Focode

Focode Organisation burundaise engagée dans la défense des droits humains de la démocratie et de l'Etat de droits au Burundi

🔴 Uyu muntu aho yakoreye amarementanya, barakwiye kumuhindurira akazi, yarushe !Lieutenant-colonel Pierre Nkurikiye, umu...
02/09/2026

🔴 Uyu muntu aho yakoreye amarementanya, barakwiye kumuhindurira akazi, yarushe !

Lieutenant-colonel Pierre Nkurikiye, umuvugizi w'ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo umutekano, yaraye yerekanye abasirikare babiri bambaye amapingu : umwe akiri mu kazi (adjudant-chef Désiré Ndikumasabo) n'uwundi yamaze gukukuruka (caporal-chef Jean-Marie Manirambona). Abo bantu ngo Bob Rugurika yabarondeye kw'iterefone muri kigarama 2015, ata na hamwe bari bazinanye, buno nyene aca abatuma igikorwa co kumuronderera abantu bo mu nzego z'umutekano "bohungabanya umutekano w'igihugu". Bavuga koBob yaciye abarungikira 500.000 Fbu.

Bo nyene bavuga ko Bob yahavuye abivamwo, ba basoda baca baramwironderera, nawe ngo aca ababwira ko ari "abahemu" kubera yabasanze mw'ishirahamwe bita "BENE SAMURAGWA". Ico gihe ngo baca bamuha amazina atabaho y'abazohungabanya umutekano, Bob nawe abarungikira 300.000 Fbu. Ubu rero ngo biyagiriza icaha co kuba batabimenyesheje ababatwara, na Pierre Nkurikiye aca arabishimangira.

🔴 Utubazo ni twinshi :

1. Abantu barambitswe amapingu baca bajanwa imbere y'abamenyeshamakuru kwiyagiriza ivyaha vy'agacamutwe. Ivyo birabaho ?
Ico benshi batazi nuko abantu bose Nkurikiye yerekana ko biyemerera icaha, mu nyuma iyo bash*tse mu butungane bahakana ivyo bavuze imbere y'abamenyeshamakuru.

2. Umuntu nka Bob yohamagara uwo atazi akamutuma akazi nk'ako ?

3. Adjudant-chef Ndikumasabo avuga ngo Bob yamuhuje n'uwundi musoda atazi (caporal-chef) nabo baca bumvikana kumugenzura. Ivyo vyoshoboka gute ?

4. Aba basoda ngo bavugana na Bob rimwe mu mezi atatu. Koko abantu basangiye umugambi nk'uyo bovugana rimwe mu mezi atatu ?

5. Bivugira ko Bob yahevye umugambi wo guhungabanya umutekano hama baba aribo bagaruka kumurondera, nawe aca abagiriza ko ari abahemu, ariko aca abarungikira 300.000 Fbu ! Koko bino bintu birafise umutwe n'amaguru ?

Abamuzi bo bavuga ko Adjudant-chef Désiré Ndikumasabo asanzwe akorera iperereza, kandi yiyamanira n'imbonerakure. Umuntu asanzwe akora akazi ko kuneka abantu no kubarega mw'iperereza niwe agaruka kuvuga ko atatanze amakuru ?

Ku ruhande rwiwe, Bob Rugurika nawe yaraye atangaje ko hari qbari bamubwiye ko hariko hategurwa irementanya ryo kumwagiriza guturira amasoko, none yatangaye bihindutse ivyo guhungabanya umutekano.

🔴 Nkurikiye azogeza hehe kurementanya ?

Incuro Petero Nkurikiye amaze gukora ibintu biteye isoni gutya ntawoziharura. Muri Ndondeza yaratwagirije ko ari twebwe tunyuruza abantu bakaburwa irengero. Natwe tuti : nta kibazo, nimwugurure amadosiye y'abanyurujwe aje mu butungane, hama dukubitwe intahe mu gahanga. Tuvuze gutyo baca bahindura ngo : turabesha nta bantu banyuruzwa mu Burundi !
None ga bagenzi : turanyuruza tugakoresha inzego z'iperereza, tugaca gupfungira mu busho bw'iperereza, ubutungane bukanka kudukurikirana, Leta ikaca ituvugira ngo nta bantu banyuruzwa ? Iryo si ibara ku mutemere ?

Igihe twumiwe rwose na Petero Nkurikiye ni umusi yubahuka kwambika amapingu umukenyezi w'imyaka 18, Christa Kaneza, yari ahejeje gupfakara, aca amwagiriza ko ariwe yiyiciye umugabo !
Amakuru dufise yo yerekana ko uyo mugabo yagandaguwe n'iperereza. Nimba Nkurikiye yarubahutse ikintu nk'ico ku mukenyezi agandariye umugabo, ni igiki atazokora canke atazokwemeza ?

