29/08/2023
Ncuti bagenzi, na cane cane mwebwe barimyi borozi. uno musi nahisemwo kubaganiriza kubijanye n ikintu beshi bazi naco si ikindi ni IMFUMBIRE.. Hari infumbire zigenda zitandukanye. hariho infumbire ziva ku bitungwa hakaba izo turonka twifashishije inyabarega' hakabaho n izindi za kizungu bita Angrais chimique. ariko izonfumbire zose zikagira ivyo wozishima n ico wozigaya. aha nk infumbire ya kizungu icambere twoyigaya ni ugututura isi irazimvye kandi ikanagira ingaruka mbi cane ku bihereza indya zarimwe hakoreshejwe iyo nfumbire.. Hano ero twabazaniye infumbire yindi imaze kuza iramenyekana ariyo MAGANGA Y INKWAVU. IYI rero ntaco woyigaya na kimwe kuko yimbuka cane kandi izi ikarushirizaho kwongera akanovera kayo maze. umurimyi akimbura umusesekara. iyi nfumbire rero ikoreshwa mukuyivanga n amazi inyuma yo kuyorekera muco wayibitsemwo mu kiringo c indwi2 Iritiro TY AMAGANGA Y ' INKWAVU ukarivanga n amaritiro 20 y amazi. ugaheza ugashira mwipompo ugapompa ku mababi y igiterwa. Aha rero nobabibutsa ko ayo maganga adakora nk infumbire gusa ahumwo ashobora gusubirura ya miti y uburozi bwica udikoko aruyo bita mu gifaransa, (( pesticide na insecticide) iyo miti nayo ikaba mibi cane ku magara y abantu. MUZE ERO TWIJUKIRE AMAGANGA Y INKWAVU KUKO NI YI YONYENE ASHOBORA GUKEMURA IBIVAZO VY INZARA N UBUKENE BIDUGANZE. KUBAFISE ICO BABAZA. ANDIKA COMMENT KURI IYI PAGE TURABISHURA. murakize