19/04/2026
đď¸ : "
kuri uyu wa 19 Ndamukiza 2026,muri zone Bubanza hatunganizwe inama yariko ihuza abagumyabanga b'iyo Zone, mu ntumbero yo kurabira hamwe ivyaranguwe muri zone mukiringo indogozi za zone Bubanza zimaze ziramutswa umugambwe no kurabira hamwe ivyokomeza kuyiteza imbere.
âď¸ Inyuma y'umwihwezo w'ivyagiye bishikirizwa, vyagaragaye ko iyo Zone iriko iratera intambwe mubijanye nokurwiza igiterwa njabukamazi n'ibindi vyankenerwa. Naho biri uko, umunyamabanga muri zone yasavye abagumyabanga kubandanya bafatanye munda, bubahane, bubahe indongozi, banazishigikize ibikorwa bishikana Zone kw'iterambere Rirama. Yaciye asaba kandi ko inama ya Komine Bubanza yobafasha ku kibazo c'abana bo mw'ibarabara biyerereza mu gisagara ca kuko ngo boshobora no gutuma umutekano uhungabana.
đď¸Mw'ijambo ry'iwe, , umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu Ntara ya yashimiye abagumyabanga ba Zone Bubanza kuri ico ciyumviro bagize co kuja hamwe ngo bige kuvyotuma iyo Zone ikomeza gutera imbere. Yasavye ko uw'ariwe wese yogira uruhara mu vyiyumviro vyubaka Zone mu kwubahana no kwirinda amajambo abiba urwanko.
Iyo nama ikaba yasozerewe nogushiraho umurwi ujejwe kuraba nigute zone yotera imbere? hokorwa iki kugirango iterambere rya zone ritsimbatare .
Cndd-Fdd