Collimateur

Collimateur Collimator is a platform to inform and promote democracy in Africa and around the world.

Imyaka 80 inyuma ya Nuremberg isi ntiyizeIgenekerezo rya 20 Munyonyo 1945 inyuma y'intambara ya kabiri y'isi, niho uruba...
20/11/2025

Imyaka 80 inyuma ya Nuremberg isi ntiyize

Igenekerezo rya 20 Munyonyo 1945 inyuma y'intambara ya kabiri y'isi, niho urubanza rw'abakoze amabi muri iyo ntambara rwatangura kugira abategetsi bakomeye b'Ubudagi n'Ubutaliyano bateguye ayo mahano bahanwe. Urubanza rwamaze hafi umwaka. Igenekerezo rya 01 Gitugutu 1946 niho Sentare ya gisirikare ya Nuremberg yaruca, igasanga 20 muri 24 bagirwa ivyaha vyo mu ntambara n'ubwicanyi bw'agahomerabunwa koko barabikoze. 3 barezwa uwundi yapfuye rutaracika.
Iyo niyo yabanye intango igaragara y'ubutungane mpuzamakungu kubera imbere yaho vyari mu majambo gusa. Iyo ngendo ntiyabandanije kubera intambara ikanye hagati ya Amerika na URSS. Ariko inyuma y'imyaka 57 yaho neza na neza ku wa 01 Mukakaro 2002 Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yamaho yaravutse kugira izohore icira imanza abakora ivyaha vy'agahomerabunwa. Naho biruko ivyaha nk'ivyo birabandanya mu burere butandukanye kw'isi. Ntawokwirengagiza ibibera muri n'ahandi. Imvo nyamukuru nuko ibihugu rutura harimwo vyayihaye umugongo. Nico gituma abagwanya iyo Sentare biborohera kuyankisha nabo ifitiye akamaro. Abo nabo bakayagiriza ko emama ngo ari sentare y'ubukoroni bushasha emama ngo n i Sentare y'abanyafrika gusa. Naho biruko iyo Sentare yaratumye abategetsi batwaza umukazo bamwe bamwe basubiza amero mw'isaho kugutinya ko ivyaha bokora bobibazwa.

Kuki none Nuremberg ata somo yadusigiye?
Inyuma y'ukwinjira muri iyo Sentare mu 2004, Uburundi bwabaye igihugu ca mbere kiyivuyemwo kw'igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017. Ico gihe nabwone bwayagiriza Ubukoroni bushasha n'ukubwambika ibara. Hari abarundi isinzi iyo ngingo bayakiriye neza kumbure ku kutamenya naho abo hejuru bagira ivyo bazi. Mu bisanzwe gushigikira kuva muri iyo Sentare bisigura gushigikira ko mu gihe uwawe, abawe canke uwo ukunda yokorerwa ivyaha vy'agahomerabunwa ata yindi sentare uzokwitura kiretse sentare zo mu gihugu cawe. Nimba Isi itize n'Uburundi ntibwize. Naho bwavuye muri iyo Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yamaho, burakwiye n'imiburiburi gukora amahinduka yimbitse y'urwego rw'ubutungane rwabwo kugira rushobore guhangana n'ivyaha vy'agahomerabunwa bisanzwe bitegekanijwe mw'ibwirizwa mpanavyaha kuva muri 2009.

Intwaro rusangi mu karere mu yabiraMu gihugu kibanyi ca Tanzania, urwaruka ruri mu myiyerekano y'ukwiyamiriza amatora ah...
05/11/2025

