Commune Ntahangwa

Commune Ntahangwa Compte officiel de la commune Ntahangwa, l'une des 3 communes qui composent la Mairie de Bujumbura.

🔴Woba uri umurundi aba mu yandi makungu? Woba uri imvukira ya Komine nziza ya Ntahangwa? Uruhara rwawe ni ntangere mu gu...
08/11/2024

🔴Woba uri umurundi aba mu yandi makungu? Woba uri imvukira ya Komine nziza ya Ntahangwa?
Uruhara rwawe ni ntangere mu guteza imbere igisagara cacu na komine yacu ya Ntahangwa.
Vyongeye, ibikorwa vyawe ni kirumara mw'ishigwa mu ngiro ry'imbonakazoza y'Uburundi, igihugu cifashe mu 2040, igihugu giteye imbere mu 2060.

👉Gira ico ukoze maze uterere mu kugira Komine Ntahangwa, inkingi y'Uburundi bwifashe kandi buteye imbere.

✍️Raba aha hakwirikira uko woshobora guterera n'ibisata wotereramwo kugira ufashe guteza imbere komine yacu nziza ya Ntahangwa : https://investindiaspora.com/burundi/ntahangwa?code=B4RJEX6ME



🔴Kuri uyu musi twibuka imyaka 63 iheze incungu y'ukwikukira kw'Uburundi igandaguwe, Musitanteri wa Komine Ntahangwa, Ern...
13/10/2024

🔴Kuri uyu musi twibuka imyaka 63 iheze incungu y'ukwikukira kw'Uburundi igandaguwe, Musitanteri wa Komine Ntahangwa, Ernest , yagize ico ashikiriza abenegihugu ba Komine Ntahangwa.
Abasaba kwigira ku muganwa Rudoviko Rwagasore ibijanye no gukunda igihugu na komine hamwe no kubikorera kugira ngo twese hamwe dushike ku mbonakazoza y'Uburundi, igihugu cifashe mu 2040, igihugu giteye imbere mu 2060, atanumwe asigaye inyuma.

Ako kamo ugiye kukagira gwawe canke ntaco ubivuzeko?

🔴Musitanteri wa komine Ntahangwa, Ernest  , asaba urwaruka ruriko rurarangura imigambi yo kwiteza imbere ku bandanya bas...
02/08/2024

🔴Musitanteri wa komine Ntahangwa, Ernest , asaba urwaruka ruriko rurarangura imigambi yo kwiteza imbere ku bandanya bashiramwo inguvu n'umwete ndetse akanarwipfuriza gutera imbere.

Ivyo yabishikirije kuri uyu wa 31 Mukakaro 2024 aho yari yaramutse agendera amwe mu mashirahamwe y'urwaruka ariko ararangura imigambi y'iterambere kandi ashigikiwe n'umugambi w'igihugu .
Muri urwo rugendo akaba yarikumwe n'uwurongoye umugambi wa Reta PAEEJ mu gisagara ca hamwe n'uwuwurongoye muri komine nziza ya Ntahangwa.

Ku rwaruka rutagira akazi akaba yaboneyeho kurutera akamo ko kwijukira kwiteza imbere biciye mu kwishingira imirimo maze aho bananiriwe baheze biture ikigo PAEEJ canke ibanki y'urwaruka biheze bibashigikire mu buryo nabo bashiremwo ubwenge, inguvu n'umwanya wabo.
Ernest Niyonzima, Musitanteri wa komine Ntahangwa, akaba yashikirije kandi ko uburongozi bwa komine nziza ya Ntahangwa ataco butazokora kugira ngo bugume hafi ndetse bushigikire uko bushobora urwaruka ruri ku kivi ndetse n'imigambi yarwo.

Mwomenya kandi ko amwe mu mashirahamwe yagendeye ari nk'iryitwa Company rikora impuzu, rikora ingwa zokwandikisha mu mashure hamwe na Company rikora ibitekezo bibora.