🔴 Akamo kuri CNIDH

CNIDH irakwiye gukora bino bintu vy'abantu bategekwa kwiyagiriza ivyaha imbere y'abamenyeshamakuru bigahagarara. Nkurikiye si sentare, iperereza si sentare. Sentare niyo yonyene yemeza ko umuntu yakoze icaha. Ahandi hose aguma ari umwere. Ni nayo mpamvu bano bantu bagera mu butungane bagahakana ivyo bategetswe kwiyambika imbere y'abarundi bose.🔴 Uyu muntu aho yakoreye amarementanya, barakwiye kumuhindurira akazi, yarushe !

Lieutenant-colonel Pierre Nkurikiye, umuvugizi w'ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo umutekano, yaraye yerekanye abasirikare babiri bambaye amapingu : umwe akiri mu kazi (adjudant-chef Désiré Ndikumasabo) n'uwundi yamaze gukukuruka (caporal-chef Jean-Marie Manirambona). Abo bantu ngo Bob Rugurika yabarondeye kw'iterefone muri kigarama 2015, ata na hamwe bari bazinanye, buno nyene aca abatuma igikorwa co kumuronderera abantu bo mu nzego z'umutekano "bohungabanya umutekano w'igihugu". Bavuga koBob yaciye abarungikira 500.000 Fbu.

Bo nyene bavuga ko Bob yahavuye abivamwo, ba basoda baca baramwironderera, nawe ngo aca ababwira ko ari "abahemu" kubera yabasanze mw'ishirahamwe bita "BENE SAMURAGWA". Ico gihe ngo baca bamuha amazina atabaho y'abazohungabanya umutekano, Bob nawe abarungikira 300.000 Fbu. Ubu rero ngo biyagiriza icaha co kuba batabimenyesheje ababatwara, na Pierre Nkurikiye aca arabishimangira.

🔴 Utubazo ni twinshi :

1. Abantu barambitswe amapingu baca bajanwa imbere y'abamenyeshamakuru kwiyagiriza ivyaha vy'agacamutwe. Ivyo birabaho ?
Ico benshi batazi nuko abantu bose Nkurikiye yerekana ko biyemerera icaha, mu nyuma iyo bash*tse mu butungane bahakana ivyo bavuze imbere y'abamenyeshamakuru.

2. Umuntu nka Bob yohamagara uwo atazi akamutuma akazi nk'ako ?

3. Adjudant-chef Ndikumasabo avuga ngo Bob yamuhuje n'uwundi musoda atazi (caporal-chef) nabo baca bumvikana kumugenzura. Ivyo vyoshoboka gute ?

4. Aba basoda ngo bavugana na Bob rimwe mu mezi atatu. Koko abantu basangiye umugambi nk'uyo bovugana rimwe mu mezi atatu ?

5. Bivugira ko Bob yahevye umugambi wo guhungabanya umutekano hama baba aribo bagaruka kumurondera, nawe aca abagiriza ko ari abahemu, ariko aca abarungikira 300.000 Fbu ! Koko bino bintu birafise umutwe n'amaguru ?

Abamuzi bo bavuga ko Adjudant-chef Désiré Ndikumasabo asanzwe akorera iperereza, kandi yiyamanira n'imbonerakure. Umuntu asanzwe akora akazi ko kuneka abantu no kubarega mw'iperereza niwe agaruka kuvuga ko atatanze amakuru ?

Ku ruhande rwiwe, Bob Rugurika nawe yaraye atangaje ko hari qbari bamubwiye ko hariko hategurwa irementanya ryo kumwagiriza guturira amasoko, none yatangaye bihindutse ivyo guhungabanya umutekano.

🔴 Nkurikiye azogeza hehe kurementanya ?

Incuro Petero Nkurikiye amaze gukora ibintu biteye isoni gutya ntawoziharura. Muri Ndondeza yaratwagirije ko ari twebwe tunyuruza abantu bakaburwa irengero. Natwe tuti : nta kibazo, nimwugurure amadosiye y'abanyurujwe aje mu butungane, hama dukubitwe intahe mu gahanga. Tuvuze gutyo baca bahindura ngo : turabesha nta bantu banyuruzwa mu Burundi !
None ga bagenzi : turanyuruza tugakoresha inzego z'iperereza, tugaca gupfungira mu busho bw'iperereza, ubutungane bukanka kudukurikirana, Leta ikaca ituvugira ngo nta bantu banyuruzwa ? Iryo si ibara ku mutemere ?

Igihe twumiwe rwose na Petero Nkurikiye ni umusi yubahuka kwambika amapingu umukenyezi w'imyaka 18, Christa Kaneza, yari ahejeje gupfakara, aca amwagiriza ko ariwe yiyiciye umugabo !
Amakuru dufise yo yerekana ko uyo mugabo yagandaguwe n'iperereza. Nimba Nkurikiye yarubahutse ikintu nk'ico ku mukenyezi agandariye umugabo, ni igiki atazokora canke atazokwemeza ?

