03/03/2026
UBWAMI BW'ABAPERESI,IRANI Y'UNO MUSI.
Ubwami bwa Iran ya kera muri Bibiliya bwitwa Ubuperesi,ni bumwe mu bwami bwa mbere bukomeye cane bwigeze kubaho kw’isi.
Isi yabanje iyoborwa n'Ubwami bwiganjije cane bwa Babuloni bwaganjije hafi imyaka 1500,bugira abami hafi 40 ariko bukomera cane kuri Nebukadineza.Umwami Nebukadineza wa kabiri ni we yatsinze Israël abajana mu bucakara i Babuloni kumara imyaka 70.
Kuri Belushaza ni ho ubwami bwa Babuloni bwakurwaho n'umwami w'Abaperesi Cyrus the Great canke Kuro,na niwe yaje guha ukwidegemvya Abisirayeli ngo basubire mu gihugu cabo basanure ivyasambutse.
Ubwami bwa P***e (Ubuperesi) bwatanguye nk’imiryango y’abimukira b’aba Indo-Iranian tribes yabaye ku misozi ya Iran Plateau hagati ya Asia yo hagati n’Uburasirazuba bwo Hagati.
Abo bantu:
bari aborozi n’abarimyi,
baba mu moko mato mato,
ata bwami bunini bari bafise mu ntango.
Bari bitwa Abaperesi (Persians).
Ubwami nyakuri bw'Abaperesi bwatanguye igihe c’umwami:
Cyrus the Great,uyu muri Bibiliya yitwa Kuro mu mwaka wa 550 imbere ya Yesu Kristu (550 BC)
Ni we:
yatsinze ubwami bw’Abamedi (Media),
ahuza amoko yose y’Abaperesi,buba ubwami bukomeye cane Medo-P***e,ariko uruhande rukomeye rwari uru rwa P***e na cane cane mu gihe ca Kuro.Uyu, aca ashinga Ubwami bwa mbere bw'Ubuperesi bwitwa:
Ubwami bw’Achaemenid.
Ubwami bw'Abaperesi bwaciye buba igihangange
Mu gihe gito cane:
Cyrus(canke Kuro)yafashe Babuloni
yigarurira Mesopotamia
igihugu caciye kiba "puissance mondiale".
Ubwami bwarash*tse:
muri Egiputa,
muri Turkiya,
gushika mu Buhindi bwa kera,
no mu Burayi bwo mu buseruko.
Ubu bwami bwaje gutsindwa na Alexandre mukuru w'Ubuguriki.
Ikintu gihambaye (no muri Bibiliya),nk'uko nari nakivuze aho hejuru,
Kuro ni we yemereye Abayahudi kuva mu buja bwa Babiloni,
gusubira kwubaka Yerusalemu (Ezira 1).
Inkuru irabandanya,......