🔴Umusi mukuru wahariwe amakomine muri komine   Abenegihugu bose baba canke bavuka muri komine nziza ya   baratumiwe mu b...
02/08/2024

🔴Umusi mukuru wahariwe amakomine muri komine

Abenegihugu bose baba canke bavuka muri komine nziza ya baratumiwe mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru wahariwe komine kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 03 Myandagaro 2024.
Ibirori vy'uwo musi bikaba bizobera ku kibuga ca "Centre Jeunes " guhera igihe c'isaha indwi z'umutaga.

Twibukanye ko uwo musi ari akaryo keza ko guhura twese abavukakomine hamwe n'ababa muri komine nziza ya Ntahangwa hamwe no gusangira tutibagiye no kuyaga ku bijanye na komine yacu.
Uwosiba, kiretse ko bitarekuwe, yoba ahomvye cane.
Karibu kuko komine ni rwawe, komine ni rwanje.

🔴Abagize urwego rw'inama ya komine   bakoranye mu nama isanzwe yo kuri uyu wa 03 Mukakaro 2024 barongowe n'uwurongoye ur...
03/07/2024

🔴Abagize urwego rw'inama ya komine bakoranye mu nama isanzwe yo kuri uyu wa 03 Mukakaro 2024 barongowe n'uwurongoye urwo rwego, Ir Jean Paul .
Muri iyo nama yabereye ahariko harubakwa ibiro bikuru vya komine mu bakaba barabiye hamwe ibishika kuri bitanu harimwo ikijanye no gushikiriza ivyaranguwe mu mwaka w'ubutunzi wa 2023 ushira uwa 2024 hisunzwe intumbero nshasha ya Reta bita "Budget programme" mu kinofunofu.

 : Inama y'umutekano yarakoranye kuri uyu wa 22.04.2024 irongowe na Musitanteri, Ernest  .Iyo nama yitabiriwe n'abajejwe...
23/04/2024

: Inama y'umutekano yarakoranye kuri uyu wa 22.04.2024 irongowe na Musitanteri, Ernest .
Iyo nama yitabiriwe n'abajejwe intwaro kuva kuri karatiye gushika kuri komine, abajejwe umutekano muri komine Ntahangwa, abarongoye ibisata bitandukanye vya Reta n'abandi begwa n'umutekano hamwe n'iterambere rya komine Ntahangwa.

Muri iyo nama bakaba baraciye irya nino ibibazo bitandukanye mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bwa komine Ntahangwa.

Bararabiye hamwe kandi ibijanye n'umugambi wo gusukura igisagara, umugambi wo gutuza urudandazwa rwa magendu, ibijanye n'urudandazwa rw'isukari n'ibinyobwa vya Brarudi, ibijanye n'itangwa ry'igitoro, ibijanye n'uruja n'uruza mu mabarabara, ibijanye no gushigikira mu kibano, ugukingira ibidukikije hamwe n'ibindi.

Musitanteri yasavye abafise ico bajejwe muri komine Ntahangwa kurikanura no gukora bivuye inyuma kugira ngo komine Ntahangwa igume itekanye yongere itere imbere kurusha ndetse n'abenegihugu babone kurushirizaho kworoherwa mu buzima bwa misi yose.

Tubibutse ko muri iyo nama nyene bavuye ho bumvikanye ko hagiye kuba inama y'abunguruza abantu bakoresheje amapikipiki hamwe n'inama y'abadandaza ibinyobwa vya .

⭕Itangazo ku bagendesha na banyene amapikipiki aca amafaranga mu kwunguruza abantu.Hari inama ibahuza na Musitanteri wa ...
23/04/2024

⭕Itangazo ku bagendesha na banyene amapikipiki aca amafaranga mu kwunguruza abantu.

Hari inama ibahuza na Musitanteri wa komine kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 23.04.2024.
Ni guhera igihe cisaha icenda (15h00) aho bita . Ni muri zone hafi yaho bita "Kuri Malaria" canke "Kuri 15".

Ntimutangwe. Mwibuke gusabikanya ubu butumwa nabo bwega.

