Apolo comedien

Apolo comedien Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Apolo comedien, Nonprofit Organization, kenya������, Nakuru.

Hari Vuga na Ziba … 😅✍🏿
05/05/2026

Hari Vuga na Ziba … 😅✍🏿

✊🏾🇰🇪 Umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto, ku munsi mukuru w’abakozi witwa "Labour Day" yakoze amateka ejo igenekere...
02/05/2026

✊🏾🇰🇪 Umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto, ku munsi mukuru w’abakozi witwa "Labour Day" yakoze amateka ejo igenekerezo rya 1 Rusama 2026.

✍🏾 Umukuru w’igihugu ca Kenya William Samoei Ruto yamenyesheje abanyagihugu ko igihe kigeze co kunagura ubuzima bw’abakozi. Yavuze ko abakozi bose bagiye kwongerwa imishahara ku rugero rwa 12%, mu ntumbero yo kubafasha guhangana n’ubuzima buguma burushiriza kuzimba. Ariko ntiyagarukiye aho abakorera mu gisata c'uburimyi ( Agronomie ) , basanzwe ari inkingi y’ubutunzi bw’igihugu, bo bazoronswa inyongera idasanzwe ya 15% nk’ishimwe ku ruhara rwabo bakoze mu guteza imbere igisata c'uburimyi.

🤵🏾‍♂️🗣️ Si ivyo gusa, yabwiye abenegihugu ko ahubwo Reta yiwe iriko irakora cane mu bijanye no kugira imibereho myiza kubanyagihugu.

🏤 Yavuze ko hariko hubakwa inzu zirenga 273.000, zirimwo n’izigenewe abafise ubushobozi buke, kugira ngo benshi bashobore kuronka aho baba hatekanye kandi hatabazimvye. No mu ntara ya Vihiga County hariho izo nzu ziriko zirubakwa.

📜 Mu majambo make William Samoei Ruto ariko aragerageza guteza imbere ubuzima bw’abakozi mu kubongera amafaranga no kubafasha kuronka aho baba heza hatabavunye mu gukota.

hiii pesa  niya inch gani familia🇰🇪🙏
30/04/2026

hiii pesa niya inch gani familia🇰🇪🙏

🇧🇮✈️🇹🇷 Kubera ingendo z'akazi ntivyakunze ko agaruka mu gihugu ahubwo yakomereje mu rugendo rw'akazi nyene.🤵🏽‍♂️✈️ Nyeni...
17/04/2026

🇧🇮✈️🇹🇷 Kubera ingendo z'akazi ntivyakunze ko agaruka mu gihugu ahubwo yakomereje mu rugendo rw'akazi nyene.

🤵🏽‍♂️✈️ Nyenicubahiro Umukuru w'igihugu c'u akaba n'umurongozi w'ishirahamwe ry'umuryango w'ubumwe bwa Afrika Evariste Ndayishimiye avuye muri mw'iyimikwa rya Perezida Denis Sassou N'Guesso yabandanirije urugendo mu gihugu ca ( Turquie ) ku muhingamo w'ejo aho yitabiriye Inama itangura uwu musi wa gatanu igenekerezo rya 17 gushika 19 Ndamukiza 2026.

🪑Iyi nama ya "Forum Diplomatique D'Antalya" ( ) azoyihuriramwo n'abandi bakuru b'ibihugu batandukanye n'abayobozi b'ama Reta.

🛬🇹🇷 Ash*tse ku kibuga c'indege ku muhingamo yakiriwe Ambasaderi ashinzwe kwakira Abategetsi bitavye iyo nama.

Présidence - République du Burundi Evariste Ndayishimiye OPDD-BURUNDI

Waleviii Hoye 😅 Imagine Gari Ya kusafirisha Beer Imeanguka, Sema Watu Kukunywa, Sema Kando Ya Bara Bara Kugeuzwa Klabu, ...
16/04/2026

Waleviii Hoye 😅 Imagine Gari Ya kusafirisha Beer Imeanguka, Sema Watu Kukunywa, Sema Kando Ya Bara Bara Kugeuzwa Klabu, Sema Tu Dj Ndio hakuwa Na Madem, But Sherehe Ilipigwa, Yaani Unakunywa Ukibeba ukisonga 😅

Bro, Unakumbuka Gari Ya Mkate Na Soda Ilianguka Sijui thika? Leo Walevii Wamefikiwa Majamaa, Ila Iyanii 😅😅

16/04/2026
🔴 Iruhande y'amazu, imirima yaratemaguwe, ibitungwa nk'ingurube, inkoko,... biricwa biturutse ku gashavu k'abanyagihugu ...
15/04/2026

