NTRD Twungurane

NTRD Twungurane Welcome to New Technology and Rural Development "N.T.R.D - TWUNGURANE"
Contacts:
+25771118405
+25776138087
+25777154186
[email protected] MURAKOZE.

Iri shirahamwe riserukiwe mu ntara icenda arizo Rutana, Bujumbura, Bubanza, Ruyigi, Ngozi, Gitega, Mwaro, Makamba na Muyinga kawoba akeneye address bivanye naho ari yotubaza tukamubwira. Ku bantu bose bari hanze y'igihugu nabo barahawe kaze turiko turategura ama forms bazokwuzuza binye n'igihugu urimwo na contribution ya buri muntu

Ishirahamwe N.T.R.D – TWUNGURANE rifise icicaro gikuru mu ntara y

a RUTANA I GIFIFI hafi y’ihinguriro rihingura usukari SOSUMO. T umaze kubona ingene ibijanye n’ubuhinga bwa none bw’ingurukana bumenyi ingene uburundi bwacu bukiri inyuma tugereranije n’ibindi bihugu. Dukurikiranye ingene ibinye na Internet abarundi bakiri kure cane, Bagashika nabaciye ku ntebe y’ishure agasanga ntazi niyo bita umutwe , mugihe aribwo buhinga bugezweho mu guhanahana amakuru. Tukaraba ukuntu umuntu akaneye kwandikisha document ukuntu bimugora , akagenda ibirometero vyishi n’itike rinini mukwiyunguruza kugira ashike aho yashobora kwandisha document canke kuronka aho yagira photocopy, turavye ingone ahantu heshi mu Burundi bagikoresha za mashine za kera zo kubabirigi. Twihweje ingene uburundi bwacu bwinjiye mu muryango w’Africa y’ubuseruko (East Africa Community ) naho bakaba bahurira ku Congereza n’Ikiswahili . Turavye ingene abantu bishwe n’ubukenye na cane cane urwaruka rutashoboye kurangiza amashure n’abandi bayamaze bakabura akazi, kuko ubuzi bwose bahanga amaso Leta nayo ikaba itashobora kubaronkera ubuzi bubakwiye. Dukurikiranye ukuntu isi yacu yatitutse bigatuma nabarima ataco bacimbura hamwe bivuye kukutamenya gutunganya indimo neza mu buryo bwo kurima kijambere. Turavye ibitiri vy’abana bapfa bakiri musi y’imwaka itanu kumvo z’indwara zo gufungura nabi kandi ivyangombwa bikwiye kugira umwana abeheho neza tivyifitiye ariko bikatunganwa nabi kukutamenya. Duharuye ibitigiri vy’abantu birirwa kwi rigara (illegal place) bakina amakarata n’urubugu rikarenga bafise amaboko n’inguvu zikwiye, ari naho handurukira ingeso mbi zitandukanye nk’ubusuma , ubusambanyi, inda zindaro, kunywa urumogi, n’ibindi biyayura mutwe nka kanyanga, …. Ivyo vyose bigaterwa nuko babuze uwobaja imbere ngo abereke ico bokora kugira babeho nka bandi. Nk’akarorero kubigisha imyuga mito mito nko kubarira, Guteka , kubaza, gukora masabuni, kworora udutungwa dutoduto nk’inkoko, inkwavu, impene, ingurube, imbata, imbeba z’ikizungu,intama, …. Tumaze kubona ivyo vyose twebwe nk’abaheruka guhunguka, twabonye ko twokwiyungunya mu bukene bwacu uko dushoboye tugatorera inyishu inyishu ivyo bibazo vy’ugarije uburundi n’abarundi kandi tukizera ko dufatanye munda twese abarundi aho bari hose ko tuzoshika kuntumbero dufise uburundi bwacu bukogorora. Muriko gufatana mu nda twabonye ko twoshinga ishirahamwe ryoduhuriza twese hamwe abasangwa n’abahungutse kugirango dufashanye twese hamwe gutorera inyishu ibi bibazo vyugarije uburundi n’abarundi, nakare barayamaze ngo “Tubiri tuvurana ubupfu” ngo kandi “Ibigiye inama bigira Imana”
Ishirahamwe ryacu twaryise “ New Technology and Rural Development :N.T.R.D-TWUNGURANE” ( Ubuhinga bwa none n’iterambere mu banyagihugu ) Twashizeko TWUNGURANE kubera intumbero dufise nuko umwe wese afise umutima wo gukunda igihugu camwibarutse yogira ico atanze canke yigishije kuvyazi vyotuma duterurana gushika aho tuzosanga twese twateye imbere umburyo ubu canke ubundi. Tweyemeje ibi bikurikira:
1. Kwigisha ibijanye n’ubuhinga bwa none
2. Kwigisha indimi z’ikiswahili n’icongereza
3. Kwigisha imyuga mitomito
4. Kurima no kworora kijambere
5. Kuziganya no kuguranana hagati y’abanywanyi
Icacaro gikuru c’ishirahamwe kiri mu ntara ya RUTANA I GIHOFI. Iri shirahamwe ryemerewe ku rwego rw’igihugu itariki 31/01/2014 Mu kwitanga kwacu gukomeye tukaba mukiringo gito tumaze gushika ku ntabwe ishimishije. Kuko gushika uyu musi riserukiwe mu ntara icenda arizo RUTANA, BUBANZA, RUYIGI, BUJUMBURA, MWARO, NGOZI,MUYINGA,GITEGA na MAKAMBA tukaba dufise ivyizigiro ko Imana udushoboje rizoshika mu ntara zose n’amakomine yose. Kubw’ivyo duteye akamo umuntu wese yogomba gushikira ivyiyumviro vyacu yaba umurundi canke umunyamahanga ko yodufata mu mugongo kandi Imana ntizobura kumushimira. DUFISE COMPTE Y’ISHIRAHAMWE MURI B.C.B(Banque de Credit de Bujumbura) iyo compte yitwa “Association N.T.R.D-TWUNGURANE NO. 207-0083565-66” Turashimiye abantu baduterera ivyiyumviro n’abatubaza ibibazo. Twipfurije abarundi bose iterembere rihoraho. DUHAYE IKAZE UMUNTU WESE YIPFUZA KWINJIRA MW’ISHIRAHAMWE KUGIRA NGO DUFASHANYE KUDUZA IKIVI.

Address

Gihofi Rutana
Rutana

Opening Hours

Monday 09:00 - 17:00

Telephone

+25776138087

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when NTRD Twungurane posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to NTRD Twungurane:

Share