11/08/2026
Paeej-Burundi Mission Humanitaire pour la Sante, l'Education et le Dévelopement Pasteur Joseph Bukuru Simbizi Wa Semavumba
🚨UMWIHWEZO
📚 TUVUGE KO MURI KINO GIHE KWIGA ARI UGUTA UMWANYA?
Tucaruka twakuze batwigisha akaririmbo kagira kati: 🎶 « Kazoza keza ntikari mw’ibarabara, kazoza keza kari muri iyo cahier nyene… » 📖✍️
Ariko muri kino gihe tugezemwo, hari abatari babona nk’aho umenga iyo ndirimbo yari amayeri canke ububeshi. 🤔
Ivyo babivuga bafatiye ku kungene urwaruka rwinshi uno munsi ruba rwararahejeje amashure, ariko ugasanga nta bumenyi canke ubuzi babonye, mbere bagiye gukora ubuzi buto buto benshi bafata ko bwagenewe abatize. 🎓➡️💼
None vy’ukuri, tuvuge ko muri kino gihe kwiga ari uguta umwanya? 🤔
📚 Aha ni kuri VYUKAA MAGAZINE, tubafasha kumenya ukuri no kubahugura. 🧠💡
Umumenyeshamana umwe ni we yigeze gusigura icanditswe kivuga ko: « Umunyabwenge aganza umunyenkomezi. » 🧠👑💪
Muri iyo nsiguro, yamaze umwanya utari muto yerekana ko uwufashe akanya akibikako ubumenyi ataba ataye umwanya na gato, ahubwo aba agiye mu babereye kuganza canke kurongora abandi. 📚⏳➡️👑
🎓 NONE N’AKAHE KAMARO K’ISHURE?
Imbere y’uko tuguma tuvuga ibindi , reka tubanze tubasangize akamaro k’ishure. 📚👇
1️⃣ Tuhigire ivyo tutari tuzi — Connaissances 🧠📖
Umwana ava muhira ata na kimwe azi, ariko asohoka ishure afise ubumenyi kanaka. 🎒➡️📚
2️⃣ Tuhakura ubushobozi — Compétences 🛠️💡
Umwana yamaze kuronka ubumenyi aca aronka ubushobozi bwo gukora igikorwa kanaka canke umwuga kanaka. 👨🔧👩💻👨🏫
3️⃣ Tuhamenyanira n’abandi — Réseau 🤝🌍
Ihambaye cane n’uko ishure ridushira mu murwi w’abandi bantu kanaka tumenyana na bo. 🤝
Umuntu ahisemwo kwigumira i muhira, ntaje kw’ishure, abo bantu ntaho bahurira; kandi kutabamenya biragira ingaruka cane kw’iterambere ryabo muri kazoza. 🌱➡️🚀
4️⃣ Tuhakura indero n’urutonde — Discipline et ordre 🧭📏
Ishure ritwigisha inyifato nziza no kugira ico twubaha. 🙏
Ku mwana yakurikiranye neza intunganyo z’ivyigwa n’amashure, usanga vy’ukuri afise inyifato ataho ihurira n’uwutigeze aca ku ntebe y’ishure. 🎓✨
5️⃣ Tuhakura imyiyumvirire myiza — Mentalité positive 🧠🌱
Uko umuntu yaciye ku ntebe y’ishure, yiyumvira ntaho aba ahuriye n’uwutigeze aca ku ntebe y’ishure. 💭📚
Ubwo bumaro bw’ishure bugenda buriyongera canke butsimbatara bivanye n’ingene umuntu abandanije akunda canke yitaho ishure. 📈📖
Kur’ivyo vyose, ntitwokwirengagiza kuvuga ko ivyo dukura kw’ishure bihadikirizwa n’akame kamere kacu — développement personnel. 🧠🌱
Bisigura ko ushobora kuronswa inyigisho nziza, kandi mbere kw’ishure ryiza, ariko ugasanga inyifato zawe n’imyiyumvirire yawe bigumyemwo agahaze kubera ukuntu wewe ubwawe uteye. 🤔
✅ NONE TWOKURA IKI MURI VYO VYOSE?
Twisunze ivyo vyose tuvuze aho haruguru, turemera icese ko kwiga atari uguta umwanya. 🎓❌⏳
Urashobora kuba utararonka uburyo ukamisha ivyo wakuye kw’ishure, ariko uwize wese aho ari amenye ko atataye umwanya. 📚💪
Ahubwo ikimaze kwigaragaza n’uko uko iminsi yegera imbere, abantu baba bahisemwo kutiga canke kutabandanya amashure baravyicuza cane. ⏳😔
Turangije, dutera intege urwaruka kandi dukeza n’abariko bariga. 👏🎓❤️ Vy’ukuri mumenye ko mwagize amahitamwo meza ya mbere mutazopfa mwijujije kuba mwarayagize. 🌟📚
🔥 IGIHE COSE MUZOHAGARIKA KWIGA, MUZOHAGARIKA GUTERA IMBERE.
📢 Musomyi, nawe uremeranya natwe? 🤔👇
💬 Tumenyeshe iciyumviro cawe muri commentaires.
MN: Tugiye kubashikiriza inkuru nyinshi zigaruka ku mashure, ku rwaruka no k'ubuzi.