21/02/2026
Shimikira muri witwararike igikorwa.
Ubutumwa bw'uwurongoye ishengero ry'aba b'umunsi w'indwi mu . Ni igihe yari amaze indwi yahariwe ubuzezwabuzima rukristo kw'ishengero ry'aba Adventiste b'umunsi w'indwi rya .
Agira ati: "Yarambabarijwe kugira ndonke amahoro, yarambabarijwe kugira ngo ndonke agakiza".
Mbega ni ubuhe butumwa Imana yipfuza ko tumenya muri iki cigwa ?
Mw'isomo ry'urufatiro riri mu 4:1-2 : "Umuntu n'atwiyumvire ko turi abasuku ba n'ababwiriza b'amabanga y'Imana. Kandi ababwiriza b'abagomba ko baboneka ari abizigirwa".
Uko ababwiriza bakwiye kuba abizigirwa. Uko ababitsi canke abasuku bakwiye kuba abizigirwa. Bisigura ko bifuza ko abakristo muboneka muri abizigirwa b'Imana.
Ni gute Pasitoro ashobora gufata minenerwe ikibazo gishobora kubera umugisha ishengero ? Sinje ngo ndababwire ngo ngira ndabasengere muronke Visa, n'ibindi vyinshi bihuye n'ivyipfuzo vyanyu. Oya nzobasengera kugira ngo Imana ibahe ibihuye n'ubugombe bwayo. Nimba ubona hari ivyo usengera ukabona ntibiboneka nkuko uvyifuza, zirikana ko Imana itanga ibihuye n'ubugombe bwayo.
Umwitwarariko mwiza ni uwo kwama wibutsa ivyo abizera bakeneye gukora mu gushikana inshingano. Twipfuza ko imigisha ibashikako kugira ngo mugire imihezagiro.
Mbega umwanya wawe uwukoresha gute ? Ko twese dufise umwanya ungana w'amasaha 24/24. Umuntu aricara ku mupira iminota irenga 90 ariko akabura n'umunota umwe ngo asome Bibiliya. Umuntu aramara iminota myinshi umutwe yateretse n'ibindi vyinshi ariko akabura akanya gato ko gusoma Ijambo ry'Imana.
Impano yawe Imana izozikubaza igihe utazoba uriko urazikoreshereza Imana. Ubutunzi yaguhaye nabwo izobukubaza. Ikibazo abantu dufise uyumunsi abenshi barwaye indwara zibiri:
1. Baransize : naka yaguze parasera aransize, yaguze imodoka aransize,...
Bagenzi turavye abadusize, tuzokwiyahura. Ariko tukibagira ko hari abo twasize. Niwishinga abagusize bazokujana aho bikumena umutwe ariko niwaraba Imana izoguha amahoro.
2. Ubuzima burazimvye.
Hari ibintu bine bituma tuza ngaha:
1. Ukuvugana n'Imana. Naje kubwira Imana ibibazo vyanje vyose mfise.
2. Kwumva ijwi ry'Imana: mu ndirimbo, mu butumwa n'ibikoreka nimba utaha utumvise ijwi ry'Imana uba wahomvye.
3. Gushikanira Imana yanje : ico Imana yaguhezagije nabe arico uyishikanira.
4. Gusabana n'incuti n'abagenzi : ni akaryo ko kwongera kuvugurura imigenderanire na bagenzi bacu.
Turi abazezwabintu kuko twajejwe ivy'Imana. 16:1-13
Hari umunsi tuzobazwa ingene twakoresheje ubutunzi twabikijwe.
Mureke tube abazezwabintu neza, tube abizigirwa muvyo Imana yatujeje.
5:19.