04/09/2026
🕊️💔 UBUTUMWA BWO KUREMESHA UMUNYAMURYANGO WA FONDATION ESPÉRANCE NDORICIMPA -F.E.N 🙏🏾
😔 Mu bihe vy’umubabaro ukomeye wo kubura uwo ukunda, Fondation Espérance Ndoricimpa (FEN) yifatanyije n’umunyamuryango w'umwe mubanyamuryango bawo wo mu Rumonge yabuze Papa wiwe agashinguranwa iteka kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2026👨🦳💔.
🙏🏾 Turazi ko ata jambo rishobora gukuraho intimba yo kubura umuvyeyi, ariko turamushigikiye kandi turamusavye gukomeza umutima no kwizera Imana 🤲🏾❤️. Mu bihe nk’ibi, Imana ni yo iduha inkomezi n’ihumure. 🕯️🙏🏾
❤️ Papa wiwe yararangije urugendo rwiwe rwo kw’isi , ariko urukundo , impanuro n’ivyiza yasize bizokwama mu mitima y’abamukunze.
🤝🏾 Muri ibi bihe bigoye, menya ko mutari mwenyene. Umuryango wa F.E.N urabashigikiye, ubafashe mu mugongo kandi urabasengera .
🕊️ Turasavye Imana Mushoboravyose kwakira umutima wa nyakwigendera mu bwami bwayo , no guha umuryango wiwe inkomezi , ukwihangana n’amahoro muri ibi bihe vy’umubabaro.
💔 Twifatanyije namwe mu mubabaro.
🙏🏾 Imana ibakomereze, ibahumurize kandi ibaherekeze muri uru rugendo rwo kwihanganira kubura umuvyeyi.
🕯️🕊️ 💐 Imana imwakire mu bwami bwayo. 🙏🏾🕊️❤️
🕯️ “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, agakiza abafise imitima ijanjaguritse.”
— Zaburi 34:18 🕊️🙏🏾
🫂 Fondation Espérance Ndoricimpa - FEN 🤝🏾❤️