🔴 Akamo kuri CNIDH

CNIDH irakwiye gukora bino bintu vy'abantu bategekwa kwiyagiriza ivyaha imbere y'abamenyeshamakuru bigahagarara. Nkurikiye si sentare, iperereza si sentare. Sentare niyo yonyene yemeza ko umuntu yakoze icaha. Ahandi hose aguma ari umwere. Ni nayo mpamvu bano bantu bagera mu butungane bagahakana ivyo bategetswe kwiyambika imbere y'abarundi bose.

02/09/2026

Naho wogira gute, Léonce Ngendakumana ntareka kuvuga ico yiyumvira !

Juste Gaël yamubajije ikibazo kimeze nko kumutamika inyishu kuri ibi bivugwa ko Red-Tabara iriko irakomera. Léonce Ngendakumana amwishura ati :

"Abo bantu bafata ibigwanisho jewe sindabashigikiye. Mugabo, kubera umwiheburo n' ishavu bagirira muri ubwo buhungiro NDABATEGERA. None ubuze aho uvugira, abantu ntibakwumvirize, ukavuga uti jewe nashaka gutaha bikanka, bica bigenda gute ? Baca bagenza benuko. (...)
Abantu baze baremera tuvugane ukuri. Umuntu agusavye gutaha ku neza, ukamwankira, aca aheba ? Aregereza kuzoca mu zindi nzira zose zishoboka, mpaka atahe."

Abantu bagishobora kuvuga ukuri nkuko mu Burundi baraharuye pe !

Ireresi y'Umukubito TV

TRIBUNE  : derrière toutes les crises, un pouvoir affranchi du droit  | 01 septembre 2026Par Me Cyriaque Nibitegeka Au B...
01/09/2026

TRIBUNE
: derrière toutes les crises, un pouvoir affranchi du droit

| 01 septembre 2026
Par Me Cyriaque Nibitegeka

Au Burundi, chaque crise semble avoir son propre visage. Les disparitions forcées, les exécutions extrajudiciaires et les arrestations arbitraires relèveraient de la sécurité. Les détentions sans jugement ou prolongées au-delà de la peine seraient des dysfonctionnements judiciaires. Les pénuries de carburant, la dépréciation de la monnaie et l'explosion du coût de la vie appartiendraient au registre économique. La corruption et l'opacité des marchés publics seraient, quant à elles, de simples défaillances de gouvernance.

Cette lecture en silos masque pourtant l'essentiel : ces crises ne sont ni isolées ni parallèles. Elles procèdent d'une même pathologie institutionnelle : l'effacement de l'État de droit.

Un État de droit n'est pas seulement un État qui produit des lois. C'est un État dans lequel la puissance publique accepte d'être liée par les règles qu'elle impose aux citoyens. Or, au Burundi, la loi existe, mais son autorité disparaît à mesure qu'elle s'approche du pouvoir. Les institutions chargées de le contrôler sont fragilisées, empêchées d'agir ou privées de leur effectivité. Les puissants bénéficient d'une impunité qui contraste avec la rigueur imposée au citoyen ordinaire. La règle ne disparaît pas : elle devient sélective.

La solidité d'un État de droit se vérifie pourtant à l'épreuve d'une question simple : que se passe-t-il lorsque le pouvoir lui-même viole la règle ?

L'affaire : quand la culpabilité précède le jugement

Le cas du Dr Christophe Sahabo, ancien directeur général de l'hôpital Kira à Bujumbura, condense plusieurs dérives de la justice burundaise.

Arrêté en avril 2022 dans le cadre d'un différend portant sur la gestion de l'établissement, il a été détenu pendant plusieurs semaines dans les locaux du Service national de renseignement, sans accès normal à ses avocats ni à sa famille, avant d'être présenté à un magistrat.

Plus préoccupant encore, alors qu'un audit financier commandé par l'hôpital n'avait pas établi les malversations qui lui étaient reprochées, le chef de l'État s'était publiquement prononcé sur sa culpabilité avant toute décision judiciaire.

L'enjeu dépasse le sort d'un seul justiciable. Il touche à la présomption d'innocence, à la séparation des pouvoirs, à l'indépendance du juge, au principe même de l'État de droit.

Quand une autorité politique désigne le coupable avant que le tribunal ne siège, sa seule parole tient lieu de vérité, que la justice n'a plus qu'à entériner. Le juge, dès lors, cesse d'exercer sa fonction première : dire le droit et établir la vérité. Il n'instruit plus, il avalise. Son rôle se réduit à recouvrir d'un vernis judiciaire une sentence déjà rendue ailleurs, dans les couloirs du pouvoir. Ce n'est plus un jugement, c'est un blanchiment : la robe couvre la décision politique, lui prête les apparences de la loi, et fait passer l'arbitraire pour du droit.

La justice peut conserver ses tribunaux, ses audiences et ses procédures. Mais si elle ne dispose pas de garanties suffisantes d'indépendance et d'équité, elle cesse d'apparaître comme un véritable contre-pouvoir.