 : Inama y'indongozi z'amakoperative   yo ku mitumba igize komine nziza ya   yakoranye kuri uyu wa 09.04.2024. Iyo nama ...
09/04/2024

: Inama y'indongozi z'amakoperative yo ku mitumba igize komine nziza ya yakoranye kuri uyu wa 09.04.2024. Iyo nama ikaba yari irongowe n'umuhanuzi wa Musitanteri ajejwe ibijanye n'ubutunzi.

Muvyo barabiye hamwe hakaba harimwo ibijanye n'ukuriha ingurane Reta yahaye ayomakoperative ngo yiteze imbere.
Habaye kandi ukwibutsanya ibijanye n'amategeko agenga abatozwakori.
Ico kikaba cabaye mu ntumbero yo gufashanya kugira ngo ntihazogire koperative igwa mumakosa ahanwa n'ikigo kijejwe gutoza no gutororokanya amakori n'amatagisi, .

🔴Ikiringo c'imisi itatu gusa nico catanzwe na Musitanteri wa Komine Ntahangwa, Ernest NIYONZIMA, ku bantu bose bakorera ...
04/04/2024

🔴Ikiringo c'imisi itatu gusa nico catanzwe na Musitanteri wa Komine Ntahangwa, Ernest NIYONZIMA, ku bantu bose bakorera ibikorwa vy'urudandaza, uburiro, ubunywero no gukanika imiduga ku gituro c'imiduga ca kuba bahavuye bagiye mu masoko yagenewe kudandarizwamwo hamwe no mu bindi bibanza vyagenewe hen'ivyo bikorwa vyabo kugira ico gituro kirangwemwo isuku.

Iyo ngingo akaba yayishikirije kuri uyu wa kane wahariwe ibidukikije, igenekerezo rya 04 Ndamukiza 2024, inyuma y'ibikorwa rusangi vy'isuku n'isukura vyakorewe kuri ico gituro no mu micungararo yaco. Muri ivyo bikorwa Musitanteri yari kumwe n'uwutwara igisata c'isuku mu gisagara ca Bujumbura, uwurongoye zone Ngagara, uwutwara igituro ca hamwe n'igipolisi.

Musitanteri yasavye abo bose bahakorera urudandaza, ibijanye n'uburiro, ubunywero n'ibindi kwitura ubuyobozi bw'igisagara maze bubahe ibibanza mu masoko ya Reta kuko ngo ibibanza birahari bikwiye.
Yavuniye kandi akagohe abohirahira ngo banke canke bikwege mu kuhava ko bazohanwa hisunzwe amategeko. Yahimirije kandi abarongoye ico gituro n'abagendesha imiduga kwitwararika isuku n'isukura muri ico kibanza kugira birinde indwara ziterwa n'isuku rike. Yabibukije kandi ko turi mu rugamba rw'isuku. Umurundi wese aho ari akaba ahamagarirwa gusukura aho aba, aho akorera n'imbere yaho.

Inyuma y'ivyo bikorwa, Musitanteri n'abo barikumwe bakaba bagenzuye ibibanza bimwe bimwe biri kw'ibarabara rica imbere y'isoko ya Cotebu umanuka nk'uwuja kw'isoko kwa . Abo basanze bakorera ahari umwanda urengeje bakaba babaciwe amahadabu mu ntumbero yo kubakebura.

Tubamenyeshe kandi ko ibikorwa vy'isuku biriko birakorwa mu mazone yose agize Komine Ntahangwa inyuma y'akamo Nyenicubahiro Umukuru w'igihugu c'Uburundi yaduteye ko kwijukira isuku, ako kamo kakaba kandi karashimangiwe na Nyenicubahiro Umutambukanyi wiwe igihe yatanguza isekeza . Ako kamo kakaba gasaba abenegihugu n'indongozi zabo gukora ibishoboka vyose ngo igisagara ndetse n'igihugu cose cakake maze kizire imicafu.

Address

Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Commune Ntahangwa posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Commune Ntahangwa:

Share