17/08/2026
: Abana bo mu Bubwiriza bwa Bahimbaje Umusi Mukuru w’Ukwigina inyigisho z'Ijambo ry’Imana bamazemwo imisi 7
, ku wa 16 Myandagaro 2026 — Inyuma y’indwi yose bamaze mu nyigisho z’Ijambo ry’Imana zo mu buruhuko, zizwi nka , abana bo mu Bubwiriza bwa Bujumbura kuri uyu w’Imana bahuriye mu birori vy’umusi mukuru wabahariwe, aho berekanye ivyo bize muri iyo ndwi.
Muri Paroisse Kw’Iriba–Kamenge, abana berekanye mu buryo butandukanye inyigisho bize, harimwo inkuru ya Nowa n’Umwuzure. Iyo nkuru yabibukije ko ukutumvira Imana n’ubugarariji bifise ingaruka, mu gihe ukwizera no kwumvira Ijambo ry’Imana bizana umugisha.
Abana basiguye ko Imana yabwiye Nowa kubaka ubwato kugira ngo ahungire hamwe n’umuryango wiwe, kuko umwuzure wari ugiye kwaduka kw’isi. Ariko abantu benshi baranse kwizera no kwumvira imburi y’Imana. Bamwe baramushinyagurira, abandi bakibaza ico ubwato bwomaze.
Ariko igihe umwuzure waza, abari baranse kwumvira Imana barahonye. Ico cigwa cashikirijwe n’abana cibutsa abakristo bose akamaro ko kwumvira Imana, kwizera Ijambo ry’Imana no gukurikiza amabwirizwa yayo, naho abandi boshobora kudatahura canke gusuzugura ubutumwa twahawe.
Uyu musi mukuru wabaye akaryo ko gushimira Imana ku nyigisho abana bamazemwo indwi, no kubona ko Ijambo ry’Imana rishobora kubashikira no kubahindura kuva bakiri bato.
Ni kandi akaryo ko gushimira abigisha, abarongozi b’amaparuwasi, abavyeyi hamwe n’abandi bose bagize uruhara mu gutuma igenda neza mu Bubwiriza bwa Bujumbura.
Ubutumwa ku bana: Kwumvira Imana ni inzira y’ubugingo n’umugisha.
«“Nowa abikora uko Imana yamutegetse kwose, niko yabikoze.” — Itanguriro 6:22»
Abana bose bashoboye gukurikirana izo nyigisho muri Paroisse Kw’Iriba–Kamenge barahawe ama certificat mu kurangiza iki gihe c’inyigisho.
____________^
: Les enfants du District de célèbrent la journée consacrée à l’apprentissage de la Parole de Dieu
, le 16 août 2026 — Après une semaine entière consacrée à l’apprentissage de la Parole de Dieu pendant les vacances, dans le cadre du , les enfants du District de Bujumbura se sont réunis ce dimanche pour une célébration qui leur était dédiée, au cours de laquelle ils ont présenté ce qu’ils avaient appris durant toute la semaine.
À la Paroisse Kw’Iriba–Kamenge, les enfants ont présenté de différentes manières les enseignements reçus, notamment l’histoire de Noé et du Déluge, rappelant que la désobéissance à Dieu et la rébellion ont des conséquences.
Les enfants ont expliqué que Dieu avait demandé à Noé de construire une arche afin qu’il puisse y trouver refuge avec sa famille, car un déluge allait s’abattre sur la terre. Cependant, beaucoup de personnes ont refusé de croire et d’obéir à l’avertissement de Dieu. Certains se moquaient de lui en disant qu’il était vieux, d’autres se demandaient à quoi pourrait servir cette arche, et certains allaient même jusqu’à lui demander si cette arche allait servir à transformer les jus des bananes.
Mais lorsque le déluge arriva, ceux qui n’avaient pas obéi à Dieu périrent. Cet enseignement présenté par les enfants rappelle à tous les chrétiens l’importance d’obéir à Dieu, de croire en sa Parole et de suivre ses commandements, même lorsque d’autres personnes peuvent ne pas comprendre ou mépriser le message qui nous a été confié.
Cette célébration a été une occasion de rendre grâce à Dieu pour les enseignements que les enfants ont suivis pendant toute une semaine et de constater que la Parole de Dieu peut les atteindre dès leur plus jeune âge. Ce fut également une occasion de remercier les enseignants, les responsables des paroisses, les parents ainsi que toutes les personnes qui ont contribué à la réussite du dans le District de Bujumbura.
Message aux enfants : Obéir à Dieu est un chemin de vie et de bénédiction.
« Noé exécuta tout ce que Dieu lui avait ordonné ; il fit exactement ce qu’il lui avait été demandé. » — Genèse 6:22"