23/11/2025
🔴 François UWIRAGIYE yaraye ashimiwe na Paroisse NGAGARA hamwe na Paroisse CARAMA-GAHAHE zo mw'ishengero Methodiste Libre .
_____________________________
🗣️" Abagendana ubumuga bwo kutabona, bafise amaso y'impwemu abona kure. "
✍️Ivyo vyaraye bishikirijwe na Rev. NTAHONKIRIYE Martin, arongoye Paroisse Ngagara,hari kuri uyu wa 22 Munyonyo 2025, aho Ishengero Méthodiste Libre Paroisse Ngagara na Paroisse Carama-Gahahe bari baramutse bagendera ikigo kiri muri Commune Kabezi, mu ntumbero yo gukengurukira ku bikorwa vy'inyubako yakoreye ayo ma Paroisse yompi.
"Uyu François Uwiragiye, ibikorwa akora bigaragaza urukundo rw'Imana". Rev.NTAHONKIRIYE yabivuze yisunze ijambo ry'Imana riri muri yohana 3 :16.
🗣️UWIRAGIYE Sylvie, arongoye ikigo Fondation Uwiragiye, kubwiwe ngo
abana bagendana ubumuga bwo kutabona,n'abana nk'abandi kuko ngo bariga, barakora n'ibindi bikorwa vy'amaboko nko kujisha ,gushona,kuriririmba n'ibindi.Ahamagarira abavyeyi bafise abana bagendana ubwo bumuga kwegera ikigo Fondation Uwiragiye kugira kibafashe kwigisha abo bana.
🗣️ NSHIMIRIMANA Francine asanzwe agendana ubumuga bwo kutabona aba muri ico kigo agira ati : " Kugendana ubumuga bwo kutabona ntibisigura ko uba umenje.Abana bagendana ubwo bumuga turashoboye kuko turiga,tugakora n'ibindi bikorwa nk'abandi.", Ahamagarira n'abandi bana kwijukira kwiga.
🔙Ikigo Fondation Uwiragiye kimaze imyaka 10 kiriko kirafasha abana bagendana ubumuga bwo kutabona.Ubu bakaba bafasha abana bababa 300.