La rupture de l'État de droit commence précisément là : non lorsque la loi disparaît, mais lorsqu'elle change selon l'identité, le rang ou les protections du justiciable.

et : La terreur au service du pouvoir

Le même dérèglement traverse l'appareil sécuritaire, et cette fois, ce n'est plus la justice qui s'incline devant le pouvoir, c'est le contrôle de la force elle-même qui disparaît.

Depuis plusieurs années, le Comité des Nations unies contre la torture et le Rapporteur spécial sur la situation des droits de l'homme au Burundi documentent des actes de torture et des mauvais traitements dans les centres de détention de la police et du Service national de renseignement.

Le rôle des Imbonerakure, ligue des jeunes du parti au pouvoir, illustre plus largement encore l'ampleur du problème. Une Commission d'enquête des Nations unies a établi que cette organisation agit « hors de tout cadre légal et dans une impunité quasi totale », avec l'aval et sous le contrôle effectif de l'État.

Dans certaines localités, ses membres se substituent aux forces de sécurité et sont accusés d'arrestations arbitraires, de violences et d'extorsions, ainsi que d'implication dans des homicides visant des opposants réels ou supposés.

Dans un État de droit, le recours à la contrainte ne peut être abandonné à une organisation politique. Il doit relever d'autorités légalement constituées, soumises à des règles de compétence, de procédure et de responsabilité.

Que d'anciens responsables des Imbonerakure accèdent ensuite à des fonctions ministérielles empêche de réduire ces violences à de simples débordements individuels. Lorsque des actes d'une telle gravité restent sans enquête, sans sanction et sans jugement effectifs, l'impunité cesse d'être une simple défaillance du système : elle devient l'un de ses mécanismes.

La protection ne vient alors plus de la loi, mais de la proximité avec le pouvoir.

En : une intervention militaire hors du cadre constitutionnel

Ce même affranchissement du contrôle se retrouve jusque dans la conduite de la politique militaire extérieure, là où la Constitution avait précisément voulu qu'un contre-pouvoir s'exerce.

L'engagement militaire du Burundi en République démocratique du Congo soulève une question fondamentale : qui peut décider, au nom de la nation, de l'envoi de troupes à l'étranger ?

La Constitution prévoit un rôle au Parlement dans l'autorisation d'un tel engagement. Pourtant, depuis plusieurs années, des militaires burundais sont déployés dans l'est de la RDC.

Quelles que soient les justifications sécuritaires avancées par les autorités, une opération extérieure ne peut être soustraite au contrôle démocratique prévu par la Constitution. Elle engage la vie des soldats, mobilise les finances publiques, affecte la sécurité nationale et expose le pays à des conséquences diplomatiques durables.

Le respect de la compétence parlementaire n'est donc pas une formalité. Il conditionne la légalité et la légitimité de la décision. Un Parlement écarté de cette décision cesse, sur ce dossier au moins, d'exercer sa fonction de contre-pouvoir.

Par ailleurs, l'engagement de troupes burundaises en dehors du cadre constitutionnel dépasse la seule violation d'une procédure. Par sa nature et sa gravité, il pourrait constituer l'infraction de haute trahison prévue par l'article 117 de la Constitution.

Lorsque la nation est engagée, elle doit l'être conformément à la loi. L'envoi de soldats au-delà des frontières ne peut relever du domaine réservé de quelques détenteurs du pouvoir.

Camp Base : l'État gardien du risque et débiteur de la réparation

Le même refus de rendre des comptes se retrouve, sous une forme radicalement différente, dans la gestion des risques que l'État fait courir à ses propres citoyens.

Depuis plus d'une décennie, des marchés burundais sont régulièrement ravagés par des incendies, sans que des enquêtes crédibles n'en établissent les causes ni n'en identifient les responsables. Les flammes emportent les marchandises, les économies, parfois toute une vie de travail. Les victimes, elles, restent en attente de vérité et de réparation.

L'explosion, fin mars 2026, d'un dépôt de munitions militaires à Camp Base, au cœur d'un quartier résidentiel de Bujumbura, donne à cette question une gravité supplémentaire : au moins treize morts, cinquante-sept blessés, de nombreuses habitations endommagées.

Une question juridique s'impose alors : qui répond d'un risque que l'État seul crée, organise et contrôle ?
Le stockage de munitions est une activité dangereuse relevant d'une fonction régalienne. Lorsqu'un tel risque se réalise, l'État ne saurait en rejeter les conséquences sur les citoyens qui le subissent.

Une enquête indépendante demeure indispensable. Mais l'indemnisation des victimes ne devrait pas attendre la démonstration d'une faute personnelle. Les articles 259 et 260 du Livre III du Code civil burundais posent en effet le principe de la responsabilité pour le dommage causé par son fait, sa négligence ou son imprudence, ainsi que par les choses que l'on a sous sa garde.

