14/07/2026
🌽 : Umuntu umwe yariko akoresha abakozi mu ndimo bimbura ibigori baza barabimuzanira muhira.
✍️Hageze amasaha yo gutaha barushe, babishikanye bibaza ngo n'incuro ya nyuma aca arabinginga ati ndabasavye musubireyo irindi rimwe gusa rya nyuma🙆
Nabo baremera barasubirayo ariko umwe agenda aridoga cane bituma yigira inama mbi ati iki kibi adukoreye reka nanje mw'igunira nshireyo ibishishwa vy'ibigori, ni yagera kubiraba azobona ko hari uwamusubirije mu nkoko.
😃 Harya babishikanye bakigeze mw'irembo umwe wese n'igunira ryuzuye ibigori n'uwundi ryuzuye ibishishwa, baza bumva ababwiye ati ntimubishire mu bindi kuko mwambereye abantu beza umwe wese n'igunira afise ace atahana muhira iwe .
✅ Vyababereye vyiza cane, ariko mwibaze ukwicuza yagize umwe yashiramwo ibishishwa vy'ibigori 🤦, hari n'abandi basigaye baricuza igituma batazanye vyinshi.
🧎 Iman'idufashe cane twame dukorana umutima mwiza aho turi hose ntitugacobogore kuko tuzi Iyo dukorera ko izoduhemba ni tutarambirwa.
📖 Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.
📖 Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab' inzu y'abizera.
Ab'i Galatiya 6:9-10