Burundi top news

Burundi top news Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Burundi top news, Bujumbura.
(2)

Watch Burundi top News Programs anytime and any where in the World 🌎

Our Twitter Page: https://x.com/BurundiTop23976?t=cqioMmbDjf_uvvVLiZO2TQ&s=09

For More Infos: +257 69611601 🇧🇮

Félix Antoine Tshisekedi Prezida wa Congo yageze muri Congo Brazzaville aho yitabiriye irahira rya Denis Sassou Nguesso ...
16/04/2026

Félix Antoine Tshisekedi Prezida wa Congo yageze muri Congo Brazzaville aho yitabiriye irahira rya Denis Sassou Nguesso mu kibanza c'Umukuru w'Igihugu wa Congo Brazzaville

 : Prezida w'u Burundi Evariste Ndayishimiye yihanganishije abarundi n’umuryango ku rupfu giturumbuka rw’umushikiranganj...
16/04/2026

: Prezida w'u Burundi Evariste Ndayishimiye yihanganishije abarundi n’umuryango ku rupfu giturumbuka rw’umushikiranganji Gabby Bugaga.

Mu gihe urupfu rwa Gabby Bugaga rwamemyekanye Umukuru w’igihugu ari mu nzira aja muri Congo Brazzaville, Evariste Ndayishimiye yanditse ubutumwa bwo guhoza ababuze bose.

Ubwo butumwa yabicishije ku rubuga rwiwe rwa X.

16/04/2026

: Reta y'u Burundi ihejeje kwemeza urupfu rw'Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru Gabby BUGAGA 💔

16/04/2026

: 💔 BIRAMENYESHEJWE ABARUNDI BOSE KO UMUSHIKIRANGANJI MUVYO AJEJWE HARIMWO KUMENYESHA AMAKURU GABBY BUGAGA KO YAPFUYE.

📸 RTNB

✝️ 💔Ivyaranze Umushikiranganji Gabby BUGAGA yashengeye mu gatondo kuyu wa kane.Muri kano gatondo ko kuwa 16 Ndamukiza 20...
16/04/2026

✝️ 💔Ivyaranze Umushikiranganji Gabby BUGAGA yashengeye mu gatondo kuyu wa kane.

Muri kano gatondo ko kuwa 16 Ndamukiza 2026, Umushikiranganji ajejwe uguhanahana amakuru n'ibinyamakuru Gabby BUGAGA, yatowe ikiziga mu modoka mu murima w'ibigazi, mu Kivoga, muri zone Rubirizi iri muri komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura.

Biboneka ko yari wenyene, ata mushoferi bari kumwe, eka mbere nta n'uwumucungerera ubuzima bari kumwe. Ivyo biremezwa n'abanyagihugu bo muri ako gace. Nayo imodoka ikiziga catowemwo, biraboneka ko hari iruhande rwononekaye.

Amakuru y'urupfu rwiwe aremezwa n'umuvugizi wa Reta, Jérôme Niyonzima, akamenyesha ko itangazo rya Reta riza gusohoka.

Gabby BUGAGA yari yagenywe kuba Umushikiranganji ajejwe itumatumanako n'ibinyamakuru mu mwaka wa 2025, yavukiye mu ntara ya Bujumbura, muri komine Muhuta.

🔙 Inyuma yo kwiga amashure mu bijanye no gutumatumanako kuri Université Lumière de Bujumbura, yaciye atangura umwuga wo kumenyesha amakuru kw'iradiyo n'imboneshakure vy'igihugu, RTNB.

📆 Mu 2018, niho yaja kurangura amabanga y'akazi nk'umuhanuzi wa mbere mu gisata co kumenyesha amakuru, mu nama nkenguzamateka, gushika mu 2023.

👉🏾 Kuva muri Kigarama 2023, yari umukomiseri ajejwe ibikoresho mu mugwi wigenga ujejwe gutegura amatora Ceni, gushika agenwe mu mabanga y'umushikiranganji muri Myandagaro umwaka uheze w’2025.

Turahojeje umuryango wabuze.