Un dépôt de munitions placé sous la garde et le contrôle exclusifs de l'État relève directement de cette logique. Les victimes sont donc fondées à réclamer réparation pour les décès, les blessures, les destructions et les autres préjudices subis.

Quand l'État crée et contrôle un risque exceptionnel, il lui appartient d'en assumer les conséquences. Sans enquête, sans responsabilité, sans indemnisation, le droit n'est plus qu'une lettre morte et les victimes, une fois de plus, seules.

Carburant : derrière la pénurie, l'opacité

La crise du carburant dévoile une autre facette du même dérèglement.

Pénuries chroniques, quotas, files interminables, marché noir, soupçons de détournement, opacité totale sur la gestion des devises : derrière la pénurie se cache une question que le pouvoir préfère taire : qui contrôle ceux qui gèrent les ressources publiques ? Et surtout : qui les protège de tout contrôle ?

Un État de droit ne se contente pas d'annoncer une mesure administrative à chaque crise, comme on jette un pansement sur une plaie qu'on refuse de soigner. L'administration doit rendre des comptes : expliquer ses décisions, livrer les données qui permettent de les vérifier, se soumettre au contrôle d'une autorité réellement indépendante.

Quand des citoyens patientent des heures pour quelques litres pendant qu'un marché parallèle prospère au vu et au su de tous, le problème a cessé d'être économique. Il est devenu politique. Il est devenu institutionnel.

Une pénurie peut naître de difficultés économiques réelles. Mais lorsqu'elle s'installe dans l'opacité, sans contrôle indépendant ni reddition de comptes, elle cesse d'être un accident conjoncturel : elle devient le symptôme d'un État où les gouvernants et leurs proches profitent de la crise pour leur enrichissement personnel, aux dépens des gouvernés qui en subissent les conséquences.

Le paradoxe est là, et il est cynique : à l'humble citoyen, la loi dans toute sa rigueur ; à quiconque détient une parcelle de pouvoir, l'exemption, pour lui, et pour se proches.

Marchés publics : un cadre légal impuissant devant les puissants

Le même paradoxe gouverne la commande publique.
Le Burundi ne manque ni de textes, ni d'institutions, ni d'engagements internationaux censés prévenir la corruption, le favoritisme, les conflits d'intérêts. Et pourtant : soupçons persistants sur l'attribution des marchés, traçabilité défaillante, procédures opaques : la défiance ne cesse de grandir, et elle est fondée.

Le Burundi ne souffre pas d'un déficit de lois. Il souffre d'une mentalité, celle de gouvernants qui considèrent la loi comme faite pour les autres, et d'un déficit de courage à la leur appliquer.

La législation anticorruption la plus ambitieuse du monde ne vaut rien si ceux qui détiennent le pouvoir politique ou administratif savent, par expérience, qu'elle ne les atteindra jamais. Une loi qui épargne systématiquement les gouvernants n'est plus une règle générale : c'est une contrainte à sens unique, taillée pour les seuls gouvernés.

L'enjeu est de rendre le pouvoir justiciable, de garantir l'indépendance réelle des organes de contrôle, d'imposer la traçabilité de toute décision engageant l'argent public.

Restaurer la primauté de la loi

Pris isolément, chacun de ces dossiers pourrait être présenté comme un problème sectoriel : une affaire judiciaire, une dérive sécuritaire, une opération militaire, une catastrophe, une pénurie ou un manquement dans la gestion des ressources publiques.

Le commerçant ruiné sans indemnisation, le médecin détenu sans procès équitable ou l'automobiliste contraint d'acheter à prix fort un carburant devenu rare se heurtent au même système : des institutions qui ne protègent plus suffisamment le citoyen contre l'arbitraire.

Il serait toutefois erroné d'y voir une fatalité culturelle ou régionale. Le Burundi dispose des ressources humaines et institutionnelles nécessaires pour engager un autre chemin : une population politiquement mature, des compétences nombreuses dans le pays comme dans la diaspora, et des abus qui touchent désormais les citoyens au-delà des clivages traditionnels.

Aucune réforme sectorielle ne produira cependant de résultats durables sans un préalable : restaurer la primauté de la loi.

Cela suppose une justice capable d'enquêter sur le pouvoir sans craindre le pouvoir ; un Parlement en mesure de contrôler réellement l'exécutif ; une administration dont les décisions peuvent être contestées ; des mécanismes effectifs de contrôle des forces de sécurité ; une véritable transparence budgétaire ; ainsi qu'une protection réelle des journalistes et des lanceurs d'alerte.

Une règle doit prévaloir : nul n'est au-dessus de la loi. Ni le président de la République, ni le ministre, ni le responsable du renseignement, ni le haut fonctionnaire, ni le dirigeant du parti au pouvoir, ni le militaire, ni celui qui bénéficie de la protection d'un puissant.

L'État de droit n'est pas un luxe réservé aux démocraties stabilisées. Il est précisément la condition de la stabilité.