Intwaro rusangi mu karere mu yabira
Mu gihugu kibanyi ca Tanzania, urwaruka ruri mu myiyerekano y'ukwiyamiriza amatora aherutse kuba, aho Pzd Samia Suluhu Hassan yatsinze ku majwi arenga 97%. Ivyo bikaba vyabaye inyuma y'ukwigiza inyuma imigambwe ikomakomeye itavuga rumwe na CCM iri ku butegetsi. Ndetse uwurongoye umugambwe utavuga rumwe na Reta ayo matora yabaye ari mu mvuto ku vyaha bitavugwako rumwe. Umuntu yihweje ibiriko biraba muri Tanzania birasa naho ari akaranda kafashe akarere turimwo. Ivyo biri uko mu gihe Tanzania cahora arico gihugu citwa ko gifise ituze naho umuntu avyihweje iryo tuze ryari ituze ridafashe.
Ibiriko biraba muri Tanzania ntaho bitaniye n'ivyabaye mu matora y'abashingamateka aherutse kuba mu aho amatora yabaye umugambwe utavuga rumwe na Reta ukomeye CNL wa utarekuriwe kuyitabira ku mvo nahone ziyobeye. Ndetse umugambwe uri ku butegetsi nahone wayatsinze ku majwi arenga 98%. Mu gihugu kibanyi c'urwanda nahone amatora y'umukuru w'igihugu aherutse yabaye ata higanwa rigaragara nkuko hoho bimaze igihe. Mu gihugu ca nahone birasa naho amatora azobamwo imvururu kuko ibimenyetso vy'ibihe bidahumuriza. Mu karere ka Africa y'ubuseruko igihugu ca nico conyene twovuga coba kiri ku murongo mwiza mu biraba intwaro rusangi kuko ho amatora aherutse yasa nayuguruye, ndetse ubutungane buramaze gushikira urugero bw'ubwigenge buhagije, kandi n'uburenganzira bw'ugushikiriza umuntu ico agona burubahirijwe kurusha ahandi mu karere.
Mu gihe iyo ntera yobandanya gutyo kano karere karashobora kubamwo akajagari kazotuma n'iterambere ricumbagira. Abatwara ibihugu n'amareta barakwiye gutahura ko gutuganya amatora meza kandi yizewe bibaha iteka kandi ko udashobora kwihagira ubutegetsi mu gukumira abandi ngo birame. Nibikebuke batunganye amatora ku mugaragaro hama bashire aho intahe ishize kuko ivyo bibaye uko nabone barongera bakagaruka biciye mu matora mu gihe imigambi yabo yahurumbiwe nk'uko bigenda ahandi intwaro rusangi yatsimbataye.

Mu   haraciye igihe kitari gito hama amatora uko imyaka 5 itashe kuva muri 2005. Amatora kuva ico gihe yama atsindwa n'u...
10/01/2025

Mu haraciye igihe kitari gito hama amatora uko imyaka 5 itashe kuva muri 2005. Amatora kuva ico gihe yama atsindwa n'umugambwe uri ku butegetsi Cndd fdd. Uretse amatora yo muri 2005 ni amatora yama avugwa ko yagiyemwo utunenge twinshi naho abatavuga rumwe na Reta badakunze kwerekana ibimenyetso bigaragaza ko aba yibwe koko.
Nkuko vyahora bigenda amatora y'uwu mwaka wa 2025 arafise ico yisangije. Ayo matora ash*tse umugambwe wa mbere ukomeye CNL mu yitavuga rumwe n'ubutegetsi waratswe indongozi yawo Agathon Rwasa na ba somambike biwe. Umuntu adahengamye avyihweje biragaragara ko uwo mugambwe bawumwatse mu rukurikirane rw'ukumubuza kwitoza kuko amategeko y'amatora yose uhereye kw'ibwirizwa nshingiro rya 2018 abuza umurundi wese yahoze atwara umugambwe canke yahoze mu mugambwe kwitoza hadaciye ikiringo c'imyaka 2 canke umwaka 1 yirukanywe mu mugambwe canke awuvuyemwo.
Ayo mategeko yose umuntu ayihweje asanga ata buryo na bumwe umushingamateka Agathon Rwasa na bagenzi be boshobora gucamwo ngo bitoze mu matora aza:
1° Ntibashobora kwitoza mu mugambwe CNL batswe naho batawirukanywemwo kuko abakora intonde z'umugambwe bakaba na somambike b'umugambwe uri ku butegetsi ntibashobora gushira ku ntonde z'abitoza Agathon Rwasa na bagenzibe;
2° Ntibashobora n'ukwitoza ku giti cabo kuko ya myaka 2 canke 1 itarahera
3° N'iyo bari kwikura mu mugambwe CNL bakaja mu wundi vyari kubagora kuko sentare yari gushobora kuvuga ko urubanza bunguruje muri Sentare Ntahinyuzwa rutarahera gutyo bakabategeka kubanza kurusokora. Ivyo navyo biragoye cane kuko guheba CNL bisigura guheba inyubako igeretse incuro nyinshi kuko ni umugambwe ufise umutahe wa poritiki munini cane
4° Kwitoza mu runani rw'iyindi migambwe nivyo bahavuye bahitamwo ariko navyone vyaranse kuko Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yahavuye ishigikira ingingo ya CENI y'ukubakura ku ntonde z'urunani Uburundi Bwa Bose kuko ngo umugambwe wabo CNL utarimwo. Umugambwe CNL ntivyakunda kuja muri urwo runani kubera abawurongoye bashasha bari kuba bahemukiye abawubatije.

