18/12/2025
UYU MUSI DUSHUSHE UBWENGE, UWUTAHURA AZE KUMBWIRA MURI COMMENTAIRE, ATATAHUYE AMBAZE 😇 😇
Kumenya mu birahambaye cane.
Kenshi tuvuze hémophilie, twumve muri rusangi ndwara mvukanwa zihererekanwa zo kutavurirana canke kutavura kw'amaraso uwuzigwaye agakarirwa mukuva amaraso ku mubiri, mu kanwa, mu mazuru, mu mavi canke mu nda no mumutwe, maze ayo maraso agashobora guca mu zuru, mu bihimba vyirondoka ari menshi, mu mwanda mukuru n,ahandi naho atoba yanakomeretse! hari inkurikizi rero zo gukama amaraso kumugara no gupfa!
Muri izo harimwo hémophilie nyezina itumwa n'uko umuntu kuva asamwe aba abuze indemamubiri ituma iyo umuntu akomeretse amaraso aca ahagarara kuva (facteurs de coagulation VIII ou IX). Iyo ngwara igakarira abahungu cane.
Tuvuge uyu musi hemophilie ikarira abahungu!
Mbe ni kubera iki abahungu?
Igistina gabo kigizwe n'utunyengingo (Chromosomes) dutanga igitsina ku mwana twitwa X na Y tukadukura kubavyeyi bacu babiri.
Kugira umwana asamwe papa na mama baratanga umuganda umwumwe wese ukwiwe, kandi niko Rugiravyose yapibanze.
Rero gusama (inda) umuhungu canke umukobwa bivana nuko se na nyina baterereye. Umugabo niwe atanga igistina Kobwa canke hungu iyo habaye amabanga yabubatse. Umugabo afise XY nyina akagira XX. Ntawutanga ico adafise: Iyo hasamwe umukobwa (XX) ni se wiwe aba yabitumye kuko aba yatanze X nyina w'umwana nawe agatanga X nyene! Wabonye ko nyina ntakindi aterera, aterera ica afise misi yose nimwe muri za X zibiri, ntawutanga ico adafise🤓 Iyo havutse umuhungu (XY) ,se aba yaratanze ya Y afise wenyene mbere ariyo karanga k'umuhungu, nyina wumwana nawe yatanze X imwe muri zibiri ziwe, ubonako anifitiye XX gusa ata Y afise.
>>A. None ubona se w'umwana agwaye hémophilie (Y×) kandi afise X imwe gusa mu rubuto rwiwe kandi ikaba igwaye (nashushanije aka x gato kagwaye), umusi ariyo yaje guhura n'urubuto rw'umugore rufise XX akavyara umukobwa, ntazovuka agendana hémophilie uravye izo zimugize (Х×)? Egooo cane. Ariko kubera ko afise X imwe ikomeye ntaba kenshi agwaye naho hari aho agira ibimenyetso nko kuva amaraso menshi imisi irengeye iyisanzwe ari mu kwezi canke iyo yibarutse, ....🤓
Aha rero nta muhungu numwe azoba agwaye kuko bafise Y bakuye kuri se, Y ntigwara hémophilie!!! Abakobwa bose bazoba bayigendana bonayiha abo bazovyara nabo.
>> B. None hoho se wiwe abaye akomeye (XY), nyina akaba ayigendana (X×)? Nyina urabona ko ashobora gutanga ako kagwaye (x) ku mwana w'umuhungu agaca akura kwa se Y akavuka ari xY. Uwo muhungu (X×) yahawe na mama akagwaye azoba agwaye koko kuko ntakandi ka X afise uretse ako yahawe na nyina! Ariko umwigeme azovuka ashobora:
a. kuzoba ayigendana (ameze nk'uriya wo hejuru (Xx) niyaba asamwa haje urwo rubuto rufise x igwaye akuye kwa mama (Raba >>A ni nkaco kimwe).
b. kuzoba akomeye (XX) kuko yitomboreye asamwa haje urubuto rukomye (X) ruvuye kwa mama wiwe, rugahura na X ikomeye ivuye kwa se (XY) asanzwe atagwaye
Menya neza 30% yabagwaye iyi hémophilie yariyayadukije atanumwe bayamuyeko. Ariko bakuze nabo barashobora kuyiha uruvyaro rwabo.
Musomyi umutwe washushe? Wasobanukiwe? Micro 🎤 ni rwawe.
Call now to connect with business.