E HOME BURUNDI

E HOME BURUNDI E-HOME BURUNDI, Votre satisfaction sera notre fiérté.

12/04/2026
06/04/2026

TWIBUKANYE BISHOBOTSE TWIGISHANYE.
Mbega uguze assurance igahera imodoka yawe idatembagaye, Uba uhomvye ?

Twijukire umugambi wo kuvuzanya, dutegekanirize kazoza amagara yacu, kugwara ntibiteguza. Ni muriyo ntumbero mutualité d...
03/04/2026

Twijukire umugambi wo kuvuzanya, dutegekanirize kazoza amagara yacu, kugwara ntibiteguza. Ni muriyo ntumbero mutualité de santé E-HOME ibandanya guhimiriza cane cane urwaruka kwijukira ama mutualité muntumbero yo gushira mungiro umwe mumigambi y'Imbonakazoza.

20/03/2026

⭕ Dr. Ir. Nestor Niyonzima, Umurundi, niwe ubu arongoye ishirahamwe ry'ibihugu bikora ku ruzi Nil

Ishirahamwe ry'ibihugu bikora ku ruzi Nil (Initiative du Bassin du Nil) ni ishirahamwe rihuza ibihugu cumi bikora kuri urwo ruzi ndetse amazi yavyo anisuka muri urwo ruzi rwa mbere rurerure muri . Iryo shirahamwe ryashinzwe kuwa 22 Ruhuhuma 1999 rikaba rihuza gushika ubu ibihugu nka RDC, Burundi, Rwanda, Uganda, Soudan, Soudan y'epfo, Tanzanie, Ethiopie, Kenya na Egypte.

Kuva kuwa 06 Kigarama 2025, Nestor akaba yagenwe n'inama y'abashikiranganji mu vyo bajejwe harimwo amazi n'ibidukikije muri ivyo bihugu bigize iryo shirahamwe. Hari mu nama igira 33 y'iyo nama nshikiranganji yabereye i irongowe n'Umukuru w'urwo rwego muri kino gihe asanzwe ari n'umushikiranganji w'Uburundi mu vyo ajejwe harimwo ibidukikije, Calinie .
Ico kibanza akaba azokimaramwo imyaka ibiri.

Nestor Niyonzima akaba abaye umurundi wa kabiri arongoye urwo rwego nshingwabikorwa rwa IBN/NBI rufise icicaro i Kampala, mu Buganda, inyuma ya Audace yarurongoye kuva mu 2006 gushika mu 2008.
Ico kibanza ibihugu vyose bigize iryo shirahamwe bikaba biza birakibisikanyamwo inyuma y'imyaka 2. Nestor Niyonzima akaba yasubiriye umugandakazi azwi kw'izina rya Dr. Florence Grace Adongo yarangije ikiringo ciwe muri Kigarama 2025.

Nestor Niyonzima akaba yahora ari umuyobozi mukuru ajejwe ikigo AHAMR kijejwe amazi n'isukura mu gihugu hagati.
Iyo mvukira y'intara ya , Komine ya kera ya , akaba yavutse mu 1982. Mu bijanye n'amashure, Nestor Niyonzima afise urupapuro rw'umutsindo rwa "Doctorat" mu bijanye n'amazi (Water Engineering) yaronkeye mu gihugu c' . Nestor Niyonzima akaba yahora kandi ari umwigisha muri kaminuza y'Uburundi.

Tubibutse kandi ko umurundi azwi kw'izina rya Ezéchiel nawe arongoye muri kino gihe Ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afrika yo hagati, . Ikibanza azomaramwo imyaka itanu.

Mwibaza ko ari akahe karusho kava kukuba ari abarundi barongoye amashirahamwe amw'amwe mpuzamakungu buhurikiyemwo?


Twisunge imbonakazoza y'igihugu cifashe muri 2040, igihugu giteye imbere muri 2060. Umugambi wo kuvuzanya ntiwawusize in...
14/03/2026

Twisunge imbonakazoza y'igihugu cifashe muri 2040, igihugu giteye imbere muri 2060. Umugambi wo kuvuzanya ntiwawusize inyuma kugira ngo twubake u BURUNDI bw'Ejo hazoza muri E-HOME. Turikumwe twese Birashoboka.

Ngibi ibintu 4 bizotuma Abarundi barambira Dubai bakundwa kandi bakubahwa 🇧🇮🔥Dubai ni nk’isaha nini ikora ata gucererwa....
01/03/2026

Ngibi ibintu 4 bizotuma Abarundi barambira Dubai bakundwa kandi bakubahwa 🇧🇮🔥

Dubai ni nk’isaha nini ikora ata gucererwa. Uwinjira ayihubukamo, iramurya. Uwinjira ayubaha, iramuhindura zahabu. 💼✨
Ngibi ibintu bizotuma aburundi barambira Dubai:
1️⃣ Kuba ku mwanya no kubahiriza isezerano
I Dubai isaha ni umwami. Uja ku kazi kare, ugakora akazi wasabwe, izina ryawe rirakura.
2️⃣ Kubaha amategeko ya 🇦🇪