🔴 Iruhande y'amazu, imirima yaratemaguwe, ibitungwa nk'ingurube, inkoko,... biricwa biturutse ku gashavu k'abanyagihugu bagomvye kwihanira "abarozi"
--------------------------------
🙆🏿‍♂️ Abavyeyi bagirizwa uburozi, abana, ibitungwa,... birarwa mu mporero. Inzu zigera kuri 5 z'abikekwako uburozi ku mutumba Gihamagara komine nizo zari zimaze kubomorwa gushika kuri uyu wa 14 Ndamukiza 2026.
Iruhande y'amazu, imirima yaratemaguwe n'ibitungwa nk'ingurube, inkoko, n’ibindii biricwa biturutse ku gashavu k'abanyagihugu bagomvye kwihanira inyuma y'urupfu rw'umusore yari ahejeje guhezagirwa ngo akore ubukwe(https://www.facebook.com/share/p/1LwJKRueKE/)

🥹 Abana b'abo bagirizwa baratekeye barahunga yamara aho bageze hose ngo babamirira kure ko batabakeneye

🗣️ Umuhanuzi wa Buramatari wa Gitega ajejwe amategeko, ahamagarira abanyagihugu kuvavanura niyo ngeso yo kwikeka uburozi kuko ngo n'uwupfa itongo n'uwundi yohava avyuka avuga ko ari umurozi gutyo abantu bagahorwa ubusa kandi bakamarana

🎙️Ahamagarira umunyagihugu wese afise ico abona kitagenda neza kugishikiriza abajejwe intwaro

👀 Ni izahe ngaruka zindi umaze kubona zo kwikeka uburozi

  Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Angeline Ndayishimiye yafashe urugendo ku muhingamo wo kuri uwu wa 15 Ndamukiza 202...
15/04/2026

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Angeline Ndayishimiye yafashe urugendo ku muhingamo wo kuri uwu wa 15 Ndamukiza 2026 yerekeza i Libreville mu gihugu ca aho yitavye ibirori vyo gutanguza isekeza ryo kwongerereza ubwinanasi bw'abigeme n'abakenyezi mu guhangana n'ihindagurika ry'ibihe.

Ibiro vy'Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu bijejwe iterambere, OPDD bimenyesha ko Angeline Ndayishimiye yitavye ubutumire bwa mugenziwe wa Gabon, Zita Oligui Nguema. Ukwo kwitabira ivyo bikorwa ngo bishimangira ukuntu Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c'Uburundi yitaho gukomeza ubwinanasi bw'abigeme n'abakenyezi mu guhangana n'ihindagurika ry'ibihe hamwe no gukomeza imigambi yo gukorana hagati y'abatambukanyi b'abakuru b'ibihugu muri iyo ntumbero.

🔴 Igiporisi co muri komine Matongo gihejeje kwemeza ko muri rya sanganya ryabera muri komine Matongo hapfuye umukenyezi ...
15/04/2026

🔴 Igiporisi co muri komine Matongo gihejeje kwemeza ko muri rya sanganya ryabera muri komine Matongo hapfuye umukenyezi umwe afise imyaka 75 asanzwe avuka muri zone Mugomera komine Ngozi

👮🏾‍♂️Igiporisi kibandanya kimenyesha ko hakomeretse abantu 12 kandi ko amafire yanse gufata hamwe n'ibarabara ryanyerera arivyo vyabaye intandaro y'iryo sanganya ryabaye kuri uyu wa 13/4/2026 isaha 8 n'iminota 10 aho imodoka zibiri zasekanye nazo zononekaye cane

‎⛓️   : Yafatanywe uducupa 672 tw'imitobe ivuye muri Tanzaniya mu buryo butemewe n’amategeko‎---------------------------...
15/04/2026

‎⛓️ : Yafatanywe uducupa 672 tw'imitobe ivuye muri Tanzaniya mu buryo butemewe n’amategeko
‎---------------------------------
‎🌙 Vyabaye mw’ijoro ryo ku wa 9 Ndamukiza 2026, aho igiporisi cegukira inyamiramabi z’intara ya muri komine Cankuzo, ku mutumba wa , cafashe umuntu yari avanye imitobe yo mu bwoko bwa Fursana, Energy na Orange ayikuye muri Tanzaniya, vyinjijwe mu gihugu mu buryo butemewe n’amategeko

‎📦 Nk’uko bigaragara mu cegeranyo c’igiporisi, hafashwe amakarato arimwo uducupa 672. Ivyo bidandazwa hamwe na moto yakoreshejwe mu kubizana vyaciye bishikirizwa ikigo kijejwe kwegeranya amakori,

‎⚖️ Uwo yafashwe yagirizwa icaha co guhungabanya ikora neza ry’ubutunzi bw’igihugu, nk’uko vyamenyeshejwe

‎📢 Abajejwe intwaro ku mutumba wa Mishiha basaba abakora urudandaza rwose kubikora mu nzira zemewe n’amategeko, kuko kubirenga ari ukwikwegera ingorane no kwisubiza inyuma

Address

Kenya������
Nakuru

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Apolo comedien posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share