04/02/2026
INKURU Y’UMUHAMAGARO WANJE – Igice ca mbere
Hari mu mwaka wa 2006, aho nari i Kayanza, maze nheba ishule kubera kubura uburyo. Data yari yarishwe ku wa 19 Rusama 1995, Mama na we ntiyari afise ubushobozi bwo kutwigisha twese, kubera ubukene bukabije umuntu atoronka uko abusobanura.
Twabayeho mu buzima bw’inzara ikabije. Hari igihe twabura ivyo turya tukateka imyumbati ya gitamisi, ibitoke vy’ibikashi, canke amarara atagira umunyu canke amavuta. Ntampuzu twari dufise. Ndibuka ko Mama yigeze kwishonera iguturiya mw'irido, ivyo abasirikare n’abasahuzi bari barasize inyuma, inyuma yo kudusahura vyose.
Ivyo vyabaye mu bihe vy’intambara yabaye i Kayanza, cane cane i Butaganzwa, benshi muri mwebwe murabizi. Iyo nzara yakomotse ku myaka myinshi abantu bari bamaze mu buhungiro. Jewe nari nkiri muto cane, ariko naciye nsanga ntegerezwa kwiba ivyo kurya canke ngahitamwo gupfa.
Hari inzara bita “Nzoba ndambara”. Sinibaza ko hari umuntu atayizi ico gihe. Jewe sinigeze mfatwa na rimwe, ariko novuga ko nari umuntu arondera ravitaillement y’umuryango, nari kirumara hagati ya 1998–2000. Bankomye nariruka cane nk’umuyaga.
Ico kibazo c’inzara cari gishasha iwacu, kuko mbere y’ivyo, naho iwacu hatari imodoka, hari ivyokurya vyinshi. Nakuze mbona abavyeyi banje bakoresha abakozi benshi, bakimbura umwimbu mwinshi: ibiharage, imyumbati, ibijumbu, ibitoke. Baradandaza ubumera n’amasaka ku masoko ya Bumba na Mitore. Inzara ntayo twari twaramenye.
Ndibuka ko nigeze kwiba ibijumbu nka 10, Mama akabiteka, hanyuma akabitugaburira: umwe akaronka kimwe kimwe canke bibiri, tukanywa amazi, tukaryama. Hari igihe niba imivunde, nkayishira mu iharire y’igoti nahawe na marume Alfred Nyandwi. Iyo hari nko igunira; iyo nayujuje twarasekura tukaronka umutsima twakoza ibintu bidasobanutse.
Jewe na petit frère Nahayo Abdoul, hari igihe twatahaga ku manywa tuzi neza ko ata kintu co kurya kiri muhira, ariko kugira abana b’ababanyi ntibamenye, twaca dukora umusururu w’ifu y’imyumbati mu minota nka 15, tukawunywa ata sukari, hanyuma tukicara nk’abahaze.
Hari n’igihe twateka imyungu itarera, tukayoragura, tukarara turavyuka bukarinda buca. Umwungu utarera n’amazi, ni nk’ipastèque. Naribye amavoka ico gihe, nkurira ku giti, nkurirana igunira, nkayirambika mw’izosi, kugira ntihagire iyikoroka canke abeneyo banyumva. Twazisangira twese muhira.
Igihe intambara yaguma ikomera, abantu benshi ntibaronka ubundi buhungiro atari kuja mu kibira gusangayo abandi. Nanje naciye ndugayo. Igihe ca 2000–2003 cari kibi cane; ico kiringo nzokivuga mu yindi nkuru.
Mu 2006, nasanze muhira inzara yaraheze. Mama yari yatanguye gukora kanyanga. Agacimbiri k’iwacu kitwa Kamigina karamenyekanye cane kubera kanyanga, nk’uko yoba yari Usune canke ku Ruganda. Nta musi wahita utaronse nk’amakilitilo 1000. Kanyanga yari yahinduye amateka y’umuryango.
Nasanzeyo amafaranga, nasanze Abo tuvukana bambara neza, basubiye ku mashule, baroroye ingurube Mama yise BOBO BUZIMATAKO. Ariko ntivyari vyoroshe ku mutima wanje.
Muri ico gihe, naciye nsubira gukomeza agakiza nari narakiriye mu bihe vy’inzara mu 1999.
👉 Mu gice ca kabiri, nzobabwira uko nasengeraga muri Église du Rocher, Inyabibuye ariko nkaguma ninwera kanyanga, nkavuga ubutumwa bukaze, abantu bakibaza ngo ndi mu mpwemu, nyamara ari gapitambere nanyoye. Benshi barakizwa, barihana. Ariko narakunda Imana n'ivyo gusenga cane.