02/10/2026
🔊 📣 🚨 Inkuru nziza y’ uku kwezi kwa Gitugutu, ukwezi kwahariwe umwigeme!
Mu guhimbaza Umusi mpuzamakungi wahariwe umwigeme, SaCoDé iriko irategura amahiganwa ajanye n’ubumenyi buri muri application Oky, azobera mu mashure 167 yo muri Butanyerera! 📱🎉
🤩 Ni uburyo bwo kwidagadura no kwiga, aho abigeme bazohiganwa mu kwerekana ubumenyi bwabo, bakarushiriza kumenya ibijanye n’ikiringo c’ukwezi kw’umwigeme, ubutinyaanka, n’irondoka rijanye n’amagara meza. Bazokwishura ku bibazo bazobazwa mu munezero ntangere. Hazoba harimwo n’utuganuke dutandukanye kubazokwishura neza ibibazo.
🥳 Muri SaCoDé, guhimbaza abigeme bisigura kubashiriraho uburyo bwiza kandi butekanye aho bashobora kwiga, kubaza akababakiye no gusohora ivyiyumviro vyabo. Ikizoranga uku kwezi kw’Umwigeme ni uguhimbaza tubicishije bu uburyo bwose buha umwigeme ikibanza c’imbere.🌺
Turifurije ikaze abigeme bose bazokwitabira ihiganwa rijanye n’ubumenyi buri muri application Oky: muzozane ubukerebutsi n’inyota yo kwiga, kandi muzogire ibihe vyiza vy’umunezero! 🤩
Turakengurukiye cane UNICEF Burundi n’Ubuserukizi bw’Ubuholande (Ambassade des Pays-Bas au Burundi ) ku ntererano yatumye iki gikorwa gishirwa mungiro. 💜