Fondation Espérance Ndoricimpa - FEN

Fondation Espérance Ndoricimpa - FEN Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Fondation Espérance Ndoricimpa - FEN, Non-Governmental Organization (NGO), Bujumbura.
(1)

🎤💖 Umuririmvyikazi wa Gospel   akaba n'umuvyeyi arongoye  -FEN yongeye kugaragaza umutima wo gufatana mu nda no kwerekan...
12/06/2026

🎤💖 Umuririmvyikazi wa Gospel akaba n'umuvyeyi arongoye -FEN yongeye kugaragaza umutima wo gufatana mu nda no kwerekana urukundo nk'uko asanzwe abikora!

🙏🏽 Umuvyeyi , asanzwe azwi cane mu bikorwa vy’urukundo no gufasha abatishoboye akagendera n'abandi kubera urukundo biciye no mw’ishirahamwe yashinze, yagendeye umu-influencer mu gihe yari yagiye kumwibarutsa. Ivyo vyatumye benshi bashima umutima wiwe wo kwama yitanga aho hari ikibazo canke hakenewe kugenderwa. asanzwe afise izina ryiza mu bikorwa vy’urukundo, gushigikira abandi no kugendera Abo IMANA imurungitseko.

🌹 Iki gikorwa cerekanye ko urukundo, ubumuntu n'ugufatana mu nda bikiri ngirakamaro mu kibano cacu. Benshi barashimira kubera umutima mwiza wiwe no kwama ari hafi y'abakeneye ubufasha.

✨ Turipfurije n'umuryango wiwe ubuzima bwiza, kandi dushimiye ku mutima wiwe w'urukundo no kuba hafi abandi. 💖👶🏽🎉

🙌🏾 SHALOM SHALOM BAKUNDWA 🤝🏽🎊 Ijuru rigiye kwongera kudutwenza. Umuvyeyi wa  -FEN aregereje gusohora iyindi ndirimbo iny...
12/06/2026

🙌🏾 SHALOM SHALOM BAKUNDWA 🤝🏽

🎊 Ijuru rigiye kwongera kudutwenza. Umuvyeyi wa -FEN aregereje gusohora iyindi ndirimbo inyuma y'iyo aherutse gusohora yise ❤️

🤷🏾‍♂️Woba warakoze Subscribe kuri YouTube ⁉️ Nyarukirayo iyi ndirimbo izoba idasanzwe.

❤️🫂 Kugira umutima ufasha,Kugira umutima w'urukundo bizoguhesha impera nini mw'ijuru.🙏🏾🙏❤️ Madame Denise Nkurunziza cank...
05/06/2026

❤️🫂 Kugira umutima ufasha,Kugira umutima w'urukundo bizoguhesha impera nini mw'ijuru.🙏🏾

🙏❤️ Madame Denise Nkurunziza canke Mama Buntu arakenguruka cane igikorwa c'urukundo cakorewe abana b'impfuvyi bo mw'irerero Umusamariya w'Imbabazi i Buye asanzwe arongoye.

Yavuze ko afashe akanya ko gushimira abaserukiye ishengero rya Pentecôte Mission Kayogoro baje kugendera abo bana kandi bakabashikiriza imfashanyo itandukanye. 🤝🎁👶

Mama Buntu yavuze ko ico gikorwa cagaragaje umutima mwiza wo gufasha no kwitwararika abana batagira abavyeyi, aca asabira imigisha y'Imana abo bose bagize uruhara muri iyo mfashanyo. 🙏✨💖

Ati : "Imana ibahezagire cane kubera urukundo n'ubuntu mwagaragarije abo bana." 🌹❤️🤲👨‍👩‍👧‍👦

🎶❤️🇧🇮 Ni Inkuru nziza ku bakunzi b'umuziki n'ibikorwa vy'urukundo! 🇧🇮❤️🎶📷 Amasanamu yose y'umuyobozi wa Fondation Espéra...
31/05/2026

🎶❤️🇧🇮 Ni Inkuru nziza ku bakunzi b'umuziki n'ibikorwa vy'urukundo! 🇧🇮❤️🎶

📷 Amasanamu yose y'umuyobozi wa Fondation Espérance Ndoricimpa-FEN ifasha abatishoboye ashika mu Burundi avuye muri Canada 🇨🇦✈️.

Uku kugaruka kwiwe kwazanye umunezero mwinshi mu bakunzi biwe no mu bantu bamaze igihe bakurikiranira hafi ibikorwa vyiwe vy'urukundo. 🥰❤️

🙍🏾‍♀️🗣️Mu butumwa yashikirije, yavuze ko yishimiye gusubira ku butaka bw'amavukiro kandi ko agiye kubandanya ibikorwa vyo gufasha abatishoboye, cane cane abana n'imiryango ikeneye ukuboko kwa kivyeyi. 👨‍👩‍👧‍👦❤️🤝

Uyu muririmvyikazi amaze igihe agaragaza umutima w'urukundo n'ubwitange, aho afasha abatishoboye biciye muri Fondation arongoye kandi Benshi baramushimira. ❤️🌹✨

