14/08/2025
Zaburi 91:10 Ntakibi kizogira icokikugira
Kandi ntacago kizokwegera ihema ryawe
Shalom
Ino si tubamwo irimwo ibirusha n ibigeragezo
Hari vyinshi bidushikira bigamije gucecekesha ijwi ry ukwizera ,nishimwe dufitiye Imana
Ariko inkuru nziza n uko ivyo vyose Imana yamaze kubitsinda
Ntubitinye wewe niwihagararir kuco yavuze gusa uzisanga uri uwunesha kdi agenda atsinda ibihe vyose
Daniel Imana yari kuruhande rwiwe nigihe atari bwatererwe murwobo rwintambwe ariko yigaragaje amaze kurujamwo
Nawe ntiwihebe ngo Imana yaragutaye oya gumya ukwizera ko naho woca munzuzi amazi atazo kurengera ko naho woca mumuriro imbeya zitazo kubabura kubera Imana
Uhoraho na kuzigame ,aguhe umugisha kandi agukomerez ukwizera
Shalooom🙌
Pastor Léon Chadrack NSENGIYUMVA ✍️