12/05/2026
!
------------------------------------
Ubwambere, menyesha abakunda guteza intambara ko bagowe. Barihemukira, kandi bahemukira ibihugu vyabo. Ni co gituma haditswe ngo:«Ivyo mugomba ko abantu babagirira, mube ari vyo mugirira abandi». Mu yandi majambo ngo: «Ivyo mwanka ko abantu babagirira, mwirinde kubigirira abandi». Iryo ni ryo «tegeko nyamugaruka». Risanzwe rivugwa mu madini yose no mu ndimi zose.
No Ku vyerekeye intambara ni ko bimeze. Indwano ni ikintu kibi cane. Nta muntu n'umwe yifuza ko intambara iba mu gihugu ciwe. Iyo uyiteje abandi, bitebe bitebuke Imana irayikwishura. Mwe n'abagukomokako, mutegerezwa kuyishura. kandi rero, ibagarukako ifise ubukana burenze ubwo iyo mwateje.
Twifashishije ivyabaye Ku Badagi, reka duce intege abakunda guteza intambara ku bandi.
Ku wakabiri w'itariki ya 01/07/1890 mu gisagara ca Berlin, Abadagi basinyiraniye n'Abongereza amasezerano gashozantambara kuri Afrika y'Ubuseruko. Bayataziriye «Heligoland-Zanzibar». Bitwaje igikenye cabo, ayo masezerano yabahaye uburenganzira bwo gutera intambara Ku bihugu vyose vyari mu karere kava kw'ibahari ya Indiyano gushika ku biyaga vya Tanganyika na Kivu.
Dufatiye Ku bushobozi bw'itegeko nyamugaruka, turemeza ko izo ntambara z'akarenganyo zitari kw'ijana. Ivyago 23 ni vyo vyateye Abadagi. Vyababereye ingaruka z'uwo «wakabiri-wo gutoteza Afrika». Nkuko umunsi ugira amasaha 24, ni ko ubushobozi nyamugaruka ku Badagi bwigaragaje mu minsi ya kabiri 24: «Uwakabiri umwe wugururiye imivumo» + «iyakabiri 23 yo gusubirizwa mu ndumane». Urutonde rwayo ni uru rukurikira:
0. (01/07/1890:
Uwo ni wa munsi bashira umukono Ku masezerano yo guhemukira ubwami bwinshi bwa Afrika y'Ubuseruko. Yasinyiwe i Berlin, bayatazira aya »Heligoland-Zanzibar». Yakurikiwe n'iyakabiri 23 y'ivyago bikomeye Ku Badagi. Iyo minsi yakabiri mibi 23 ni iyi ikurikira:
1. (31/03/1891):
Kuri uwo munsi mubi, ni ho Abadagi bagaba igitero ca mbere Ku Burundi. Baduganye Tanganyika bagera ku musozi wa Buzige (Bujumbura y'ubu). Naho haguye abantu benshi ku mpande zompi, Abadagi baratsinzwe barahunga.
2. (05/06/1890):
Kuri uwo munsi mubi, Abadagi bateye Ku kirimba c'umwami Mwezi Gisabo c'i Ndago. Hari ku mutumba wa Muramvya y'ubu. Umwami yarabacitse. Ariko haguye abantu benshi ku mpande zompi. Vyongeye, basize baturiye ingoro zose n'umwami.
3. (09/05/1905):
Kuri uwo munsi, ni ho umugarariji Maconco yafatirwa mu gahugu ka Muramvya. Hari hasigaye ukwezi kumwe ngo ako gahugu gakwize umyaka ibiri. Mwibuke ko Maconco yari yagahawe n'amasezerano ya Kiganda. Kubera uburemere bw'icaha yagiririzwa, baciye bamujana kumupfungira i Usumbura kuri wo wakabiri nyene. Inyuma y'iminsi itandatu, ni ukuvuga kuri 15/05/1905, ni ho yaca araswa na Rezida Von Grawert. Yarashwe n'Umudagi, kandi yari yahemukiye Sebikwe ngo yigure Abadagi.
4. (14/08/1914):
Kuri uwo munsi mubi, ni ho Abadagi bigarurira Ububirigi. Haheze imyaka ine, baciye birukanwa n'ibihugu vyishize hamwe. Vyarangiye Abadagi bashwiragiye, kandi bahaburiye ababo benshi.
5. (12/01/1915)
Kuri uwo munsi mubi, Abadagi bari Usumbura bagiye gushoza intambara ku Babirigi bari i Luvungi hakurya ya Rusizi. Bari barongowe na Rezida Karl Schimmer. Bagisomborotsa urugamba, inkoho «mitrailleuse» ya Karl Schimmer yaciye imupfana, biranka ko irasa. Ababirigi baciye babegera, babatsinda aho nyene. Mbere Karl Schimmer yapfuye mu bambere.