Abamukunda n'abamukurikirana bavuga ko uku kugaruka kwiwe ari inkuru ihezagira benshi kandi ko biteze ko azobandanya gusiga akanyenyeri keza mu buzima bw'abatari bake. 🥰❤️🇧🇮

🛬🫂Ikaze muhira! 🇧🇮❤️🏡 Urukundo n'ubugiraneza ni vyo bituma isi irushiriza kuba nziza no kugukunda. ❤️🫶🌍✨

🛬📷🎊 Aya ni amwe mu yandi mashusho yaranze ishika Ku kibuga c'indege ry'umuyobozi wa Fondation Espérance Ndoricimpa-FEN.🫂
31/05/2026

🛬📷🎊 Aya ni amwe mu yandi mashusho yaranze ishika Ku kibuga c'indege ry'umuyobozi wa Fondation Espérance Ndoricimpa-FEN.🫂

🛬🫂 Umuririmvyikazi akaba n'umuyobozi wa Fondation  -FEN ariwe   yagarutse mu Burundi, ashika ku kibuga c’indege mpuzamak...
30/05/2026

🛬🫂 Umuririmvyikazi akaba n'umuyobozi wa Fondation -FEN ariwe yagarutse mu Burundi, ashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Bujumbura ari co In, avuye mu gihugu ca Canada aho asanzwe aba kandi akorera ibikorwa vyiwe.

Yaje mu gihugu c’amavukiro kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 30 Rusama 2026 afise imigambi ibiri ihambaye :

📌 Icambere, ni ugukomeza igikorwa ciwe co kuririmba indirimbo mpimbaza Imana aho azokorana n'abaririmvyi batandukanye bakomeye muBurundi.

Avuga ko afise indirimbo nshasha yateguye, izosohoka vuba mu buryo bwa vidéo , ikaba izoba irimwo ubutumwa bwiza bwo guhumuriza no kwigisha abantu gukomeza kwizera Imana no kugira ivyizigiro mu buzima.

📌 Ica kabiri, ni ugukomeza ibikorwa vyo gufasha abantu biciye mu muryango wa -FEN. Uwo murwi usanzwe ufasha abatishoboye, abari mu ngorane zitandukanye, Abapfakazi kandi yipfuza kuwagura no mu Burundi kugira ngo utere intege benshi.

🙍🏾‍♀️🗣️ Mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru yashimiye cane abantu bose bamushigikira mu bikorwa vyiwe, asaba n’abandi gukomeza kumukurikira no gushigikira ubutumwa aririmba, kugira ngo bushike ku bantu benshi kandi bubafashe mu buzima bwa misi yose.

🛬🇧🇮 Mu majambo make yagarutse mu Burundi kugira ngo akomeze kuririmba indirimbo z’Imana no gukora ibikorwa vyo gufasha abantu batishoboye.

🤷🏾‍♂️ Woba wipfuza guhura nawe ⁉️

🛬 Aka kanya abanyamuryango ba Fondation Espérance Ndoricimpa-FEN bari kukibuga c'indege barindiririye umuyobozi wayo Ari...
30/05/2026

🛬 Aka kanya abanyamuryango ba Fondation Espérance Ndoricimpa-FEN bari kukibuga c'indege barindiririye umuyobozi wayo Ariwe Espérance Ndoricimpa.🫂❤️

👏🏾🙏🏾 Kuko UWITEKA IMANA izodutabara nico gituma tutamaramara, Nico gituma dukomera mumaso y'abansi tukamera nk'urutaro. ...
24/05/2026

👏🏾🙏🏾 Kuko UWITEKA IMANA izodutabara nico gituma tutamaramara, Nico gituma dukomera mumaso y'abansi tukamera nk'urutaro. ❤️ Tuzi neza y'uko UWITEKA IMANA izodutabara tukamera nk'urutare.👏🏾🙇🏾‍♂️

🙏🏾 Mugire umusi w'IMANA mwiza no gufata umwanya wo gukoranira hamwe n'abandi.

14/05/2026

🥰 Mwaramutse mwese turabipfurije umusi mwiza widuzwa rya YESU KRISTO mw'ijuru kubawemera hama dushishikare twitegurira ukugaruka kwiwe mukwihana, kwiyeza, nugukora ivy'IMANA igomba tutibagiye kuremesha no kugarukira Ku bari mw'irinde n'amageragezwa.

🙏🏾Muhezagirwe cane.🙏

🫂❤️ Muri rwa Rukundo ruranga umuryango  Espérance Ndoricimpa-FEN,  Ku musi w'ejo w'IMANA igenekerezo rya 3/5/2026 Bamwe ...
04/05/2026

🫂❤️ Muri rwa Rukundo ruranga umuryango Espérance Ndoricimpa-FEN, Ku musi w'ejo w'IMANA igenekerezo rya 3/5/2026 Bamwe mubagize Uwu muryango baragendeye uwundi umuryango haraba gusangira ivy'Impwemu n'ivy'umubiri.

👏🏾 Wari umunezero udasanzwe aho haba ugusabana. Ibi vyama bikorwa buri kwezi.

🙌🏾 Turipfurije umugisha umunyamuryango wese wa FEN.

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Fondation Espérance Ndoricimpa - FEN posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share