Umurundi asanzwe yumvirije ivyo yaba CENI canke Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro vyashikirije mu kubuza Agathon Rwasa na bagenzibe yohava yibaza ko bitumbereye kubera ayo mategeko abibabuza. Ariko mu vy'ukuri, Iyo Sentare iyo iza kuba yigenga koko yari gufata nkama ko Rwasa na bagenzibe ata nzira n'imwe y'ukwitoza bagisigaranye hama ikabacira inzira. Niko amasentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu bihugu intwaro y'abanyagihugu yashinze imizi akora. Sentare yigenga ntiyokwemerera Reta kubuza umunyeporiki kwitoza ku ruyeri ata vyaha yagirizwa naho yobicisha mu mategeko. Umucamanza mwiza si uwumira amategeko gusa uko yanditse urudome ku rundi aranihweza ko ayo mategeko nayone yubahiriza ayandi mategeko ayaruta.

Inyuma y'ivyo vyose, amatora aza agiye kuba abarundi barenga imiriyoni 4(dufatiye ku majwi CNL yari yaronse mu matora aheruka) badahawe uburenganzira bw'ugotora indongozi bipfuza, Urunani Burundi Bwa Bose benshi babona ko rwonyinyuranye n'umugambwe CNDD FDD birangiye rutaye inguvu rutarakura kubera Rwasa bisa naho yamaze kurukaraba. Ivyo rero yaba umunywanyi wa CNDD FDD, uwa CNL, uwa UPRONA, uwa FPI yaba umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru canke abamwegereye ntawukwiye kuvyishimira kuko igihugu kigira amahoro, ituze n'iterambere iyo inama nshingamateka ifise abatavuga rumwe na Reta barinda, bashira amanga bagaharira na Reta ku bibazo bihanze igihugu gutyo hakavuka amategeko adashimangira inyungu z'ibihangange akazingamika igihugu, kandi bikaryoha gusumba iyo abatavuga rumwe na Reta ari benshi mu nama nshingamateka.
Ivyo na Reta birayifasha cane kuko hari amakosa biyirinda kugwamwo maze bikarinda isanganya Uburundi n'abarundi.

  As Burundi legislative and local elections near, activists and analysts wonder whether the coming polls will be fair o...
25/09/2024

As Burundi legislative and local elections near, activists and analysts wonder whether the coming polls will be fair or free. They mainly ground on the new electoral code which seems to discriminate independent candidates, raises by far the electoral guaranty to 100 000 000 Francs for presidential candidates, 3 000 000 Francs for MPs, and 200 000 Francs for locals, including the second round of the presidential polls which will be unique by its inclusiveness and relative majority.
The other ground of their concerns is the biased membership of those nominated to the National Independent Electoral Commission CENI in short. E.g: At the national level among the seven commissioners there is no clear member of the opposition nominated, at the regional level in the new Province of Gitega, among the eleven commissioners no single representative of the disturbing opposition parties such as CNL of Agathon Rwasa nor Frodebu to name but a few. The only reassuring members come from NGOs some of which are unfortunately re-known for their proximity with the ruling party Cndd Fdd.
In circumstances like these the outcome of the coming elections is likely to be questionable or spark unrest. Pro-democracy NGOs such as CO.E.D are concerned by the dictatorial trend which the government is embracing.

Address

Collimateurcoed@gmail. Com
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Collimateur posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Collimateur:

Share