Qui acceptera de gouverner sous la contrainte du droit ?

Reste alors la question la plus inconfortable : qui peut mettre en œuvre cette réforme, préalable à toutes les autres ?

Peut-on raisonnablement attendre du régime actuel, dont le fonctionnement a contribué à l'affaiblissement des contre-pouvoirs, qu'il édifie les mécanismes destinés à limiter son propre pouvoir ? Peut-on demander à ceux qui bénéficient de l'opacité d'organiser la transparence, à ceux qui profitent de l'impunité d'établir une justice indépendante et à ceux qui concentrent le pouvoir de fortifier les institutions chargées de les contrôler ?

Tout le paradoxe est là : restaurer l'État de droit suppose que le pouvoir accepte de renoncer à sa faculté d'agir sans contrôle et de se soumettre au droit.

Or, l'absence d'État de droit compromet précisément les conditions d'une véritable alternance. Faut-il d'abord changer le pouvoir pour restaurer l'État de droit, ou restaurer l'État de droit pour rendre possible le changement de pouvoir ?

C'est le problème de l'œuf et de la poule. Mais une chose est sûre : le Burundi n'a pas seulement besoin de nouveaux dirigeants. Il a besoin d'un nouveau rapport au pouvoir : gouverner ne doit plus signifier disposer de l'État, mais accepter de s'y soumettre. Le Burundi n'a pas seulement besoin d'une alternance des personnes. Il a besoin d'une alternance des règles du jeu.

La question décisive n'est donc pas seulement de savoir qui gouvernera demain, mais qui acceptera de gouverner sous la contrainte du droit, et comment cette personne accédera aux rênes du pouvoir dans un système où les règles mêmes de l'alternance sont totalement truquées ?

Et surtout : quelles institutions seront suffisamment solides et indépendantes pour empêcher ce dirigeant, quel qu'il soit, de devenir à son tour le problème qu'il prétendait résoudre ?..........................................
🔴L’auteur

Me Cyriaque Nibitegeka est juriste burundais, ancien enseignant à l’Université du Burundi et avocat inscrit au Barreau de Bujumbura. Il exerce aujourd’hui comme conseiller juridique auprès d’une organisation internationale humanitaire.

🔴Les opinions exprimées dans cette tribune n’engagent que leur auteur. Elles ne sauraient être attribuées à son employeur et n’engagent en aucune manière .

— Les faits au-delà des discours

La Rédaction

🔴 Iperereza ry’Uburundi ryoba ritanguye kurungika abakozi baryo mu ntambara y’Uburusiya na Ukraine canke bariko bararihi...
31/08/2026

🔴 Iperereza ry’Uburundi ryoba ritanguye kurungika abakozi baryo mu ntambara y’Uburusiya na Ukraine canke bariko bararihinga ?

Amafoto y’umupolisi Hassan Nimubona yitazira Mohamed Love ariko arahanahanwa, akamwerekana ari mu mwambaro w’ingabo z’Uburusiya. Hassan Nimubona yarakoreshejwe n’iperereza mu guta mu rudubi abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD, benshi baramwizeye kuko nawe yari yigira uwugwanya CNDD-FDD, vyarangiye abatari bake banyurujwe n'iperereza baburwa irengero ryabo.

🔴 Ikibazo hano ni ico kumenya ko Hassan Nimubona yoba yarungitswe n’iperereza ry’Uburundi mu ntambara y’Uburusiya na Ukraine, canke ko yoba yarataye akazi akigira mu Burusiya guca amahera. Uworonka umuco yowudusangiza.

Hari benshi muri kino gihe bajanwa muri iyo ntambara bavuye mu Burundi no mu bindi bihugu vy'Afrika. Abatari bake bagenda batazi ko bagiye kugwana, babwirwa ko bagiye kwiga canke ko baronseyo ubuzi. Hari abagenda babizi neza ko bagiye kugwana, kubera bemerewa umushahara munini. Nka bose bagwa ku rugamba, nta n'ibiziga vyabo bitorwa, bashirwa imbere mu bibanza bitoroshe, nk'ivyo Ukraine yatezemwo ama mines. Bapfuye, kenshi na ya magera aherayo.

---------------------

Tubibutse amabi Hassan Nimubona yavuzwemwo n'ingene Focode yababuriye muri 2021.

🔴 IMBURI !

Ukaba uvugana n'uyu mupolisi uriyubara cane !