 :   💔 MINISTRE GABBY BUGAGA AJEJWE KUMENYESHA AMAKURU YAPFUYE 💔
16/04/2026

: 💔 MINISTRE GABBY BUGAGA AJEJWE KUMENYESHA AMAKURU YAPFUYE 💔

🇧🇮 Prezida w'u Burundi akaba n'Umukuru w'Ubumwe bwa Afrika Evariste Ndayishimiye yafashe Indege 🛫  kuri uno wa 16 Ndamuk...
16/04/2026

🇧🇮 Prezida w'u Burundi akaba n'Umukuru w'Ubumwe bwa Afrika Evariste Ndayishimiye yafashe Indege 🛫 kuri uno wa 16 Ndamukiza 2026 aja muri Congo Brazzaville mu birori vyo kurahira kwa Nyenicubahiro Denis Sassou N’Guesso, aherutse gusubira gutorwa mu kibanza c'Umukuru w'Igihugu wa Congo Brazzaville.

Urugendo rwiza!

 : " Ushobora kugenda ibilometero 💯 katarahera umuriro Kandi ntutonda kuri Station ⛽ kuko ntagitoro gasaba, ushariza nka...
16/04/2026

: " Ushobora kugenda ibilometero 💯 katarahera umuriro Kandi ntutonda kuri Station ⛽ kuko ntagitoro gasaba, ushariza nka telefone aho ugeze hose "

Abakunze kuba bafise vyinshi birukamwo kwiyunguruza bikabagora, ingo mugire commande zanyu mu Bushinwa mwigurire buno bumoto kumahera atavunye kuko iciza cizi moto 🏍️ nuko zitanywa ibitoro kandi zifise bateri zirambisha iyo washarije.

AKURA: +257 69611601

16/04/2026

" 🛑Ntivyumvikana ukuntu amabarabara yo ku kibuga c'indege 🛫 atakako amata mw'ijoro ngwabone kandi kw'isoko kwa Sioni, Cotebu nahandi hatozwa amahera " Dr Alain NDIKUMANA wa Finance

Umushikiranganji w'u Butunzi mu Burundi Dr Alain NDIKUMANA agira ari:

" Ntivyumvikana ukuntu amwe mu mabarabara makuru makuru mu Gisagara atabonekamwo amatara mw'ijoro ".

Kurikirana vidéo 👇

16/04/2026

" Umushingamateka Shabani NIMUBONA yarahaye gasopo Pacifique NININAHAZWE ndetse amenyesha ko Igihugu camureze ategerezwa kukirwanira gushika kukanyuma " 🎙️

Kurikirana vidéo Ya Shabani NIMUBONA 👇

Ministre w'Inkino n'imicokama Lydia Nsekera Yoba amaze kubwirwa amakuru y'impano ya Pasco de l'art ,Umuhinga mugushushan...
15/04/2026

Ministre w'Inkino n'imicokama Lydia Nsekera Yoba amaze kubwirwa amakuru y'impano ya Pasco de l'art ,Umuhinga mugushushanya dufise mu Gihugu c'u Burundi.

Hano Yari yashushanije Umuririmvyikazi w'Indirimbo Mpimbazamana aba muri Canada benshi bazi kwizina rya Espérance Ndoricimpa

Ushobora kuba ukeneye agasanamu gahinyanyuye murubu buryo, Pasco de l'Art abikoramwo canke ukaba wokenera kwandikisha ibintu kuma Pancarte n'ibindi, Umuhinga Pasco de l'Art arabikora.

AKURA: +257 69611601

Alvella Muhimbare ku rubuga rwiwe ati " NOMUKURAHE .......❤️❤️ " Mwitege indirimbo nshashaWema Entertainment Label  Wema...
15/04/2026

Alvella Muhimbare ku rubuga rwiwe ati " NOMUKURAHE .......❤️❤️ "

Mwitege indirimbo nshasha

Wema Entertainment Label
Wema Nella ❤️🙏

Address

Bujumbura

Telephone

+25769611601

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Burundi top news posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Burundi top news:

Share