6. (06/06/1916)
Kuri uwo munsi mubi, Abadagi bagiye babona baterwa n'Ababirigi baturutse mu ntara ya Kivu. Babonye batoshobora kubivuna, baciye baturira ububiko bw'ibirwanisho vyari mw'ikambi nkuru ya Usumbura, hanyuma barahunga. Ni gutyo Abadagi batakaje Usumbura n'Uburundi. Kandi rero, uwo munsi mubi wahuriranye n'isabukuru ya 13 y'amasezerano y'agahotoro ya Kiganda.
7. (19/09/1916)
Kuri uwo munsi, Abadagi ni ho batsindirwa i Tabora ku murwa mukuru wa Afrika Ndagi y'Ubuseruko. Batsinzwe n'Ababirigi bari bishize hamwe n'Abongereza hamwe n'Abanyaportugali.
8. (06/06/1933)
Uwo munsi wahuriranye n'isabukuru y'imyaka 18 Abadagi bataye misiyoni zabo. Kuri uwo wakabiri, ni ho itegeko ry'umwami Mwambutsa ryashikiriza Musema abamisiyonari b'Aba Batista baturuka muri Danemarke. Ni iryo tegeko ryabahaye uburenganzira kuri misiyoni zose zari zaratawe n'Abadagi: Rubura, Kogabami, Musema, Kibimba na Muyebe. Ariko tubibutse ko Kibimba bahavuye bayihebera ishengero ry'Abagenzi «Eglise des amis», Muyebe na yo bayihebera aba «Methodiste». Kuri uwo munsi wakabiri w'itariki 06/06/1933, ivyo kugaruka kw'Abadagi kuri za misiyoni zabo vyaciye vyibagirwa burundu.
9. (28/05/1940)
Kuri uwo munsi mubi, ni ho Ubudagi bw'abanazi bw'igarurira Ububirigi ku ncuro ya kabiri mu myaka 26. Inyuma y'i imyaka ine nka mbere, basubiye kuhirukanwa n'ibihugu vyishize hamwe. Ingabo z'Ubudagi bw'abanazi, zasubiye gushwiragira, zihaburira benshi muri zo.
10. (03/11/1942).
Kuri uwo munsi w'amagorwa, ni ho ingabo z'Ubudagi bw'abanazi zirukanwa mu karere ka El-Alamein ko mu Minsiri.
11. (17/08/1943)
Kuri uwo munsi wo gutsindwa, ingabo z'incuti y'Ubudagi, Musolini, ni ho zatsindirwa mw'izinga rya Sicile. Haguye benshi, abandi bahungira muri Méditerranée.
12. 'i (06/06/1944)
Kuri uwo munsi w'ivyago bikomeye, ingabo z'Ubudagi bw'abanazi ni ho zaterwa n'abishize hamwe baturuka mu bihugu bigera kuri 15. Abadagi baratsinzwe cane. Abanyuma muri bo, batsindiwe ahitwa Falaise Kw'itariki ya 21/08/1944. Hari kw'isabukuru ya 36 Mwezi Gisabo atanze.
13. (22/06/1944)
Muri ico gihe, ingabo z'Ubudagi bw'abanazi zari zarigaruriye intara y'abasovieti yari Ku butaka bwa «Biélorussie» y'ubu. Kuri uwo munsi Wakabiri (22/06/1944), Abadagi bahwikiwe n'igitero c'Abasoviyeti bagera ku 650.000. Batewe giturumbuka, baca baratsindwa mu kanya gatoya cane. Kandi bahaburiye benshi muri bo.
14. (01/08/1944)
Kuri uwo munsi, abasirikare ba Pologne bakorera mu gihugu hagati, baragumukanye ingabo z'Ubudagi bw'abanazi. Bashaka kubohoza igisagara cabo ca Varsovie, ariko ntivyabakundiye. Mbere haguye bagera mu 200.000 bishwe n'Abadagi. Ariko kubera iryo bara, ingabo z'abasovieti zaciye zikomeza ibitero ku Badagi bari muri Pologne, baratinda baratsindwa. Basohotse Pologne bataraba inyuma. Kandi bahaburiye benshi muri bo.
15. (15/08/1944
Uwo wakabiri mubi ku Budagi, waranzwe n'igitero abishize hamwe bagavye ku ngabo z'abanazi zari zarigaruriye ubumanuko bw'Ubufaransa. Abishize hamwe ni bo batsinze, baca bafata inzira igana i Berlin. Ni yo yabaye intandaro yo gutsindwa kw'abanazi, ku buryo bwa burundu.
16. (26/09/1944)
Uwo wakabiri w'amagorwa ku banazi, wabaye uwo guterwa n'abishize hamwe. Abadagi bakuwe mu Buhorande bari bamazeyo imyaka ine. Ariko mu kuhava, bahaburiye benshi muri bo.
