’INKOKO?Inzu y’inkoko ikwiye gusukurwa kenshi kugira ngo inkoko zame zifise am...
05/06/2026

NI KANGAHE UMWOROZI AKWIYE GUSUKURA INZU Y’INKOKO?

Inzu y’inkoko ikwiye gusukurwa kenshi kugira ngo inkoko zame zifise amagara meza kandi zitange umwimbu mwiza.

Ehe ingene bikorwa:
Buri musi:

Hindura ivyo wazisasiye iyo vyatose canke vyanduye, cane cane ahari amazi.

Gusukura neza ivyo inkoko ziriramo n'ivyo zinweramo.

Kwegeranya amagi kugira ntameneke canke ngo yandure.

Buri ndwi:

Kuvanga canke guhindura ivyo wasasiye kugira bigume vyumye kandi ntihaze umunuko.

Gusukura aho inkoko ziryama n’aho zitera amagi igihe handuye.

Gukubura hasi no gukuramwo amababa n’amase ari ahabona.

Buri kwezi:

Gukora isuku yimbitse y’inzu yose: gukuramwo ivyo wazisasiye vyose, gukubura no koza neza hasi, inkuta, ivyo ziriramwo, ivyo zinweramo n’ivyari vy’amagi, hanyuma ugakoresha umuti wica imigera (Desinfectant).

Gusuzuma ko hatarimwo utunyugunyugu, imiswa, ibitabgurigwa canke izindi parazite.

Hanze y’inzu y'inkoko:

Gukora isuku ikwiye no gupompa imiti yica imigera mu nzu yose no hanze yayo.

Bishobotse, gusiga inzu idafise inkoko mu kiringo c’indwi 1 gushika kuri 2 kugira iruhuke neza imbere yo kwinjizamwo izindi nkoko.

👉 Kwama usukura neza inzu y’inkoko birafasha gukingira indwara, kugabanya impfu no guteza imbere umwimbu mwiza. 🐔🏡

#

INDWARA YA CHOLERA MU NKOKO 🦠Fowl Cholera ni indwara ikomeye cane kurya ibangamira amagara yabantu ninako ibangamira ink...
14/05/2026

INDWARA YA CHOLERA MU NKOKO 🦠

Fowl Cholera ni indwara ikomeye cane kurya ibangamira amagara yabantu ninako ibangamira inkoko iterwa n’umugera witwa Pasteurella multocida. Iyo ndwara irihuta cane mu gukwiragira biciye mu mfungurwa, amazi canke mu bisigazwa vy’inkoko zirwaye.

IBIMENYETSO NYAMUKURU:

🐔. Gupfa giturumbuka: Inkoko ishobora gupfa ata kimenyetso nakimwe cerekanako igwaye (cane mu choléra ikaze).

🐔. Gucika intege no kudakerebuka: Inkoko uguma ijunje, iguma yicaye.

🐔. Inkoko irabura akayabagu ntifungura ntishobora nokunwa amazi.

🐔. Inkoko yituma umyanda (amase) w’amazi, rimwe na rimwe y’icyatsi kibisi canke yirabura.

🐔. Uruhu rw’umutwe (crête) rujanye n’amatwi (barbillons) rurahinduka rukiranura canke rugatukura cane.

🐔. Inkoko ihema nabi, rimwe na rimwe ikazana ibiseru mu mazuru.

🐔. Inkoko iravyimba amaso, umutwe canke amaguru.

🐔. Inkoko iragabanya umurindi woguta amagi ku nkoko zita.

🐔. Inkoko itambuka bigoranye, ishobora no kugwa hasi.

🐔. Inkoko zitakaza akayabagu ntizifungure.

🐔 Umuhogo n’umutwe biravyimba.

🐔 Urupfu rutunguranye.

Wifuza kumenya vyinshi k'ubworozi bw'inkoko indwara zitandukanye z'inkoko ingene zivurwa n'ingene woyikingira nokumenya ubuzima bw'inkoko muri rusangi iyandikishe muri groupe ya Whatsapp vuba turatangura gutanga inyigisho tuzokwakira umugwi ugira 3 ( Formation 3)

Injira muriyi Link ya Whatsapp maze mwiyandikishe.
https://chat.whatsapp.com/KSCX0Upzi3uHw61HssXBwq

Address

Cibitoke
Cibitoke

Telephone

+25769134964

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mr Chicken Poultry Farm posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share