Search For Common Ground in Burundi

Search For Common Ground in Burundi Nous agissons pour la transformations des conflits depuis 1982. Au Burundi depuis 1995.

03/04/2026
Kuja gukorera mubihugu vy’abarabu kubakenyezi ngo birimwo inzitizi zitari nke.Nk’uko bivurwa nabamwe mubakenyezi bagiye ...
02/04/2026

Kuja gukorera mubihugu vy’abarabu kubakenyezi ngo birimwo inzitizi zitari nke.Nk’uko bivurwa nabamwe mubakenyezi bagiye hama kabagaruka ngo birashika bagahohoterwa n’abakoresha babo,canke naho bagahembwa agashahara kabo bigoranye.Ariko kandi ngo hari n’abarungikira amafaranga imiryango basize mugihugu kugira akoreshwe imigambi y’iterambere bagarutse bagasanga ntiyakozwe nk’uko na bamwe mubajejwe intwaro muri komine Rumonge bavyemeza.Iyindi ntambamyi bishika ikibonekeza ngo n’abakenyezi bagaruka bagaca basuzugura abo bari basanzwe bubakanye bitwaje ko bakenye.Mbega nawe hari izindi ntmbamyi ubona abo bakenyezi bagira ?Zotorerwa umuti gute ?Kaze dusangire ikiyago mu kiganiro c’ino ndwi,gica kuma radio atandukanye,mumugambi w’ishirahamwe

« Transformation durable des acquis du réseautage en opportunités concrètes d’accès au financement pour soutenir le déve...
18/03/2026

« Transformation durable des acquis du réseautage en opportunités concrètes d’accès au financement pour soutenir le développement économique des femmes. »
Tel était le thème abordé lors de la session de réseautage entre les acteurs médias et les acteurs économiques organisée par Burundi dans le cadre de son Projet : ‘’Je na We mw’iterambere.’’ Cette session qui s’est tenu à Rumonge en date du 17 Mars 2026 a vu la participation des femmes et hommes entrepreneurs, les radios communautaires de la province Burunga, les représentants des Institutions de Microfinances Oeuvrant à Rumonge,ainsi que les cadres du Ministère de la communication et des médias
Dans son témoignage, Une femme Mutwa de la commune Nyanza dit que le projet ‘’Je na We mw’iterambere’’ lui a ouvert les horizons de faire des initiatives économiques et lui a permis de transcender les normes sociales et les barrières économiques des batwa pour s'atteler aux travaux de développement et sensibiliser les autres batwa à s'associer aux autres membres de la communauté pour ouvrir les horizons. Elle a déjà acheté vaches, 2 porcs et initie d'autres Activités géneratrices de revenues avec des communautés batwa et d'autres communautés dans le but d'atteindre ses objectifs de développement durables.

Imvyino,ibikino,n'ivyese bishingiye ku gutsimbataza umubano mwiza hagati y'abasangwa n'impunzi z'abanyekongo ziba mumaka...
04/03/2026

Imvyino,ibikino,n'ivyese bishingiye ku gutsimbataza umubano mwiza hagati y'abasangwa n'impunzi z'abanyekongo ziba mumakambi ya Bwagiriza,Nyankanda,Kavumu,na Kinama muntara ya Buhumuza,hamwe na Musasa mu ntara ya Butanyerera;vyaratunganijwe n'imirwi itandukanye y'abasangwa n'impunzi.Ni mumugambi wa ifadikanije na -TURIKUMWE.
Icivugo nyamukuru c'ivyo bikorwa kikaba kigira giti: Impunzi n'abasangwa,dushire inguvu hamwe kugirango dushobore kubana mumahoro no gushigikirana.

04/12/2025

🔷🕊️Together, We're dismantling the roots of conflict and creating a world where is Possible

Pendant ces   (du 25 novembre au 10 décembre) et au-delà, brisons le silence. Parlons-en. Soutenons les survivantes. Au ...
27/11/2025

Pendant ces (du 25 novembre au 10 décembre) et au-delà, brisons le silence. Parlons-en. Soutenons les survivantes. Au , mobilisons-nous pour que chaque femme, quelle que soit son âge, son milieu, sa condition puisse vivre en sécurité, dignité et liberté.
Search for Common Ground et les autres partenaires s’unissent pour dire NON aux violences faites aux femmes et filles.

✊Ensemble, mettons fin aux violences basées sur le genre ! Rejoignez la campagne des 16 jours d’activisme pour un monde sans .


--------------------------------------------------------------------------
Tuve mu gacerere, ✊Twese hamwe turandurane n’imizi amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, twongere dushigikire abayakorewe. Mu , ni tuvire hasi rimwe kugira umukenyezi, uko ari kwose, aho ari hose, ashobore kubaho atekaniwe, yubahirijwe kandi yidegemvya.

Ishirahamwe Search For Common Ground ryifadikanije n’ayandi mashirahamwe mw' isekeza ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abigeme n'abakenyezi

Ivyese bihuza impunzi z’Abanyekongo n’Abarundi ni kimwe mu bifasha gukomeza umubano mwiza hagati y’izo mpande zibiri, ba...
31/10/2025

Ivyese bihuza impunzi z’Abanyekongo n’Abarundi ni kimwe mu bifasha gukomeza umubano mwiza hagati y’izo mpande zibiri, bakarengera ibibatandukanya kugira bashire imbere ibibahuza. Ivyo vyese vyabereye i Musasa, Kinama, Nyankanda, Bwagiriza na Kavumu zo mu ntara za Butanyerera na Buhumuza, vyarerekanye ko ari kimwe mubikoresho bihuza abantu bikabafasha kurengera ibibatandukanya, mbere bikanigisha ikibano kinywanye.

