09/02/2025
🔴STJO:Abakenyezi n'abigeme bashika 13 nibo barungitswe mu bihugu vya barabu gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere.
📍Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 9 RUHUHUMA ikigo carungitse abakenyezi n'abigeme bashika 13 mu bihugu vya barabu kwironderera ubuzima mu ntumbero yo kwiteza imbere.
🎙️Nkuko tubishikirizwa n'umuyobozi Mukuru w'ico kigo amenyesha ko ico kigo gifasha abakenyezi n'abigeme kubaronderera ubuzi mu bihugu vya barabu mu ntumbero yo gukangurira abakenyezi n'abigeme gukora ibikorwa vy'ukwiteza imbere n'uguteza imbere imiryango yabo ndetse bakibikora mu ntumbero yo gushigikira imbonakazoza y'Uburundi kuko n'abakenyezi nabo batosigara inyuma mw'iterambere.
Yamenyesheje kandi ko babategura bakiri mu kigo ndetse bakanabakurikirana iyo bash*tse kubuzi iyo bakorera bakanagenzura yuko abo bafashije kuronka ubuzi bariko bitunganiriza imigambi y'iterambere mu mishahara baronka bari kubuzi.
Yarangije amenyesha ko ariyo ntumbero bafise yukwama bafasha abakenyezi n'abigeme kandi ko uwuvyipfuza wese yo kwitura ico kigo kiri aho bita i , Komine ISARE, Intara ya Bujumbura ugeze aho bita ku canke agahamagara kuri +25768281212