Biragoye kumenya izina ryiwe ry'ukuri. Hamwe yitwa Hassan Nimubona, ahandi yitwa Hassan Mohamed, ahandi akiyita Mohamed Love. Akoresha amanimero menshi cane ya telefone kandi ayahindagura incuro nyinshi. Turafise inomero umunani amaze gukoresha zo mu bihugu bitandukanye nka Arabia Saoudite, Rwanda, Ouganda, Kenya, Zambia n'izindi zo mu Burundi (Econet-Leo, Smart na Lumitel). Umusanga mu ma groupes WhatsApp atagira igitigiri. Henshi arumviriza ibivugirwayo akaca atangura kwandikira abantu inbox akabagira abagenzi, canecane abo yibaza ko badakunda CNDD-FDD. Yahoze arwana muri FNL, ni nayo mpamvu umurwi wa mbere akurikira kandi aronderamwo "abagenzi" ari abahoze barwana muri FNL, ni nawo murwi amaze gutangamwo benshi bakaburwa irengero. Aramaze gukorera mu makambi menshi y'igipolisi, aho tumuzi cane ni muri API no muri PSR. Abo agira abagenzi bose abaganiriza ivyiyumviro vyo kugwanya ubutegetsi, abatamuzi bakaja narwo.

1. Inyuruzwa rya Theogene Nsengiyumva, Jean-Berchmans Ntakirutimana na Ferdinand Muterateka muri munyonyo 2018.

Aba bagabo batatu bose bari abanywanyi bakomeye ba FNL ya Rwasa. Theogene Nsengiyumva yava ku Musaga, yari ahejeje igisata ca Sciences politiques kuri Université du Lac Tanganyika, muri 2015 yari yaratowe mu nama mpanuzwajambo ya komine Muha, muri 2017 yarapfunzwe hanyuma ararekurwa inyuma y'umwaka, yari umuntu akurikiranwa cane n'iperereza naho yavukana n'umwe mu bakozi b'iperereza azwi kw'izina rya Joe Dassin. Jean-Berchmans Ntakirutimana yari mu batowe kurongora Quartier Masama ya zone Kanyosha. Ferdinand Muterateka yari umunywanyi akunda cane FNL ya Rwasa. CNDD-FDD yashaka gufuta FNL mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura ari nayo mpamvu yahama cane abatowe muri ako gace. Ku wa 16 munyonyo 2018, umupolisi Hassan Nimubona ariwe Love yahenze abo bagabo batatu ngo bahurire mu kabare ko mu Kanyosha, hafi yaho bita kwa Musitanteri. Hari ubutumwa budasanzwe yavuga ko abazaniye, nabo bari bamufata nk'umuvukanyi basangiye urugamba. Haheze akanya bari kumwe bagiye babona imodoka zibiri zo mw'iperereza zibashwaramwo, babaryamika hasi, babambika amapingu barabajana. Kuva ubwo nta ka yambu kabo kiretse Hassan Nimubona yabandanije akazi kiwe ukuri kwamye. Abamubajije uko we vyagenze, yabishuye ko yasanze menoti yiwe itugaye neza, hanyuma bageze ku kiraro ca Kanyosha arasimba ava mu modoka. Ico atishura ni ingene batasubiriye kumurondera kandi ari umupolisi azwi ahubwo akabandanya akorera mw'ikambi yacungera Prezida Nkurunziza !

2. Inyuruzwa rya Methoucella Hatungimana muri ntwarante 2019.

Muri ntwarante 2019, umunyeshure Methoucella Hatungimana yari yiga kuri Lycée Kanyosha yaragirijwe ko ariwe yamanitse ivyandiko bidasinye (tracts) vyabonetse ku biti vy'amatara aho mu Kanyosha. Izo nyandiko zavuga nabi ubutegetsi bwa Nkurunziza. Abakozi b'iperereza baraje gufata Methoucella Hatungimana baramubura. Methoucella abonye bikomeye aca atabaza incuti n'abagenzi bari barahunze igihugu kugira bamufashe kuronka impapuro z'inzira nawe abone guhunga. Abo yatabaje bari bahoze barwana muri FNL, baca batabaza umupolisi Hassan Nimubona ariwe Love Mohamed nawe aremera kubafasha. Ku wa 14 ntwarante 2019 mu gatondo niho Hassan yahura na Methoucella kugira bace baja kuri PAFE. Bapfuye guhura, Methoucella Hatungimana aba arafashwe n'iperereza. Kuva ico gihe ntarigera asubira kuboneka. Uwanyuma bavuganye kuri telefone yari Hassan Mohamed. Methoucella yarafashwe, Hassan ntiyigeze akomwakomwa, ahubwo yabandanije kuba mw'ikambi yacungera Petero Nkurunziza. Uwo musi nyene, bamaze gufata Methoucella Hatungimana, Hassan ari kumwe n'uwundi mubisha wo mw'iperereza yitwa Fabrice bagerageje gutega abagenzi babiri ba Methoucella birabananira.