UAE yubakiye ku mategeko. Kubaha umuco w’aha, kwambara neza ku kazi, kudasiba kukazi ata mpamvu izwi, kwirinda amahane, kurwana, ku borerwa ni ikarata yawe yo kwizerwa.
3️⃣ Kuvuga neza no kwirinda amajambo adafise akamaro
Aho gukwiragiza inkuru zibihuha, ba umuntu wubaka. Company zikunda abahumuriza abandi, si abacana umuriro basambura company.
4️⃣ Kwiyubaka mu bumenyi
English, skills, discipline. Uwo ni umuryango w’amahirwe. Ntukabe uwizera gusa salary, ba uwongera agaciro.
Akarorero k’abitwaye nabi
Hari aho usanga bamwe baturutse muri 🇳🇬 Nigeria canke 🇺🇬 Uganda bafatwa nabi kubera bamwe mu babo bakoze ubusuma gucuruza ibiyayura mutwe kurwana no kuborerwa canke uburyarya. Si bose, ariko ibikorwa vya bake bituma bose babwirwa nabi, bakurwa muri Dubai ikibiriraho mbere ubu hari ibihugu uvuze ko uvuka muri vyo ata viza boguha.
Isomo?
Izina ry’igihugu rirubakwa n’imico y’umuntu umwe umwe. Iyo umwe akoze nabi, igicucu kigwa kuri benshi ibihano ugasanga bifatiwe benshi ikosa rya kozwe n umuntu umwe canke babiri.
Abarundi, turi bake ariko dushobora kuba urumuri. Nimba umwe muri twe yitwaye neza, akazi kakamukunda, boss akamwubaha, ejo hazokwakirwa n’abandi.
Ikindi naco abarundi dukwiye kuja hamwe tugakomeza ubumwe bwamye buranga basokuru.
Tugiye hamwe twokubaka ikintu gikomeye hamwe muri twe usanga harimwo indongozi kurya usanga aba Egypt canke aba Hinde ari aba foreman ba ma site canke aba Camp boss ndizera neza ko natwe urwo rwego tworushikako.
Ntukabe uwuje gushaka amafaranga gusa. Ba uwuje gusiga izina ryiza.
💬 Mbwira:
1. Ni iyihe yindi mico ubona ikwiye kuturanga hano i Dubai?
2. Hokorwa iki kugira dushike kwiyo mbona kazoza i Dubai?
3. Vyodutwara igihe kingana gute?
Nimba iyi nkuru ya kunezereje:
🔁 Sangiza abandi ishike kure. Gira like na follow kwiyi page Dubai Hidden
📲 Kandi ukomeze gukurikira Dubai Hidden ipage iguha icizere c’ejo, ikakubwira amabanga atavugwa n’abandi.

25/02/2026

🛻 Ku bafise imiduga n'izindi ngendeshwa, kuriha "redevance environnementale" biherana n'itariki 31 Ntwarante

👆🏽 Ayo mafaranga tuvuga murihishwa yitwa "redevance environnementale" ni ayategekanijwe mw'ibwirizwa rigenga amafaranga reta ikoresha mu mwaka w'2025-2026, mu ngingo y'109. Agatozwa kugira azofashe gukingira ikirere n'ibidukikije vyononwa n'ivyuka birekurwa n'izo ngendeshwa.

💁🏿‍♂️ Ico mwokwitwararika kwibuka ni uko harenze itariki 31 Ntwarante yo guheza kurihirako, uwarihishwa ihadabu yo kuriha ibice 50% vyayo wari kuriha, bagashirako igice 1% ku kwezi ku kwezi.

💸 Amafaranga arihwa hisunzwe ibiro ingendeshwa zanyu ziba zipima. Amamoto n'ingendeshwa zose zimoteri zifise amapine 2 (motocyclique) bariha fbu 10 000. Iz'amapine 3 (tricycliques) bariha Fbu 20 000. Izisigaye, kuva ku mapine 4 nizo ziriha bivanye n'ibiro zipima, nk'uko bitegekanijwe muri iryo tegeko.

1️⃣ Gushika ku biro 1400 kg zirihirwa Fbu 50 000 ;

2️⃣ Kuva ku biro 1400 kg gushika kuri 2500kg zirihirwa Fbu 100 000 ;

3️⃣ Kuva ku biro 2501 kg gushika kuri 3500kg zirihirwa Fbu 500 000 ;

4️⃣ Kuva ku biro 3501 kg gushika kuri 9000 kg zirihirwa Fbu 1 000 000 ;

5️⃣ Kuva ku 9001kg kuduga bariha Fbu 1 500 000.

Nimwe mudashaka kubaza. Inyishu zivyo mukeneye  na hano ziraboneka.
10/02/2026

Nimwe mudashaka kubaza. Inyishu zivyo mukeneye na hano ziraboneka.

02/02/2026

Avec RTNB – J’ai une série en cours ! Je suis super fan depuis 8 mois d’affilée. 🎉

14/01/2026

Un grand merci à mes nouveaux followers ! Eduk Nim, Kabura Elysée, Excellent Guy Vianney, Alexis Singa Gaciye Sibomana, Mélance Ntirampeba, Katubayemwo Bowanerige Fridolin, Willymon Bimenyimana, Joachim Mpawenayo

Address

Bujumbura, Avenue De L'OUA N°55, Immeuble Saint Pierre, Bureau N°15
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when E HOME BURUNDI posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share