20/08/2021
🌷Uyu musi turavugana k'urupfu,
🌷Urupfu ni ikintu gitinywa cane,
🌷Urupfu rurababaza,
🌷Umuntu wambere yatanguye gupfa ni Abel yishwe na Kayini mukuruwe,
🌷Imana ubwayo yarababajwe nurwo rupfu rwa Abel,
🌷Na Yesu yarapfuye aca arazuka ubu ni muzima,
🌷Ubwanje birashoboka ko atanya kanini(heures,jrs...)kari imbere yanje, ni ibanga rya Data,
🌷Twese tuzopfa,harabapfuye,harabari muri morgue,nabahava bapfa,...
🌷Nabazoba bakiriho igihe inzamba izovuga birashoboka ko hazoba akantu au moins kudusegonda ko guhindurwa kuko nta uyu mubiri tubona n'amaso uzogenda mw'Ijuru,
🌷Muvyo abantu dutegekanya turibagira gutegekanya ko n'urupfu rushobora gushika kuwariwe wese mu muryango,
🌷Rwashika, rugateza ibibazo,
🌷Urupfu rurababaza rugatera amarira ariko ukwiye kumenya ko umwanya n'umwanya rugutwara cnk rugatwara uwawe,
🌷Urupfu s'igihe co gusesagura ivyofasha abasiye:Uwugiye ntaco womukorera ngo agushimire,
🌷Harabavuga ngo bararushe:Bamwe bakiyahura:Uba ugiye kuruha no kubabazwa cane,
🌷Upfiriye mu vyaha uja kubabazwa, upfiriye muri Christ uja muri Paradiso y'Imana mu kurindira ca gihe,
🌷Rero upfiriye muvyaha ushobora kuja ku kazi ko gufasha satani n'amajini kurwanya umugeni:
-Bamwe bateza ivyago abantu bitandukanye,
-Abandi ni barya muhora mwumva bakoma induru bari mubantu bariko barabasengera,
-Abandi ni barya abapfumu bahamagara iyo bariko baragura(imizimu,...),...
🌷Kubwira umuntu yapfuye ngo aruhuke amahoro n'ibindi vyo kumusabira ijuru ni invalide,
🌷(Raba wibuke ivy'umutunzi n'umworo Razaro bamaze gupfa uko vyagenze),
🌷Basha nimureke gushira abantu mu bishosho ngo nibamara gupfa muzobasabira baje mw'ijuru,
🌷Nimubaburire bakiriho bihane bezwe n'amaraso ya Yesu maze Bapfire muri Christ bigire mumunezero,
🌷Ibizimiza n'ibitsitaza ntibizoreka kuza, ariko:Ewe mûntu ubīzana !!!
🌷Umwanya n'umwanya ushobora gupfa,
🌷Mwirinde kwiyahura,
🌷Mwihane ivyaha vyanyu kuko ubwami bw'Imana buri hafi,
🌷Mwirinde gusaba abapfuye kuko ushobora gusaba uwapfiriye mu vyaha ukaba wikwegeye gutyo ukaba uzamuye impwemu ziwe(umuzimu wiwe) ukaguteza gukora ibibi,
🌷Basha ndabasavye mureke kubwira abantu ngo muzobasabira bapfuye ngo maze baronke uburuhukiro bwiza budashira,
🌷Wewe ukiriho urafise akanya ko kwitunganya ukihana,Egera abakozi b'Imana yaremye isi n'ijuru bagufashe,
🙈Mana ndakwinginze umpe ubwenge buva iwawe kandi umbabarire ivyaha vyose mfise ubu nkiri muzima, uzompe gupfana nawe Mwami wanje Yesu Christ•
🌻Groupes Whatsapp de Lumière de la paix:Seuls les admins peuvent envoyer des messages : Muri groupe WhatsApp ya Lumière de la paix ntidukunda abinjira bagaca basohoka ntitunabakeneye ntibinjire, twipfuza ko abinjira ari abagumana natwe bagasabikanya n'abandi ivyo tubaha, kw'injira muri groupe Whatsapp, fyond'aha:
https://chat.whatsapp.com/Jym7nHpcYKnAfpzJCBcDS3
🌻Vyinshi caaane vyisomere kuri page, wibuke like(aime la page) bizokworohere kubona bishasha ugire na partage(Share) des posts de la page kugira ngo benshi bashikirwe,
🌻Injirira ngaha kuri page: https://www.facebook.com/Lumiere-de-la-paix-336845653580308/