3. Inyuruzwa rya Thierry Niyonkuru.

Thierry Niyonkuru yamenyaniye n'umupolisi Hassan Nimubona ariwe Love Mohamed muri groupe WhatsApp yitwa Carrefour des idées. Iyo groupe abayirimwo bitwa ko bahana amakuru ku buzima bw'igihugu bakagira nico babuvuzeko.
Ni gutyo Hassan na Thierry bavuye mu vyiyumviro vya groupe batangura kuganira Inbox, mu nyuma batangura no kugenderanira, Thierry aja narwo ngo yaronse "umugenzi" nyawe. Ku wa 06 nyakanga 2021, Thierry Niyonkuru yaherekeje umukenyezi wiwe n'umwana muri komine Rutegama, araheza amarayo imisi ine. Ku wa gatanu uheze (10 nyakanga), Thierry yagarutse mu gisagara ca Bujumbura. Imbere yo kugaruka, Thierry yaronse telefone ya Hassan Nimubona amusaba ko yomuhitanira intumbaswa. Ivyo bintu ntibimenyerewe ko umugabo atuma abamuzanira intumbaswa ariko bikaboneka ko yamutumye ikintu c'amafaranga make adashobora kumuhakanira kandi catuma bategerezwa kubonana agarutse. Thierry Niyonkuru yash*tse kuri Gare du Nord isaha icumi z'umuhingamo, aramenyesha umuryango ko ash*tse impore, aca arahamagara Hassan Mohamed Love kugira amuhe za ntumbaswa. Amakuru atangwa na Hassan avuga ko bumvikanye ko Thierry ahitaniza izo ntumbaswa ku rugo rwa Hassan agasanga umugore amutegereye hafi ya station butanyerera mw'ibarabara rya Bujumbura-Musaga. Hassan yemeza ko vyagenze gutyo, ko Thierry yashikanye intumbaswa aca abandanya atumbera ku Musaga ari muri Bajaj, ariko ko yigiye imbere gato yaciye afatwa n'abantu bari muri TI y'ibiyo bitabona, harimwo abagabo babiri bambaye umwambaro w'igipolisi. Iyo modoka yoba yaciye imanuka iciye mu kabarabara gaca mu Kinanira kamanukira kuri École internationale de Bujumbura. Bajaj yo yaciye igaruka kubwira muka Hassan ko uwabo ahejeje gufatwa. Kuva ico gihe nta gakuru ka Thierry Niyonkuru. Hassan Nimubona niwe yabaye uwa mbere gutangaza iyo nkuru, ntiyanatinya kumenyesha ko ariko arabitanga muri Ndondeza. Bigenda gute ngo umupolisi ntatinye gutangaza ko ariko aravugana na Ndondeza ? Vyaradutangaje.

4. Imitego Hassan Nimubona akoresha.

Ikintu kiboneka ku bantu bose banyuruzwa bahejeje kubonana n'umupolisi Hassan Nimubona ariwe Love Mohamed nuko baba bitwa ko ari abagenzi biwe bakomeye. Iruhande y'ubwo bugenzi baba baganira ibibazo bikomeye bijanye no kutemera ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Mutubabarire, ngaha hariho ivyo tudashimye gutomora tuzoha urwego rwigenga ruzoba ruriko rurakora amatohoza y'ukuri. "Abagenzi" bamaze gufatwa, Hassan Nimubona abandanya kuvugisha ababo canke abagenzi babo, akanavuga uko vyagenze, ariko ntiyigera asigura ingene we mu nyuma adakorwako kandi abafatwa baba bariko baravugana na Hassan, bakabasangana numéro ya Hassan nk'umuntu bavuganye ubwa nyuma.

Benshi mubo afatisha, Hassan Nimubona abakura mu ma groupes ya WhatsApp. Dufatiye kuvyo Hassan Nimubona akora co kimwe n'abandi bakozi b'iperereza batari bake, twarigeze gutegura inyigisho zijanye n'imitego y'iperereza kugira abantu biyubare cane. Izo nyigisho mu kanya turazibashirira ku rubuga rwa Telegram kugirango abatarazumva musubire muzumvirize kandi muzihe n'abanyu, ntihazobura abo zikiza. Kumbure umutego Thierry Niyonkuru yaguyemwo ntiwari kumufata iyo aba yarumvirije izo nyigisho.

Mugabe.

Ukaba uzinanye na Hassan Nimubona ariwe Love Mohamed, akaba atanguye kukwitwararika akayugisha ivya politike, nimba bishika akakuyagisha ibijanye n'imirwi y'abarwanyi, mugenzi imisi yawe y'ukubaho irageramiwe ! Bagenzi mwirinde rwose abo bantu mutazi mwahuriye mu ma groupes WhatsApp, mukumva umengo musangiye ivyiyumviro vya politike kandi ataho muzinanye maze mutangura kuyaga amabanga akomeye. Groupe WhatsApp irimwo uruhendo rukomeye kuko igufatanya n'uwo utazi ukamengo akubereye umuryango. Muragabe.

Adres

Liège
4000

Meldingen

Wees de eerste die het weet en laat ons u een e-mail sturen wanneer Focode nieuws en promoties plaatst. Uw e-mailadres wordt niet voor andere doeleinden gebruikt en u kunt zich op elk gewenst moment afmelden.

Contact De Organisatie

Stuur een bericht naar Focode:

Snelkoppelingen

Delen