17. (01/05/1945)
Kuri uwo munsi w'ivyago bikomeye, Joseph Gobbels, yari amaze umunsi umwe gusa ashinzwe amabanga yo kurongora Ubudagi mu rwego rwa Chancelier. Uwo munsi, ni ho be n'umugore wiwe biyahura, babanje kwica abana babo bose ukwo bari batandatu.
18. (08/05/1945)
Uwo munsi wabaye uwo agahinda mu ngabo z'Ubudagi bw'abanazi. Ni ho intumwa y'Ubudagi yishikana, kwa David Dwight Eisenhower. Yari agiye kumumenyesha ko bashize hasi ibirwanisho. Ukwo gutsindwa kw'Abadagi, ni kwo kwarangije intambara ya kabiri y'isi Ku mugabane wa Buraya. Ariko, iyo ntambara bateje, yari imaze kupfiramwo Abadagi bagera kuri miliyoni zitanu (5.000.000).
19. (05/06/1945)
Uwo wakabiri mubi mu Budagi, wahuriranye n'isabukuru ya 56 y'uwakabiri mubi wa Ndago. Mwibuke ko i Ndago hari ku kirimba kwa Mwezi Gisabo. Kubera ivyo, uwowita Uwakabiri wo gusubirizwa mu ndumane, ntiyoba yihenze. Uwo munsi mubi waranzwe no gutangaza ko Ubudagi butakaje ubwigenge, kandi ko bugabuwemwo Kane: igice c'Abafaransa, ic'Abongereza, ic'Abanyamerika, n'ic'Abasovieti. Kuri uwo munsi w'amarushwa, n'igisagara ca Berlin, bategetse ko kigaburwamwo kane nyene.
20. (14/08/1945)
Kuri uwo munsi, Abayapani ni ho bamenyesha Umukuru w'igihugu ca Amerika Hurry S Truman ko memeye gushira hasi ibirwanisho. Mwibuke ko barwana ku ruhande rwa Hi**er na Musolini.
21. (20/11/1945)
Kuri uwo wakabiri, ni ho Sentare Mpuzamakungu ya Nuremberg yatangura kuburanisha abanazi. Kuri 24 bakekwako imyaha vy'intambara, 22 bari barengutse kuri uwo munsi.
22. (01/10/1946)
Kuri uwo wakabiri w'amagorwa, ni ho Sentare Mpuzamakungu ya Nuremberg yasoma imanza z'abanazi. Muri bo, 12 basomewe izo gupfa, 3 bacirirwa izo guherayo, 4 na bo baciriwa gupfungwa kuva ku myaka 10 gushika Ku myaka 20. Uwo munsi, 3 gusa ni bo bambitswe izera.
23. (01/10/1946)
Kuri uwo wakabiri w'amagorwa, ni ho Umudagi Hermann Göring yiyahurira muri prison ya Nuremberg. Hari hasigaye umunsi umwe gusa ngo bamunyonge kuko yari yaciriwe urwo gupfa.
? :
- Umugambi wo guhohotera ubwami bwose bwa Afrika y'Ubuseruko bawushizeko umukono ku wakabiri w'itariki 01/07/1890.
- Uwo wakabiri-gashozantambara wakurikiwe n'iyakabiri 23 y'ivyago ku Budagi.
- Ivyo vyabaye mu kiringo c'imyaka 56 gusa (1890- 1946)
- Insiguro y'umunsi wa kabiri mu vyizerwa vy'abaroma ni «Marsdi»:Umunsi wa Mars ca kigirwama c'intambara c'Abaroma.
- No mu vyizerwa vy'Abadagi, insiguro y'umunsi wa kabiri ni Tiw's day: umunsi wa «Tiw», ca kigirwama c'intambara c'Abadagi.
- Ako gashusho k'icumu karerekana neza ko uwakabiri w'itariki 05 z'ukwezi kwa gatandatu ari ihuriro ry'ivyago vya Berlin n'ivyago vya Ndago.
Witegereje ivyo vyose, usanga ubushobozi bw'itegeko nyamugaruka bukwiye kwitonderwa.Iryo tegeko Abafaransa bita «règle d'or», Abongereza bakaryita «golden rule», ribarizwa mw'ijambo ry'Imana no mu mico y'ibihugu vyose vyo kw'isi. Mu ncamake rivuga ngo: «Ico udashaka ko abandi bagukorera, na we ntukagire uwo ugikorera.» Ni warirengako, rizoguhana nkuko ryahanye Abadagi. Ukurirenga bitaguhitanye wewe ubwawe, rihushura abana bawe, abuzukuru bawe n'abuzukuruza bawe (Kuvayo 20:5).
Bitangaze hose rero, kugira ngo bagashozantambara bahindure ingendo. Vyigishe abakuru n'abato kugira ngo abakunda indwano bave i buzimu baje i buntu. Murakoze.
Iki cigwa categuwe na
Ku wa 12/05/2026