Inyuma y’ivyo vyese, abashoboye kwishura neza utubazo bararonse udushimwe dutandukanye biciye mu tubazo n’inyishu twabajijwe. Ivyo bikorwa bikaba vyatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Search For Common Ground, biciye mu mugambi -TURIKUMWE, bikaba bifise intumbero yo gukomeza ikibano kinywanye hagati y’impunzi n’abasangwa kugira bashike kw’iterambere rirama.

 Nizihe  ntambamyi zituma abana na cane cane b'abigeme baheba amashure? Mbega aho muherereye vyifashe gute? Vuga ibintu ...
24/10/2025


Nizihe ntambamyi zituma abana na cane cane b'abigeme baheba amashure? Mbega aho muherereye vyifashe gute?
Vuga ibintu 3 vyokorwa kugira izo ntambamyi zitorerwe umuti uheze utsindire udushimwe dutandukanye tugizwe n’amaterefone, ama inite, amasakoshi, imitaka, udupira n’ibindi

Nivyo kandi ikiganiro co kuri uyu wa gatandatu kigarukako. Ni guhera isaha zine zo mu gitondo . Duhane Ijambo mugitegurirwa mukongera mukagishikirizwa na Studio Ijambo, igisata co kumenyesha amakuru c'ishirahamwe mpuzamakungu Search For Common Ground mu Burundi ibategurira ibicishije mu mugambi wayo "Je na We mw'iterambere." Gica ku maradiyo akorera hano iwacu

  Tubwire,Ni gute ibitigiri vy'abakenyezi n'abigeme vyokwiyongera mu mashure ya kaminuza? Ibiharuro biva mu bushikiranga...
10/10/2025



Tubwire,Ni gute ibitigiri vy'abakenyezi n'abigeme vyokwiyongera mu mashure ya kaminuza? Ibiharuro biva mu bushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi vyerekana ko nko mu mwaka w’I 2023-2024, kubanyeshure barenga ibihumbi 66150 abigeme bari ku bice 44, 2% biyandikishije
mu ma kaminuza. Abahevye uwo mwaka bakaba bashika 1457 barimwo abakenyezi 692.

Kino kibazo nyene, twarakibajije kandi abigeme n’abakenyezi ubwabo, abari mu mashirahamwe atandukanye, n’abari mu ntwaro bo muri komine yo muntara ya . Benshi bakabona kohakwiye amahimiriza. Twaragendeye kandi nishure kaminuza Eali isanzwe iri
muriyo komine. Umuhinga mu bijanye n'iterambere ridakumira wewe akabona ko iryo himiriza ryotangurira ku banyeshure bo mu mashure nshingiro. Ido n'ido ni mu kiganiro Duhane Ijambo ca Studio Ijambo, igisata co kumenyesha amakuru c'ishirahamwe mpuzamakungu Search For Common Ground mu Burundi ibategurira ibicishije mu mugambi wayo "Je na We mw'iterambere." Gica ku maradiyo icumi akorera hano iwacu. Ni kuri uyu wa gatandatu isaha guhera zine zo mu gitondo

22/09/2025

🔵Mu Bushikiranganji bwo kumenyesha amakuru n’ibinyamakuru, bumwe mu bushikiranganji bukurikirana hagufi ibikorwa ishirahamwe Search for Common Ground irangura mu , barashima ingene rino shirahamwe risahiriza ubwo bushikiranganji mukwitaho na cane cane gutanga ubuhinga bwo gukora ku bamenyeshamakuru hano mu Burundi . Umuyobozi ajejwe ibimenyeshamakuru muri ubwo bushikiranganji aranashima ko ishirahamwe Search ryitaho gutunganya ibikorwa bituma abantu bahurira mw’iterambere mu ntumbero yo kubumbatira , biciye mu migambi itandukanye. Kubwiwe ivyo bikorwa bituma abantu banywana



20/09/2025

🕊️🌍Aho bukera, kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga 2025, turahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe . Iyo tariki ikaba ish*tse ishirahamwe Search rimaze imyaka #30 ritanguje ibikorwa vyaryo. Umuyobozi wa Search mu aragaruka ku bikuru bikuru ishirahamwe ryash*tseko.
Aranatera akamo kuri buri muntu wese, kuguma tubumbatiye amahoro mu gusenyera kumugozi umwe, gukorera kubiduhuza kugira ivyo tutumva kumwe dushobore kubiganira, dushize imbere kwumvikana hamwe n’ugufatana munda kugira duteze imbere igihugu.


́jà


Address

Quartier Kigobe-Nord; Avenue Kivyeyi N°32
Bujumbura
6180

Opening Hours

Monday 09:00 - 17:30
Tuesday 08:00 - 17:30
Wednesday 09:00 - 17:30
Thursday 08:00 - 17:30
Friday 08:00 - 17:30

Telephone

+25771150000

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Search For Common Ground in Burundi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Search For Common Ground in Burundi:

Share